1 Imana ibwira Yakobo iti: "Va hasi uje i Beteli abe ari ho uba. Uze uhubakire igicaniro ya Mana yakwiyereka igihe wariko urahunga mwene nyoko Esawu."
2 Nuko Yakobo abwira umuryango wiwe n’abari kumwe na we bose ati: "Nimukure ibigirwamana vy’abanyamahanga hagati muri mwebwe mwihumanure kandi mwambare impuzu nshasha. 3 Tugiye kuva hano tuje i Beteli, aho nzokwubakira igicaniro ya Mana yishura ugusenga kwanje igihe nari mu makuba, ikagumana nanje aho nagiye hose." 4 Nuko bazanira Yakobo ibigirwamana vy’abanyamahanga bari bafise vyose n’ivyo bari bambaye ku matwi, maze abihamba musi y’igiti kinini cari hafi y’i Shekemu. 5 Yakobo n’abahungu biwe bavuye aho hantu, ubwoba butewe n’Imana bufata abantu bo mu bisagara vyari bihakikije. Nta muntu n’umwe yubahutse kubakurikirana.
6 Nuko Yakobo n’abari kumwe na we bose bashika i Luzi, ari ho Beteli, mu gihugu c’i Kanani, 7 aca ahubaka igicaniro maze ahita Eli Beteli, bisigura "Imana y’i Beteli", kuko ari ho Imana yari yaramwiyerekeye igihe yariko arahunga mwene nyina Esawu.
8 Hanyuma Debora, umurezi wa Rebeka, arapfa, ahambwa musi y’igiti kinini hafi ya Beteli. Maze ico giti bacita Aloni Bakuti, bisigura "igiti c’amarira".
9 Inyuma yo kuva i Padani-Aramu, Imana yongera kwiyereka Yakobo iramuhezagira. 10 Imana iramubwira iti: "Izina ryawe ni Yakobo, ariko kuva ubu ugiye kwitwa Isirayeli." Nuko Imana imwita Isirayeli.
11 Imana yongera iramubwira iti: "Ndi Imana Mushoboravyose. Rondoka ugwire. Uzohinduka ihanga rinini, mbere amahanga menshi azokomoka kuri wewe, kandi abami bazova mu nda yawe. 12 Nzoguha igihugu nahaye Aburahamu na Isaka; nzokiguha wewe n’uruvyaro rwawe." 13 Hanyuma Imana iva aho hantu yari iriko iravuganira na we.
14 Nuko Yakobo ashinga ibuye mu kibanza Imana yavuganiyemwo na we, arisukako umuvinyu, nk’ishikanwa ashikaniye Imana, arisukako n’amavuta. 15 Maze aho hantu Imana yavuganiye na we, Yakobo ahita Beteli, bisigura "inzu y’Imana".
16 Nuko bava i Beteli bagenda bagana ahitwa Efurata. Bakiri mu nzira, Rasheli afatwa n’inda kandi agira ububabare bwinshi cane. 17 Muri ubwo bubabare bwo kuvyara, umwakirizi aramubwira ati: "Ntutinye, usubiriye kuvyara umuhungu." 18 Ariko Rasheli yariko arapfa. Imbere yo gucikana amwita Beni-Oni, bisigura "umuhungu wo mu mubabaro wanje". Ariko se amwita Benyamini, bisigura "umuhungu w’ukuryo kwanje".
19 Rasheli apfuye, bamuhamba hafi y’inzira ija muri Efurata, ari ho i Betelehemu. 20 Nuko Yakobo ashinga ibuye ry’icibutso ku mva ya Rasheli, kandi riracahari gushika n’uno musi.
21 Isirayeli aca arunguruza ashinga amahema hakurya y’ahitwa Migidali Ederi. 22 Isirayeli akiri muri ico gihugu, Reyubeni asambana na Biluha, umwe mu ncoreke Yakobo yari yavyayeko, kandi Yakobo arabimenya.
Abahungu ba Yakobo bari icumi na babiri:
23 Abahungu ba Leya, bari
Reyubeni, imfura ya Yakobo,
Simeyoni, Lewi, Yuda, Isakari na Zebuloni.
24 Abahungu ba Rasheli, bari
Yosefu na Benyamini.
25 Abahungu ba Biluha, incoreke ya Rasheli, bari
Dani na Nafutali.
26 Abahungu ba Zilupa, incoreke ya Leya, bari
Gadi na Asheri.
Abo ni bo bahungu ba Yakobo, abo yavyariye i Padani-Aramu.
27 Nuko Yakobo agaruka mu rugo kwa se Isaka i Mamure, hafi y’i Kiriyati-Araba, ari ho hitwa Heburoni, aho Aburahamu na Isaka babaye. 28 Isaka yamaze imyaka ijana na mirongo umunani, 29 maze apfa ageze mu zabukuru, ahamvya ba sekuruza. Abahungu biwe Esawu na Yakobo baramuhamba.