Publicidade

Gênesis 31

Yakobo ava kwa Labani

1 Bidatevye, Yakobo yumva ko abahungu ba Labani bidoga bati: "Yakobo yatwaye ivya data vyose. Ubutunzi afise yabukuye mu vyo data yari atunze." 2 Kandi Yakobo atangura kubona ko Labani atakimuraba ryiza.

3 Uhoraho abwira Yakobo ati: "Subira mu gihugu ca ba sogokuruza, mu ncuti zawe; nanje nzobana na we."

4 Nuko Yakobo atumako Leya na Rasheli bamusanga mu gahinga aho yari aragiye imikuku. 5 Arababwira ati: "Ndabona ko so atakindaba ryiza nk’uko vyahora. Ariko Imana ya data yabanye nanje. 6 Murazi ko nakoreye so n’inguvu zanje zose, 7 ariko we yarandenganije, ahindura impembo yanje incuro icumi. Ariko Imana ntiyakunze ko ankorera ikibi. 8 Igihe cose so yavuze ati: ‘Ibitungwa vyose bifise amabara ni vyo bizoba impembo yawe,’ imikuku yose yaca ivyara ibifise amabara. Igihe cose yavuze ati: ‘Ibifise amabara y’imirongo bizoba impembo yawe,’ haca havuka ibifise amabara y’imirongo gusa. 9 Ni muri ubwo buryo Imana yafashe ibitungwa vya so ikabimpa.

10 Igihe kimwe ibitungwa biriko birima, nabonye mu ndoto ko impfizi zariko zirimya zari zifise amabara y’imirongo canke amabara atandukanye. 11 Maze muri iyo ndoto umumarayika w’Imana arampamagara ati: ‘Yakobo.’ Nanje nditaba nti: ‘Sabwe.’ 12 Arambwira ati: ‘Ehe raba! Impfizi zose ziriko zirimya umukuku zifise amabara y’imirongo n’amabara atandukanye. Ibi ndabigize uko kuko nabonye ingene Labani yakurenganije. 13 Ndi ya Mana yakwiyerekera i Beteli, hamwe washinga ibuye ry’icibutso ukarisukako amavuta, hanyuma ukahagirira indahiro. Ubu rero va muri iki gihugu usubire mu gihugu wavukiyemwo.’ "

14 Rasheli na Leya baramubwira bati: "Mbega hari ico tukirindiriye kuragwa mu vya data? 15 Ntasigaye adufata nk’abanyamahangakazi? Amaze kutugurisha, yaciye akoresha uko ashaka amahera wadukoye. 16 Ubutunzi bwose Imana yaguhaye buvuye mu vya data, ni ubwacu n’abana bacu. Kora rero ico Imana yakubwiye."

17 Nuko Yakobo ashira abagore n’abana biwe ku ngamiya, 18 ashorera imikuku yiwe yose imbere yiwe, hamwe n’ubutunzi bwose yaronkeye i Padani-Aramu, aja mu gihugu c’i Kanani, aho se Isaka yaba.

19 Igihe bafata urugendo, Labani yari yagiye gikemuza intama ziwe. Nuko Rasheli yiba ibigirwamana vyo mu nzu ya se arabijana. 20 Yakobo yacitse Labani Umwaramu atigeze amubwira ko ashaka kugenda. 21 Nuko Yakobo ajana ivyiwe vyose, ajabuka uruzi Efurate, atumbereye mu misozi ya Gileyadi.

Labani akurikira Yakobo

22 Haheze imisi itatu, Labani amenya ko Yakobo yahunze. 23 Nuko akoranya abo mu muryango wiwe, bagira urugendo rw’imisi indwi bakurikira Yakobo, maze bamuhambiriza mu misozi y’i Gileyadi. 24 Ariko Imana ivugana na Labani Umwaramu mu ndoto mw’ijoro iti: "Wirinde ntugire ico ubwira Yakobo, caba ciza canke kibi."

25 Nuko Labani ahamvya Yakobo kuri uwo musozi. Yakobo yari yashinze ihema mu misozi y’i Gileyadi, maze Labani n’abajanye na we na bo bashinga iryabo hafi y’aho. 26 Labani abaza Yakobo ati: "Ibi wakoze ni ibiki? Ni kuki wambeshe ukajana abakobwa banje nk’abanyazwe mu ntambara? 27 Ni kuki watorotse winyegeje, ukambesha ntumbwire ko ushaka kugenda? Nari kugutegurira umusi mukuru, nkagusezera n’indirimbo, n’ingoma n’inanga. 28 Ni kuki utampaye akanya ko gusezera abakobwa banje n’abazukuru banje mu kubagumbira? Wakoze ivy’ubupfu! 29 Nashobora kukugirira nabi, ariko Imana ya so yanyiyeretse iri joro, irambwira iti: ‘Wirinde ntugire ico ubwira Yakobo, caba ciza canke kibi.’ 30 Ndazi ko wafashe ingingo yo kugenda kuko ukumbuye cane abo mu nzu ya so, ariko none ni kuki wivye imana zanje?"

31 Yakobo yishura Labani ati: "Nari mfise ubwoba kuko nibaza ko ushobora kunyaka abakobwa bawe ku nguvu. 32 Ariko ku bijanye n’imana zawe, zirondere. Umuntu uzisangana ace yicwa. Kandi imbere y’izi ncuti zacu, ikindi kintu cose cawe utora, ndakigusubiza!" Ariko Yakobo ntiyari azi ko ari Rasheli yari yivye vya bigirwamana vyo mu nzu ya se.

33 Nuko Labani atangura kuronderera mw’ihema rya Yakobo, hanyuma aja mu rya Leya no mw’ihema rya za ncoreke zibiri, ariko ntiyagira ico abona. Mu nyuma aja mw’ihema rya Rasheli. 34 Ariko Rasheli yari yafashe vya bigirwamana abishira musi y’ico bicarako ku ngamiya, aca avyicarako. Labani ararondera mw’ihema ryiwe, ntiyagira ico ahabona.

35 Rasheli abwira se ati: "Nyakwubahwa, ntunshavurire ngo sinahagurutse imbere yawe, ndi mu bihe vy’imihango y’abagore." Nuko Labani abandanya arondera ariko ntiyashobora kubona vya bigirwamana vyo mu nzu yiwe.

36 Maze Yakobo arashavura, abwira Labani ati: "Ni ikihe caha unyagiriza? Nakoze ikibi ki caguteye kunkurikirana nk’uwukurikirana umwicanyi? 37 Ko warondeye mu vyanje vyose, hari ikintu co mu rugo rwawe wabonye? Cerekane imbere y’incuti zanje n’incuti zawe kugira ngo bakibone, maze batubere abacamanza twe nawe!

38 Maranye nawe imyaka mirongo ibiri ndagiye imikuku yawe. Ico gihe cose nta ntama canke impene yaramburuye kandi nta mpfizi n’imwe yo mu mikuku yawe nabaze ngo ndayirye. 39 Igihe cose igitungwa cishwe n’igikoko, sinigeze ndakikwereka. Ni jewe nibwiriza kugisubiriza. Wansavye kukuriha igitungwa cose cibwe, haba ku murango canke mw’ijoro. 40 Nagukoreye mu bushuhe buteye ubwoba ku murango no mu mbeho yo mw’ijoro sinatora agatiro. 41 Iyi myaka mirongo ibiri ndayimaranye nawe. Nagukoreye imyaka icumi n’ine kugira ngo umpe abakobwa bawe babiri, hanyuma ndagukorera imyaka itandatu ndagiye imikuku yawe. Kandi wahinduye impembo yanje incuro icumi zose! 42 Iyo Imana ya data, Imana ya Aburahamu, Imana iteye ubwoba ya Isaka itaja kuba iri kumwe nanje, wari kunyirukana iminwe misa. Ariko Imana yarabonye umubabaro wanje n’ubutame bwanje. Ni co gituma yakwiyeretse iri joro, ikakugabisha."

43 Labani yishura Yakobo ati: "Aba bagore ni abana banje, aba bana ni abuzukuru banje, kandi iyi mikuku ni iyanje; ibi ubona vyose ni ivyanje. Ubu nta co ngishobora gukora ku bakobwa banje no ku bana bavyaye. 44 Ingo tugirane isezerano twe nawe, maze rize ribe icabona hagati yanje nawe."

45 Nuko Yakobo afata ibuye arishinga nk’icibutso. 46 Abwira abari kumwe na we ati: "Nimwegeranye amabuye." Baca barayegeranya bagira ikirundo cayo, hanyuma basangirira hambavu y’ico kirundo c’amabuye. 47 Labani acita Yegari Sahaduta, bisigura "ikirundo c’icabona" mu rurimi rw’Icarameya, Yakobo na we acita Galedi, bisigura "ikirundo c’icabona" mu rurimi rw’Igiheburayo.

48 Labani aravuga ati: "Iki kirundo c’amabuye ni icabona hagati yanje nawe uno musi." Ni co gituma aho hantu hiswe Galedi. 49 Ariko kandi bahita Misipa, bisigura "umunara wo gushibamako", kuko Labani yavuze ati: "Uhoraho agumize amaso yiwe kuri twebwe, nitwamara gutandukana. 50 Niwafata nabi abakobwa banje canke ukarongora abandi bagore, Imana izoba ibibona naho ata wuzoba abibona. Ni yo cabona muri iri sezerano tugiranye."

51 Labani yongera abwira Yakobo ati: "Urabona iki kirundo c’amabuye nashize hagati yanje nawe n’iri buye ry’icibutso. 52 Ibi ni ivyabona vy’isezerano tugiranye. Sinzokwigera ndengana iki kirundo c’amabuye ngo nze kugukorera ikibi; kandi nawe ntuze wigere urengana iki kirundo c’amabuye canke iri buye ry’icibutso ngo uze kungirira nabi. 53 Imana ya Aburahamu n’Imana ya Nahori, ari yo Mana ya sewabo, ize itubere umucamanza."

Maze Yakobo arahira mw’izina ry’Imana iteye ubwoba ya se Isaka, 54 abaga igitungwa, agitangako ikimazi kuri uwo musozi, maze atumira incuti ziwe gusangira na we. Bahejeje gufungura, barara kuri uwo musozi.

55 Labani avyuka kare mu gitondo, agumbira abuzukuru biwe n’abakobwa biwe, arabahezagira, arabasezera, asubira iwe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-