1 Nuko Isaka ahamagara Yakobo, aramuhezagira, aramwihanikiriza ati: "Ntuze urongore umukobwa w’Umunyakananikazi. 2 Genda i Padani-Aramu, mu rugo rwa sogokuru Betuweli, hanyuma uhitemwo umwe mu bakobwa ba nyokorome Labani akubere umugore. 3 Imana Mushoboravyose iguhezagire, iguhe abana benshi. Uruvyaro rwawe ruze rugwire ruhinduke amahanga menshi. 4 Imana ize iguhe wewe n’uruvyaro rwawe imihezagiro yasezeraniye Aburahamu. Ize iguhe kugaba iki gihugu ubamwo nk’umunyamahanga, kuko yakigabiye Aburahamu." 5 Nuko Isaka arungika Yakobo i Padani-Aramu kwa Labani, mwene Betuweli Umwaramu, akaba na musaza wa Rebeka, nyina wa Yakobo na Esawu.
6 Nuko Esawu yumva ko se Isaka yahezagiye Yakobo kandi ko yamurungitse i Padani-Aramu kurondera umugore, kandi ko yihanikirije Yakobo ati: "Ntuze urongore umugore w’Umunyakananikazi," 7 kandi ko Yakobo yumviye abavyeyi biwe akaja i Padani-Aramu. 8 Esawu aca atahura ko se Isaka adakunda abagore b’Abanyakananikazi. 9 Nuko Esawu aja kwa Ishimayeli mwene Aburahamu, arongora umwe mu bakobwa biwe yitwa Mahala yavukana na Nebayoti, amwongera ku bagore yari asanganywe.
10 Hanyuma Yakobo ava i Berisheba agenda atumbereye i Harani. 11 Nuko ashika ahantu ashima kuharara, kuko izuba ryari rirenze. Afata ibuye, araryisegura aca araryama. 12 Asinziriye arota abona ingazi iva kw’isi igashika kw’ijuru; abamarayika b’Imana baduga abandi bamanuka kuri iyo ngazi. 13 Ku mutwe w’iyo ngazi hari hahagaze Uhoraho; nuko abwira Yakobo ati: "Ndi Uhoraho, Imana ya sogokuru Aburahamu na so Isaka. Aho hantu uryamye nzohaguha hakwegukire, wewe n’uruvyaro rwawe. 14 Uruvyaro rwawe ruzongana n’umukungugu wo kw’isi. Bazokwiragira mu mihingo yose: mu burengero, mu buseruko, mu buraruko no mu bumanuko. Kandi imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa biciye kuri wewe no ku ruvyaro rwawe. 15 Ikindi na co, ndi kumwe nawe kandi nzokuzigamira aho uzoja hose. Umusi umwe nzokugarukana muri iki gihugu. Sinzokwigera ndaguta, nzoshitsa ivyo nagusezeraniye vyose."
16 Nuko Yakobo arikangura, avuga ati: "Ni ukuri Uhoraho ari hano hantu, kandi sinari ndabizi!" 17 Maze afatwa n’ubwoba avuga ati: "Aha hantu hateye ubwoba! Mu vy’ukuri ni inzu y’Imana kandi ni irembo ry’ijuru!"
18 Bukeye, Yakobo avyuka kare mu gitondo, afata rya buye yaraye yiseguye, arishinga ahantu hejuru nk’inkingi y’icibutso, maze arisukako amavuta. 19 Aho hantu ahita Beteli, bisigura "inzu y’Imana", ariko ico gisagara cahora citwa Luzi.
20 Nuko Yakobo arasezerana ati: "Imana niyaba iri kumwe nanje kandi ikanzigama muri uru rugendo ndimwo, niyampa ivyokurya n’ivyo kwambara, 21 maze ngashika mu rugo kwa data amahoro, Uhoraho azoba Imana yanje. 22 Iri buye ry’icibutso nshinze, rizohinduka ikibanza co gusengeramwo Imana, kandi nzoshikanira Imana ic’icumi ku vyo izompa vyose."