1 Haheze igihe, Imana igerageza ukwizera kwa Aburahamu. Iramuhamagara iti: "Aburahamu!"
Na we ati: "Sabwe."
2 Imana iti: "Jana umuhungu wawe, umuhungu wawe w’ikinege Isaka ukunda cane, uje mu ntara ya Moriya, hanyuma umutange nk’ikimazi gituriwe ku musozi nzokwereka."
3 Mu gitondo c’umusi ukurikira, Aburahamu avyuka kare, ategura indogoba yiwe, ajana babiri mu bakozi biwe, hamwe n’umuhungu wiwe Isaka. Ahejeje kwegeranya inkwi zikwiye zo guturira ikimazi, afata inzira ija aho Imana yari yamubwiye. 4 Ku musi ugira gatatu ari ku rugendo, Aburahamu arunamuka abona wa musozi agiyeko ukiri kure yiwe. 5 Aburahamu abwira ba bakozi biwe ati: "Nimugume hano n’iyi ndogoba. Jewe n’umuhungu wanje turabandanije hariya imbere. Tugiye gusenga, duhejeje duca tugaruka."
6 Aburahamu ashira za nkwi zo guturira ikimazi ku rutugu rwa Isaka umuhungu wiwe, na we afata umuriro n’imbugita, babandanya urugendo ari babiri. 7 Isaka abwira se Aburahamu ati: "Data!"
Na we ati: "Mbwira mwana wanje!"
Isaka aravuga ati: "Umuriro n’inkwi turabifise, none intama yo gutangako ikimazi iri he?"
8 Aburahamu aramwishura ati: "Imana iraja kwironkera intama yo gutangako ikimazi, mwana wanje." Nuko barabandanya.
9 Bashitse mu kibanza Imana yamubwiye, Aburahamu yubaka igicaniro, agishirako za nkwi. Hanyuma afata Isaka umuhungu wiwe aramuboha, amuryamika kuri ca gicaniro hejuru ya za nkwi. 10 Hanyuma agorora ukuboko atora imbugita kugira ngo akerere umuhungu wiwe. 11 Ariko umumarayika w’Uhoraho amuhamagara ari mw’ijuru ati: "Aburahamu! Aburahamu!"
Na we ati: "Sabwe!"
12 Aramubwira ati: "Ntugire ico ugira uwo mwana canke ngo umukomeretse, kuko ubu ndabonye neza ko wubaha Imana, kuko ntiwanyimye n’umwana wawe, kandi ari ikinege."
13 Aburahamu yunamutse abona impfizi y’intama ifashwe amahembe mu gisaka. Nuko afata iyo ntama ayitangako ikimazi mu kibanza c’umuhungu wiwe. 14 Aburahamu yita aho hantu "Uhoraho azovyizanira". Gushika n’uno musi abantu baracavuga bati: "Ku musozi w’Imana, iravyizanira."
15 Wa mumarayika w’Uhoraho ahamagara Aburahamu ubugira kabiri ari mw’ijuru, 16 aramubwira ati: "Indahiro ni jewe nyene, ni ko Uhoraho avuze: ko wanyumviye ntunyime umwana wawe kandi ari ikinege, 17 nzoguhezagira vy’ukuri kandi nzogwiza uruvyaro rwawe nk’inyenyeri zo kw’ijuru canke nk’umusenyi wo ku kiyaga. Bazokwigarurira ibisagara vy’abansi babo, 18 kandi amahanga yose yo kw’isi azohezagirwa biciye ku ruvyaro rwawe, kuko wanyumviye."
19 Nuko Aburahamu asubira hamwe yasiga ba bakozi biwe, basubirana i Berisheba, aho Aburahamu yabandanije aba.
20 Inyuma y’ivyo, Aburahamu yumva ko Milika, umugore wa murumunawe Nahori, yamuvyariye abahungu.
21 Umukuru yitwa Uzi, uwa kabiri akitwa Buzi,
bagakurikirwa n’uwitwa Kemuweli, ari we se wa Aramu,
22 Kesedi, Hazo, Piludasho, Yidalafu na Betuweli.
23 Betuweli ni we yavyaye Rebeka.
Abo ni bo bahungu umunani Milika yavyaranye na Nahori, murumuna wa Aburahamu.
24 Incoreke ya Nahori yitwa Reyuma na we yari yamuvyariye abahungu ari bo:
Teba, Gahamu, Tahashi na Mayaka.