Publicidade

Gênesis 21

Ivuka rya Isaka

1 Umusi umwe, Uhoraho yibuka Sara, amukorera ico yari yaramusezeraniye. 2 Sara atwara inda, avyarana na Aburahamu umwana w’umuhungu mu butama bwiwe. Ivyo vyashitse igihe Imana yari yaravuze ko bizoberako. 3 Uwo mwana Aburahamu yavyaye kuri Sara amwita Isaka. 4 Haheze imisi umunani Isaka avutse, Aburahamu aramukeba, nk’uko Imana yari yaramutegetse. 5 Aburahamu yari amaze imyaka ijana igihe Isaka yavuka.

6 Sara aravuga ati: "Imana irantwengeje. Umuntu wese azovyumva azotwengana nanje." 7 Yongerako ati: "Ni nde yobwiye Aburahamu ko Sara azokwonsa umwana? None raba ndamuvyariye umuhungu mu butama bwiwe!"

Hagari na Ishimayeli birukanwa

8 Nuko Isaka arakura hanyuma Sara aramucutsa. Umusi yacukiyeko, Aburahamu ategura umusi mukuru ukomeye. 9 Ariko Sara abonye Ishimayeli wa muhungu Aburahamu yavyara kuri Hagari Umunyegiputakazi ariko arakina na Isaka umwana wiwe, 10 aca abwira Aburahamu ati: "Irukana urya muguranokazi n’umuhungu wiwe. Umuhungu w’uwo muguranokazi ntazosangira iragi n’umwana wanje Isaka."

11 Ivyo bibabaza Aburahamu cane kuko Ishimayeli na we yari umwana wiwe. 12 Ariko Imana ibwira Aburahamu iti: "Ntubabazwe n’ivy’urya mwana n’umuguranokazi wawe. Kora ivyo Sara akubwira vyose, kuko uruvyaro rwawe uzoruronka biciye muri Isaka. 13 Ariko uruvyaro rw’umuhungu w’incoreke yawe na rwo nzorugira ihanga, kuko na we ni umwana wawe."

14 Bukeye, Aburahamu avyuka kare mu gitondo, ategura ivyokurya n’umukuza w’urusato wuzuye amazi abiha Hagari. Yongera afata wa mwana amushira ku mugongo wa Hagari, aramurungika. Hagari aca afata inzira, agenda arayerera mu bugaragwa bwa Berisheba.

15 Ya mazi yari mu mukuza w’urusato aheze, aca afata umwana amushira mu gitutu musi y’agasaka, 16 na we aragenda yicara hirya, nk’ahoshika umwampi urashwe, kuko yavuga ati: "Sinshaka kubona umwana wanje apfa." Ni ko kwicara hirya maze araturika ararira.

17 Ariko Imana yumva ijwi rya wa mwana arira, hanyuma umumarayika w’Imana ahamagara Hagari ari mw’ijuru ati: "Ubaye iki ga Hagari? Ntutinye! Imana yumvise ijwi ry’urya mwana aririra aho ari. 18 Subira aho ari umuhagurutse, hanyuma umufate ukuboko, kuko uruvyaro rwiwe nzorugira ihanga rikomeye."

19 Nuko Imana yugurura amaso ya Hagari, abona iriba ry’amazi. Aca aragenda yuzuza wa mukuza w’urusato amazi, aha umwana wiwe amazi yo kunywa.

20 Nuko Imana ibana na we mu gukura kwiwe, aba umuhinga mu kurasisha umuheto. 21 Yaba mu bugaragwa bw’i Parani, maze nyina amuronderera umugore ava muri Egiputa.

Amasezerano y’i Berisheba

22 Muri ico gihe Abimeleki ajana na Pikoli, umukuru w’ingabo ziwe, abwira Aburahamu ati: "Biragaragara ko Imana iri kumwe nawe mu vyo ukora vyose. 23 Ubu rero ndashaka undahire mw’izina ry’Imana ko utazokwigera umpemukira, jewe, abana banje canke uruvyaro rwanje; ko uzonyereka ubuntu, jewe n’iki gihugu wabayemwo uri umunyamahanga, nk’uko nanje nakweretse ubuntu."

24 Aburahamu aramwishura ati: "Ndakurahiye."

25 Hanyuma Aburahamu yidoga ari kumwe na Abimeleki ku bijanye n’iriba abakozi ba Abimeleki bari baramutwaye ku nguvu. 26 Abimeleki aravuga ati: "Sinzi uwabikoze. Wewe nta co wabimbwiyeko, ndavyumvise uno musi."

27 Nuko Aburahamu aha Abimeleki intama, impene n’inka; bagirana amasezerano. 28 Aburahamu atoranya kandi intama zivyara indwi mu mukuku wiwe. 29 Abimeleki aramubaza ati: "Ni kuki utoranije izo ntama mu zindi?"

30 Aburahamu aramwishura ati: "Ndakwinginze wakire izi ntama indwi nk’ikimenyetso c’uko ari jewe nimvye iryo riba."

31 Ni co gituma aho hantu hitwa Berisheba, bisigura "iriba ry’indahiro", kuko ari ho barahiriye uko ari babiri.

32 Bahejeje kugiranira amasezerano i Berisheba, Abimeleki na Pikoli, umukuru w’ingabo ziwe, baragenda basubira mu gihugu c’Abafilisitiya. 33 Nuko Aburahamu atera igiti citwa tamarisi i Berisheba, ahasengera Uhoraho, Imana yamaho. 34 Aburahamu amara igihe kirekire aba muri ico gihugu c’Abafilisitiya.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-