1 Rasheli abonye ko adashoboye kuvyarira Yakobo abana, aca agirira ishari mukuruwe. Abwira Yakobo ati: "Mpa abana, bitagenze uko ndapfa!"
2 Yakobo ashavurira Rasheli, aramubaza ati: "Mbe mbaye Imana, ko ari yo yatumye utavyara?"
3 Rasheli aramwishura ati: "Fata incoreke yanje Biluha, uryamane na we kugira ngo amvyarire abana, maze biciye muri we nanje ngire uruvyaro."
4 Nuko amuha ya ncoreke yiwe Biluha nk’umugore, Yakobo aryamana na we. 5 Biluha asama inda, avyarana na Yakobo umuhungu. 6 Rasheli aravuga ati: "Imana yanciriye urubanza rwiza! Yarumvise ugusenga kwanje maze impa umuhungu." Nuko amwita Dani.
7 Biluha, incoreke ya Rasheli, yongera gusama inda, avyarana na Yakobo umuhungu agira kabiri. 8 Rasheli aravuga ati: "Nagwanye intambara ikomeye na mukuru wanje, ariko ndanesheje." Nuko amwita Nafutali.
9 Leya na we abonye ko atagisama inda, afata incoreke yiwe Zilupa, ayizanira Yakobo nk’umugore. 10 Zilupa incoreke ya Leya na yo ivyarira Yakobo umuhungu. 11 Leya aravuga ati: "Iki ni igihamana." Nuko amwita Gadi.
12 Zilupa, incoreke ya Leya, yongera avyarana na Yakobo uwundi muhungu. 13 Leya aravuga ati: "Ndanezerewe cane! Kuva ubu abandi bagore bazonyita umuhirwe." Nuko amwita Asheri.
14 Umusi umwe, hari mw’iyimbura ry’ingano, Reyubeni yamura ivyamwa vyitwa mandaragore mw’ishamba, abizanira nyina Leya. Rasheli abwira Leya ati: "Ndakwinginze umpe kuri mandaragore umuhungu wawe yazanye."
15 Ariko Leya amwishura ashavuye ati: "Mbega kuntwara umugabo ntivyari bihagije? Ubu na ho ushaka gutwara mandaragore umwana wanje yazanye?"
Rasheli aramwishura ati: "Niwampa ku vyamwa umuhungu wawe yazanye, urashobora kurarana na Yakobo iri joro."
16 Ku mugoroba Yakobo avuye mu mirima, Leya aja kumusanganira. Aramubwira ati: "Utegerezwa kuryamana nanje, namaze kubiriha mandaragore umuhungu wanje yamuye." Nuko aryamana na we iryo joro.
17 Imana yishura isengesho rya Leya, asama inda, avyarana na Yakobo umuhungu agira gatanu. 18 Leya aravuga ati: "Imana impaye impera kuko natanze incoreke yanje nkayiha umugabo wanje nk’umugore." Nuko amwita Isakari.
19 Leya yongera gusama inda, avyarana na Yakobo umuhungu agira gatandatu. 20 Leya aravuga ati: "Imana yampaye ingabire nziza. Ubu umugabo wanje agiye kunyubaha, kuko ndamuvyariye abahungu batandatu." Nuko amwita Zebuloni.
21 Mu nyuma Leya avyara umukobwa, amwita Dina.
22 Maze Imana yibuka Rasheli, yishura amasengesho yiwe, imushoboza kuvyara. 23 Nuko asama inda avyara umuhungu, aravuga ati: "Imana inkuyeko agakengerwe." 24 Nuko amwita Yosefu, kuko yavuga ati: "Icompa Uhoraho akanyongera uwundi muhungu."
25 Haheze igihe gito Rasheli avyaye Yosefu, Yakobo abwira Labani ati: "Ndungika kugira ngo nsubire i muhira, mu gihugu canje c’amavukiro. 26 Mpa abagore banje n’abana banje, kuko nabaronse mbanje kugukorera, hanyuma undeke nigire. Urazi neza ko nagukoreye neza."
27 Labani aramwishura ati: "Nimba ngiriwe ubuntu imbere yawe, ndakwinginze ugume hano, kuko imana zanje zaramenyesheje ko Uhoraho yampezagiye ku bwawe!" 28 Yongerako ati: "Mbwira ivyo ngufitiye, ndabiguha uko bingana kwose."
29 Yakobo aramwishura ati: "Urazi ingene nagukoreye neza, n’ingene imikuku yawe yagwiriye kubera jewe. 30 Wari ufise bike igihe naza hano, ariko raba ubutunzi bwawe bwaragwiriye cane. Uhoraho yaraguhezagiye kuva igihe nashikiye mu rugo rwawe. None nanje nzotangura ryari gukorera umuryango wanje?"
31 Labani aramubaza ati: "Ushaka ko nguhemba iki?"
Yakobo na we ati: "Ntugire ico umpa. Ico ngusavye, ni uko wondeka nkabandanya ndagira nongera nzigama imikuku yawe. 32 Nyemerera ngenzure imikuku yawe yose uno musi, hanyuma nkuremwo intama zose zirabura hamwe n’impene zose zifise amabara. Izo abe ari zo umpa nk’impembo yanje. 33 Niwaza kugenzura ibitungwa wampaye nk’impembo muri kazoza, bizokworohera kubona ko ndi imvugakuri. Niwasanga impene n’imwe itagira amabara canke intama itirabura, uzoca umenya ko zibwe."
34 Labani aravuga ati: "Ndavyemeye, reka tubigenze uko ubivuze." 35 Ariko uwo musi nyene Labani aca aragenda, akura mu mikuku yiwe impfizi z’impene zifise amabara hamwe n’impene zivyara z’amabara canke zera hamwehamwe, n’intama zose zirabura; azizeza abahungu biwe. 36 Hanyuma abarungika kure y’aho Yakobo yari ari, nk’urugendo rw’imisi atatu. Yakobo na we asigarana izisigaye mu mukuku wa Labani.
37 Nuko Yakobo aca inkoni zo mu biti vyitwa popula, alumonde na palatane, arazishishura ku mpande zimwezimwe, ku buryo izo nkoni zerekana uturongo twera. 38 Hanyuma ashira za nkoni yashishura ibicebice imbere y’intama n’impene, mu vyo zanyweramwo amazi, kuko zakunda kwima zije kunywa amazi. 39 Kandi izimiye imbere y’izo nkoni, zaca zivyara izifise imirongo n’amabara. 40 Yakobo aca atandukanya izo zivutse n’umukuku wa Labani kandi azirabisha iyo umukuku wa Labani ugizwe n’iz’amabara n’izirabura uri. Uko ni ko yagwije umukuku wiwe, awutandukanya n’uwa Labani. 41 Igihe cose intama canke impene zivyara z’inguvu hageze ko zima, Yakobo yaca ashira za nkoni imbere yazo aho zanywera amazi, kugira ngo zimire imbere y’izo nkoni. 42 Ariko ivyo ntiyabigira ku bitungwa vy’amagara make. Ibitungwa bitobito vyari ivya Labani, ivy’amagara meza bikaba ivya Yakobo. 43 Ivyo vyatumye Yakobo atunga cane. Yari afise imikuku minini y’intama n’impene, abamukorera b’abagabo n’abagore, ingamiya n’indogoba nyinshi.