Publicidade

Gênesis 10

Urutonde rw’amahanga

1 Uru ni rwo rukurikirane rw’imiryango ya Shemu, Hamu na Yafeti, abahungu batatu ba Nowa, na bo bakaba bavyaye abahungu inyuma y’umwuzure.

Uruvyaro rwa Yafeti

2 Bene Yafeti ni: Gomeri,

Magogi, Madayi, Yavani, Tubali, Mesheki na Tirasi.

3 Bene Gomeri ni:

Ashikenazi, Rifati na Togaruma.

4 Bene Yavani ni:

Elisa, Tarushishi, Kitimu na Dodanimu. 5 Ababakomotseko babaye ku biyaga ni na bo bakwiragiye mu bihugu bitandukanye, umwumwe wese bijanye n’ururimi rwiwe, ubwoko bwiwe n’igihugu ciwe.

Uruvyaro rwa Hamu

6 Bene Hamu ni:

Kushi, Egiputa, Puti na Kanani.

7 Bene Kushi ni:

Seba, Havila, Sabuta, Rama na Sabuteka.

Abahungu ba Rama ni:

Sheba na Dedani.

8 Kushi yavyaye Nimurodi, uwo ni we yatanguye kuba umuhizi mu ntambara kw’isi. 9 Kubera ko yari umuhigi w’umunyenkomezi wa mbere kw’isi, izina ryiwe ryabaye rurangiranwa. Ni co gituma abantu bavuga bati: "Uwu muntu ameze nka Nimurodi, wa muhigi w’umunyenkomezi mu maso y’Uhoraho." 10 Ibisagara vya mbere vy’ubwami bwiwe vyari Babiloni, Ereki, Akadi na Kalune mu gihugu ca Shinari. 11 Avuye aho, yahavuye yagura ubwami bwiwe ashika muri Ashuri, yubaka Ninewe, Rehoboti Iru, Kala, 12 na Reseni, igisagara kinini kiri hagati ya Ninewe na Kala.

13 Abakomotse kuri Egiputa ni

Abaludi, Abanami, Abalehabi, Abanafutuhi, 14 Abapatirusi n’Abakasiluni (ari bo bakomotsweko n’Abafilisitiya), hamwe n’Abakafutori.

15 Kanani yavyaye

Sidoni, ari we mfura yiwe, hamwe na Heti. 16 Kandi yakomotsweko n’Abayebusi, Abamori, Abagirugashi, 17 Abahiwi, Abaruki, Abasini 18 Abaruvadi, Abazemari n’Abahamati.

Mu nyuma imiryango y’Abanyakanani yahavuye isanzara. 19 Imbibe z’igihugu c’i Kanani zava i Sidoni mu buraruko bwa Gerari n’i Gaza mu bumanuko, na Sodomu, Gomora, Adima na Zeboyimu mu buseruko, gushika i Lasha.

20 Aba ni bo bahungu ba Hamu, uko imiryango yabo, indimi zabo, intara zabo n’ibihugu vyabo biri.

Uruvyaro rwa Shemu

21 Shemu, mukuru wa Yafeti, na we yavyaye abahungu; ni we sekuruza w’abakomoka kuri Eberi.

22 Bene Shemu ni:

Elamu, Ashuri, Arupakisade, Ludi na Aramu.

23 Abahungu ba Aramu ni:

Uzi, Huli, Geteri na Mesheki.

24 Arupakisade yavyaye Shela;

Shela na we avyara Eberi.

25 Eberi yavyaye abahungu babiri:

umwe yitwa Pelegi, kuko igihe yavuka abantu bari kw’isi bari bigabuyemwo ibice; uwundi bavukana yitwa Yokitani.

26 Yokitani yavyaye

Alumodadi, Shelefu, Hazarumaveti, Yera, 27 Hadoramu, Uzali, Dikula, 28 Obali, Abimayeli, Sheba, 29 Ofiru, Havila, na Yobabu. Abo bose bari abahungu ba Yokitani.

30 Igihugu babamwo cahera i Mesha gushika i Sefaru mu misozi yo mu buseruko.

31 Aba ni bo bakomotse kuri Shemu, nk’uko imiryango yabo, indimi zabo, intara zabo n’ibihugu vyabo biri.

32 Iyo ni yo miryango yakomotse ku bahungu ba Nowa nk’uko imiryango yabo mu bihugu vyabo iri. Amahanga yose yo mw’isi yakomotse kuri iyi miryango inyuma y’umwuzure.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-