Publicidade

Gênesis 33

Yakobo ahura na Esawu

1 Yakobo yunamuye amaso akaraba imbere, abona Esawu aje aherekejwe n’abagabo amajana ane. Nuko agabura abana biwe, bamwe ku ruhande rwa Leya, abandi ku ruhande rwa Rasheli, no ku ruhande rwa za ncoreke zibiri. 2 Ashira imbere za ncoreke n’abana bazo, hakurikira Leya n’abana biwe, hanyuma Rasheli na Yosefu. 3 Nuko Yakobo aja imbere yabo. Ariko aregereza mwene nyina, yunama hasi incuro indwi imbere yiwe.

4 Maze Esawu aza yiruka kumusanganira aramugumbira, amurenza amaboko ku rutugu; maze bose bararira. 5 Esawu aravye hirya no hino akabona abagore n’abana abaza Yakobo ati: "Aba bari kumwe nawe ni ba nde?"

Aramwishura ati: "Ni abana Imana yampaye, mu buntu bwayo, jewe umusavyi wawe."

6 Nuko za ncoreke zizanana n’abana bazo bunama imbere ya Esawu. 7 Leya na we n’abana biwe baregera na bo bunama imbere yiwe. Hanyuma Yosefu na Rasheli baregera bunama imbere yiwe.

8 Esawu aramubaza ati: "Mbe irya mikuku twahuye na yo ni iy’iki?"

Yakobo aramwishura ati: "Ni ingabire yawe nyakwubahwa, kugira ngo undabe ryiza."

9 Esawu aramwishura ati: "Mwene mama, ndafise ibinkwiye. Gumya ivyawe!"

10 Ariko Yakobo arashimika ati: "Oya, ndakwinginze wemere ingabire yanje, nimba natoneshejwe imbere yawe. Biranduhuye kubona mu maso hawe hakeye, ni nko kubona mu maso h’Imana. Kandi wanyakiriye neza cane. 11 Ndakwingize wemere iyi ngabire nkuzaniye, kuko Imana yarangiriye ubuntu impa ibinkwiye." Kubera ukwinginga kwa Yakobo, Esawu arateba aremera ya ngabire.

12 Esawu aravuga ati: "Ingo tugende, jewe ndabaja imbere."

13 Ariko Yakobo aramwishura ati: "Nyakwubahwa, urabona ko bamwe mu bana bakiri bato cane kandi ko hari intama, impene n’inka vyonsa. Nitwabishorera twihuta, naho hoba umusi umwe, ibitungwa vyose birashobora gupfa. 14 Ndakwinginze, nyakwubahwa, ube uragenda imbere yanje umusavyi wawe, hanyuma nanje nzoza buhorobuhoro nisunze imikuku yanje n’abana bato, kugeza nshitse iwawe i Seyiri."

15 Esawu aravuga ati: "Ariko reka ndagusigire bamwe mu bo twagendanye."

Yakobo aramwishura ati: "Ntibikenewe nyakwubahwa! Igikomeye ni uko wamaze kunyakira, ngatoneshwa imbere yawe."

16 Maze uwo musi nyene, Esawu afata inzira yisubirira i Seyiri. 17 Ariko Yakobo abandanya urugendo aja i Sukoti. Ahashitse yiyubakira inzu, yubakira n’imikuku yiwe. Ni co gituma aho hantu hiswe Sukoti, bisigura "aho kwikinga".

18 Inyuma y’urugendo rwo kuva i Padani-Aramu, Yakobo arateba ashika amahoro mu gisagara ca Shekemu, mu gihugu c’i Kanani, ashinga amahema inyuma y’igisagara. 19 Nuko Yakobo agurira abahungu ba Hamori itongo shekeli ijana, aba ari ho ashinga amahema. Hamori yari se wa Shekemu. 20 Aho ahubaka igicaniro acita Eli Elohe Isirayeli, bisigura Eli, Imana ya Isirayeli.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-