1 Igihe Yosefu yajanwa muri Egiputa, yaguzwe na Potifari, umusoda mukuru w’Umunyegiputa, amugura ku Bishimayeli. Uwo Potifari yari umukuru w’ingabo zicungera ubuzima bwa Farawo, umwami wa Egiputa.
2 Nuko Uhoraho abana na Yosefu, na we agira umugisha mu vyo yakora vyose. Yosefu yaba mu nzu ya shebuja w’Umunyegiputa. 3 Shebuja abonye ko Uhoraho ari kumwe na we, kandi ko amuha kuroranirwa mu vyo akora vyose, 4 ivyo bituma Yosefu agira igikundiro imbere yiwe, amuha kugenzura ivyo mu nzu yiwe, amuzeza ivyo yari atunze vyose. 5 Kuva umusi Yosefu azezwa inzu ya shebuja n’ivyiwe vyose, Imana yaciye itangura guhezagira urugo rwa Potifari Umunyegiputa kubera Yosefu; umuhezagiro w’Uhoraho uba ku vyo yari atunze vyose mu rugo no mu mirima. 6 Nuko Potifari aha Yosefu ububasha bwose ku vyo yari atunze vyose, ntiyagira igisubira kumuraza ishinga uretse ivyokurya gusa.
Yosefu yari umuhungu mwiza mu maso no mu gihagararo. 7 Nuko muka Potifari atangura kumwipfuza, aramubwira ati: "Ingo turyamane!"
8 Ariko Yosefu aramwankira ati: "Urabona ko databuja ata kintu kimuraje ishinga, kuko yanjeje ivyo mu nzu yiwe vyose. 9 Nta muntu n’umwe muri iyi nzu andusha ububasha. Nta kintu na kimwe databuja yisigarije kiretse wewe, kuko uri umugore wiwe. None nokwubahuka gute gukora ikibi nk’ico, ngacumura ku Mana?" 10 Wa mugore abandanya agora Yosefu ku musi ku musi, ariko Yosefu yanka kuryamana na we, amwigira kure uko bishoboka.
11 Umusi umwe, Yosefu yinjira mu nzu gukora ibikorwa vyiwe ata wundi muntu n’umwe ahari. 12 Wa mugore amufata impuzu, aramubwira ati: "Ingo turyamane!" Yosefu aramwiyaka arasohoka, ariko wa mugore asigarana umutamana wiwe mu minwe.
13 Abonye ko Yosefu ahunze akamusigarana umutamana wiwe, 14 ahamagara abakozi biwe arababwira ati: "Raba iri bara! Umugabo wanje yazanye uwu mugurano w’Umuheburayo kudutukisha. Yinjiye mu cumba canje ashaka kumfata ku nguvu, maze nca ndakoma induru nyinshi. 15 Yumvise nkomye induru ngatabaza, yaciye yiruka arahunga, ariko asiga umutamana wiwe."
16 Nuko wa mugore agumya umutamana wa Yosefu kugeza umugabo atashe. 17 Ashitse, aca aramubwira uko vyagenze, ati: "Wa mugurano w’Umuheburayo wazana yinjiye mu cumba canje kudutukisha. 18 Nkomye induru ngatabaza, aca arahunga aja hanze, asiga umutamana wiwe."
19 Shebuja yumvise inkuru y’umugore wiwe, avuga ati: "Ibi ni vyo wa mugurano wawe yankoreye," aca arashavura cane. 20 Nuko afata Yosefu amuterera mw’ibohero bapfungiramwo imbohe z’umwami.
Ariko Yosefu ari muri iryo bohero, 21 Uhoraho abana na we, amuha kugira ikiganza ciza, agira igikundiro mu maso y’umukuru w’ibohero. 22 Bidatevye, umukuru w’ibohero amuha kuganza abandi bapfungwa no kugenzura ibibera mw’ibohero vyose. 23 Umukuru w’ibohero ntiyasubira kugira ikimuraza ishinga, kuko vyose Yosefu yabiraba. Uhoraho abana na Yosefu, atuma ivyo akora vyose bimugendera neza.