1 Sara yabayeho imyaka ijana na mirongo ibiri n’indwi, 2 hanyuma apfira i Kiriyati-Araba, ari ho Heburoni, mu gihugu c’i Kanani. Aho ni ho Aburahamu yamugandaririye, aramuririra.
3 Hanyuma Aburahamu ava hambavu y’ikiziga c’umugore wiwe, aja kuvugana n’abakuru b’Abaheti. 4 Arababwira ati: "Murazi ko ndi umunyamahanga na kavantara muri mwebwe. Ndabasavye mumpe ikibanza co guhambamwo kugira ngo mpambane iteka umugore wanje."
5 Abaheti bishura Aburahamu bati: 6 "Nyakwubahwa, twumvirize. Wewe Imana yakugize umuganwa ahambaye muri twebwe. Hitamwo aho guhamba haruta ahandi abe ari ho umuhamba. Nta muntu n’umwe muri twebwe yokwima aho uhamba umuntu wawe."
7 Aburahamu arahaguruka yunamira Abaheti baba muri ico gihugu. 8 Arababwira ati: "Ko munyemereye ko mpamba umugore wanje, ndabasavye munsabire Efuroni mwene Zohari, 9 anyemerere ndamugurire isenga afise i Makapela, aho itongo ryiwe rigarukira. Ndahamugurira ku giciro bikwiranye mwese mukoranye, maze aho hantu hambere ikibanza co guhambamwo."
10 Uwo Efuroni yari yicaye aho mu bandi Baheti. Nuko yishura Aburahamu, abandi Baheti bose bari bakoraniye kw’irembo ry’igisagara bumva, ati: 11 "Oya nyakwubahwa, nyumviriza neza. Ndakugabiye rirya tongo n’isenga riri muri ryo. Imbere y’aba bantu bo mu bwoko bwanje ndahaguyaye. Genda uhambe uwawe."
12 Aburahamu yongera yunamira abantu bo muri ico gihugu, 13 abwira Efuroni bose bumva ati: "Ndakwinginze nanje unyumvirize. Nyemerera ndaguhe igiciro bikwiranye na rirya tongo, kugira ngo nshobore guhamba umuntu wanje."
14 Efuroni yishura Aburahamu ati: 15 "Nyakwubahwa, nyumviriza neza. Rirya tongo riciye shekeli amajana ane z’ifeza. None ayo mahera amaze iki hagati yanje nawe? Genda uhambe uwawe."
16 Nuko Aburahamu yemera igiciro Efuroni amubwiye, amuharurira za shekeli amajana ane z’ifeza abakuru b’Abaheti bose babona.
17 Uko ni ko Aburahamu yaguriye itongo Efuroni i Makapela, hafi y’i Mamure. Aho yaguze hari hagizwe n’itongo, isenga n’ibiti vyari muri ryo. 18 Iryo tongo ryegukira Aburahamu imbere y’Abaheti bose bari bakoraniye kw’irembo ry’igisagara. 19 Nuko Aburahamu ahamba Sara umugore wiwe aho mw’isenga ry’i Makapela, hafi y’i Mamure (ari ho Heburoni), mu gihugu c’i Kanani. 20 Uko ni ko Aburahamu yahawe n’Abaheti iryo tongo n’iryo senga biba ivyiwe burundu nk’ikibanza co guhambamwo.