1 Igihe kimwe, Isaka ariko arasaza kandi ariko arahuma, ahamagara Esawu, umuhungu wiwe mukuru, aramubwira ati: "Mwana wanje!"
Na we ati: "Sabwe Data!"
2 Arabandanya ati: "Ndashaje kandi sinzi umusi nzopfirako. 3 Fata umuheto wawe n’imyampi uje mu gahinga, uzane inyama z’igikoko wishe, 4 uzintegurire kumwe ndazikunda zimeze hanyuma uzinzanire ndazirye. Mpejeje ndaheza ndaguhe umuhezagiro wanje, imbere y’uko mpfa."
5 Igihe Isaka yavugana na Esawu, Rebeka yariko arumviriza. Esawu amaze kuja mu gahinga guhiga, 6 Rebeka abwira Yakobo umuhungu wiwe ati: "Numvise so abwira mukuru wawe Esawu ati: 7 ‘Genda unzanire inyama z’igikoko wishe hanyuma uzintegurire neza. Mpejeje kuzirya, ndaheza nguhezagire imbere y’Uhoraho, imbere y’uko mpfa.’ 8 Mwana wanje nyumviriza neza kandi ukore ico ngusaba: 9 Genda mu bitungwa uzane imyagazi y’impene ibiri. Nanje nca ntegurira so inyama kumwe azikunda zimeze. 10 Nawe uraca uzimushira azirye, hanyuma aguhezagire imbere y’uko apfa."
11 Ariko Yakobo abwira nyina Rebeka ati: "Urazi ko Esawu afise ubwoya bwinshi, ariko jewe umubiri wanje ntugira ubwoya. 12 Data arashobora kunkorako akumva ko ndiko ndamubesha; ivyo birashobora gutuma amvuma mu kibanza co kumpezagira."
13 Nyina aramwishura ati: "Mwana wanje, uwo muvumo uramfata jewe! Wewe nyumvira gusa, ugende uzane iz’impene."
14 Nuko Yakobo aragenda azanira nyina za mpene. Rebeka ategura inyama neza mu buryo Isaka yakunda. 15 Hanyuma afata impuzu nziza cane za Esawu zari mu nzu iwe, azambika Yakobo, umuhungu wiwe mutoya. 16 Yambika Yakobo insato za ya myagazi y’impene ku maboko hamwe no mw’izosi ahatagira ubwoya. 17 Nuko aha Yakobo, umuhungu wiwe, vya vyokurya biryoshe yategura hamwe n’umukate.
18 Yakobo aja aho se ari aramuhamagara ati: "Data!"
Na we ati: "Sabwe! Uri nde ga mwana wanje?"
19 Yakobo aramwishura ati: "Ndi Esawu, imfura yawe. Nakoze ivyo wansavye. Niwicare ufungure ku nyama nakuzaniye, hanyuma umpezagire."
20 Isaka abaza umuhungu wiwe ati: "Mwana wanje, wabigenjeje gute kugira ngo wice igikoko ningoga?"
Yakobo aramwishura ati: "Uhoraho Imana yawe ni we yagishize mu nzira ncamwo."
21 Isaka abwira Yakobo ati: "Egera hafi yanje, mwana wanje, kugira ngo ngukoreko numve vy’ukuri ko uri Esawu."
22 Nuko Yakobo yegera aho se Isaka ari. Amukozeko aravuga ati: "Ijwi ni irya Yakobo, ariko amaboko ni aya Esawu!" 23 Ntiyashoboye kumumenya kuko amaboko yiwe yari afise ubwoya nk’aya mukuruwe Esawu. Imbere yo kumuhezagira 24 aramubaza ati: "Vy’ukuri uri Esawu umwana wanje?"
Aramwishura ati: "Egome ni jewe."
25 Isaka aramubwira ati: "Mwana wanje, ngaburira kuri za nyama uvuye guhiga. Mpejeje kurya ndaheza ndaguhezagire."
Nuko Yakobo arazimuzanira, arafungura. Yongera amuzanira n’umuvinyu aranywa. 26 Hanyuma Isaka abwira Yakobo ati: "Nyegera mwana wanje ungumbire."
27 Nuko aramwegera aramugumbira. Isaka yumvise ukumota kw’impuzu ziwe, aca aramuhezagira avuga ati:
"Ewe kumota kw’umwana wanje
kumeze nk’ukumota kw’imirima
Uhoraho yahezagiye.
28 Imana iguhe ku kime co mw’ijuru
no ku butunzi bwo mw’isi,
umusesekara w’ingano n’umuvinyu!
29 Amahanga aze agukorere
n’amoko aze yuname imbere yawe.
Uze uganze abavukanyi bawe,
abana ba nyoko baze buname imbere yawe.
Abazokuvuma baze bavumwe,
kandi abazoguhezagira baze bahezagirwe."
30 Isaka arangije kumuhezagira, Yakobo arasohoka. Muri ako kanya nyene, mukuruwe Esawu aca arashika avuye guhiga. 31 Na we ategura ivyokurya biryoshe abizanira se. Aramubwira ati: "Data, niwicare urye ku nyama mvuye guhiga, hanyuma umpezagire."
32 Isaka aramubaza ati: "Uri nde?"
Esawu aramwishura ati: "Ni jewe umwana wawe w’imfura Esawu."
33 Isaka arajugumira cane, maze aramubaza ati: "None ni nde yagiye guhiga hanyuma akanzanira inyama? Nafunguye kandi namaze kumuhezagira, kandi umuhezagiro namuhaye uzomufata."
34 Esawu yumvise amajambo ya se, araboroga n’umubabaro mwinshi, abwira se ati: "Mpezagira nanje, data!"
35 Isaka aramwishura ati: "Murumunawe yaje arambesha. Yamaze gutwara umuhezagiro wawe."
36 Esawu aravuga ati: "Ubu bugize kabiri anyiba. Ntibitanganje izina ryiwe ni Yakobo nyene, umubeshi. Yanyivye kuba samuragwa kwanje, none raba ubu na ho anyivye n’umuhezagiro wanje. Ariko nta muhezagiro n’umwe wansigarije?"
37 Isaka yishura Esawu ati: "Namaze kumugira mukuru kuri wewe kandi abavukanyi biwe bazoba abakozi biwe. Namuhaye ingano n’umuvinyu musha. None ga mwana wanje wumva hari igisigaye noguha?"
38 Esawu abaza se ati: "None ga data ufise umuhezagiro umwe gusa? Mpezagira nanje, data!" Nuko Esawu araturika ararira.
39 Se Isaka aramubwira ati:
"Uzoba
kure y’ubutunzi bwo mw’isi,
kure y’ikime co mw’ijuru.
40 Uzobeshwaho n’inkota
kandi uzokorera murumunawe.
Ariko niwiganzura,
uzokwikurako agacinyizo kiwe
kw’izosi ryawe."
41 Nuko Esawu agirira inzigo Yakobo kubera ko se yamuhezagiye. Aravuga ati: "Imisi yo kugandarira data iregereje. Hanyuma nzoca nica murumunanje Yakobo."
42 Rebeka yumvise ivyo Esawu umuhungu wiwe mukuru yavuze, atumako Yakobo umuhungu wiwe muto, aramubwira ati: "Mukuru wawe ashaka kukwica kugira ngo akwihore. 43 None rero mwana wanje, nyumvira ugende uhungire kwa musazanje Labani i Harani. 44 Uze ugumane na we kugeza ishavu rya mukuru wawe riheze. 45 Ishavu niryahera akibagira ivyo wamukoreye, nzoheza ndagutumeko ugaruke. Nta cotuma ndababura uko muri babiri umusi umwe."
46 Rebeka abwira Isaka ati: "Ubuzima bwanje bubaye bubi cane kubera aba bagore b’Abahetikazi. Yakobo niyarongora umwe mu bakobwa bo muri iki gihugu, b’Abahetikazi nk’aba, nta co nzoba nkibereyeho."