1 Uru ni rwo rukurikirane rw’abakomoka kuri Adamu.
Igihe Imana yarema abantu, yabaremye mw’ishusho yayo. 2 Yabaremye ari umugabo n’umugore kandi irabahezagira, maze ibita "abantu" igihe baremwa.
3 Adamu amaze imyaka ijana na mirongo itatu, yavyaye umuhungu yasa na we cane, ishusho yiwe bwite; maze amwita Seti. 4 Seti amaze kuvuka, Adamu yabayeho iyindi myaka amajana umunani ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa. 5 Adamu yamaze imyaka amajana icenda na mirongo itatu, hanyuma arapfa.
6 Seti amaze imyaka ijana n’itanu yavyaye Enoshi. 7 Amaze kuvyara Enoshi, Seti yabayeho iyindi myaka amajana umunani n’indwi, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa. 8 Seti yamaze imyaka amajana icenda na cumi n’ibiri, hanyuma arapfa.
9 Enoshi amaze imyaka mirongo icenda, yavyaye Kenani. 10 Kenani amaze kuvuka, Enoshi yabayeho iyindi myaka amajana umunani na cumi n’itanu ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa. 11 Enoshi yabayeho imyaka amajana icenda n’itanu, hanyuma arapfa.
12 Kenani amaze imyaka mirongo indwi, yavyaye Mahalaleli. 13 Mahalaleli amaze kuvuka, Kenani yabayeho iyindi myaka amajana umunani na mirongo ine, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa. 14 Kenani yamaze imyaka amajana icenda na cumi, hanyuma arapfa.
15 Mahalaleli amaze imyaka mirongo itandatu n’itanu, yavyaye Yaredi. 16 Yaredi amaze kuvuka, Mahalaleli yabayeho iyindi myaka amajana umunani na mirongo itatu, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa. 17 Mahalaleli yamaze imyaka amajana umunani na mirongo icenda n’itanu, hanyuma arapfa.
18 Yaredi amaze imyaka ijana na mirongo itandatu n’ibiri, yavyaye Enoki. 19 Enoki amaze kuvuka, Yaredi yabayeho iyindi myaka amajana umunani, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa. 20 Yaredi yamaze imyaka amajana icenda na mirongo itandatu n’ibiri, hanyuma arapfa.
21 Enoki amaze imyaka mirongo itandatu n’itanu, yavyaye Metusela. 22 Metusela amaze kuvuka, Enoki yabayeho iyindi myaka amajana atatu, agendana n’Imana, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa. 23 Enoki yamaze imyaka amajana atatu na mirongo itandatu n’itanu, 24 agendana n’Imana. Hanyuma umusi umwe arazimangana abantu baramubura, kuko Imana yamujanye.
25 Metusela amaze imyaka ijana na mirongo umunani n’indwi, yavyaye Lameki. 26 Lameki amaze kuvuka, Metusela yabayeho iyindi myaka amajana indwi na mirongo umunani n’ibiri, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa. 27 Metusela yamaze imyaka amajana icenda na mirongo itandatu n’icenda, hanyuma arapfa.
28 Lameki amaze imyaka ijana na mirongo umunani n’ibiri, yavyaye umwana w’umuhungu. 29 Nuko uwo muhungu amwita Nowa, avuga ati: "Uzotuzanira ihumure mu bikorwa vy’umuruho tugira mu kurima iyi si Uhoraho yavumye." 30 Nowa amaze kuvuka, Lameki yabayeho iyindi myaka amajana atanu na mirongo icenda n’itanu ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa. 31 Lameki yamaze imyaka amajana indwi na mirongo indwi n’indwi, hanyuma arapfa.
32 Nowa amaze imyaka amajana atanu, yavyaye abahungu batatu, ari bo Shemu, Hamu na Yafeti.