1 Maze Imana yibuka Nowa n’ibikoko vyose vyo mw’ishamba hamwe n’ibitungano vyari kumwe na we mu bwato, nuko irungika umuyaga kw’isi, maze amazi atangura kugabanuka. 2 Amazi y’i kuzimu ntiyasubira kuzikuruka, kandi na ya mvura y’isegenya irahita. 3 Nuko amazi y’umwuzure abandanya agabanuka kw’isi. Inyuma y’imisi ijana na mirongo itanu yari yagabanutse cane. 4 Ku musi ugira indwi w’ukwezi kw’indwi, bwa bwato buhagarara kuri umwe mu misozi ya Ararati. 5 Nuko amazi abandanya agabanuka gushika mu kwezi kw’icumi. Ku musi wa mbere w’ukwezi kw’icumi ni ho amasonga y’imisozi yatangura kuboneka.
6 Inyuma y’imisi mirongo ine, Nowa yugurura idirisha yari yarasigaje ku bwato, 7 arekura igikona, na co kiraguruka kigenda kigaruka, kugeza igihe amazi yakamye kw’isi. 8 Hanyuma Nowa arekura inuma kugira ngo arabe ko amazi yagabanutse kw’isi. 9 Ariko iyo numa ibura aho igwa, kuko amazi yari akirengeye isi. Nuko igaruka ku bwato, maze Nowa agorora ukuboko yinjiza ya numa mu bwato. 10 Haheze iyindi misi indwi, Nowa yongera kurekura ya numa kandi. 11 Ya numa igarutse ku mugoroba, izana ibabi rishasha ry’igiti ca Elayo mu kanwa kayo. Maze Nowa atahura ko amazi yagabanutse kw’isi. 12 Yongera arindira iyindi misi indwi, maze arekura ya numa kandi; ariko uwo musi ntiyagaruka.
13 Ico gihe Nowa yari amaze imyaka amajana atandatu n’umwe. Ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere kw’uwo mwaka, amazi yari yamaze gukama. Nuko Nowa akurako icari gipfutse ubwato, maze abona ko isi iriko irumuka. 14 Ku musi ugira mirongo ibiri n’indwi w’ukwezi kwa kabiri isi yari imaze kwumuka rwose.
15 Imana ibwira Nowa iti: 16 "Va mu bwato, wewe n’umugore wawe, n’abahungu bawe hamwe n’abagore babo. 17 Rekura ibifise ubuzima vyose muri kumwe, inyoni, ibikoko n’ivyikwega hasi, kugira ngo birondoke kandi bigwire kw’isi."
18 Nuko Nowa, umugore wiwe, abahungu biwe n’abagore babo bava mu bwato. 19 Ibikoko vyose, ivyikwega hasi n’inyoni zose n’ibigendagenda kw’isi vyose birasohoka biva mu bwato, nk’uko amoko yavyo ari.
20 Maze Nowa yubakira Uhoraho igicaniro, afata bimwe mu bikoko n’inyoni bidahumanye, abitangako ikimazi kuri ico gicaniro. 21 Uhoraho anezerezwa n’ubumote bw’ico kimazi, araheza yivugana mu mutima ati: "Sinzosubira kuvuma isi ndayiziza abantu, naho ivyiyumviro vyo mu mitima yabo ari bibi kuva mu buto bwabo. Kandi sinzosubira kurandura ibifise ubuzima vyose nk’uko mpejeje kubikora.
22 Isi ikiriho,
igihe co kubiba n’ico kwimbura,
igihe c’imbeho n’ic’ubushuhe,
igihe c’ici n’ic’agatasi,
hamwe n’igihe c’ijoro n’ic’umurango,
bizokwamaho."