1 Nuko Yakobo na we abandanya inzira yiwe, maze abamarayika b’Imana baza guhura na we. 2 Ababonye, aravuga ati: "Aha ni ho Imana icumbitse!" Aca yita aho hantu Mahanayimu.
3 Nuko Yakobo aca atuma intumwa imbere yiwe kuri mwene nyina, Esawu, mu karere ka Seyiri, mu gihugu ca Edomu. 4 Arababwira ati: "Mushikirize ubu butumwa databuja Esawu, muti: ‘Ng’ubu ubutumwa bw’umusavyi wawe Yakobo: iki gihe cose ndakimaranye na marume Labani, kandi natebeye iwe. 5 Ubu rero mfise inka, indogoba, imikuku y’intama n’impene, n’abasuku benshi harimwo abagabo n’abagore. Ndungitse izi ntumwa, nyakwubahwa, ngo zikumenyeshe ko ndiko ndaza, nizera ko nzogirirwa ibakwe imbere yawe.’ "
6 Za ntumwa zihejeje gutanga ubutumwa, ziragaruka zibwira Yakobo ziti: "Twabonanye na mwene nyoko Esawu, kandi ari mu nzira aza ngo muhure. Ari kumwe n’abagabo amajana ane."
7 Yakobo aca agira ubwoba bwinshi, aja mu gatengo. Afata abantu bari kumwe na we abagaburamwo kubiri; n’intama, impene, inka n’ingamiya na vyo abigaburamwo kubiri. 8 Yibaza ati: "Esawu niyahura n’umugwi umwe akawutera, umugwi usigaye urashobora kurokoka."
9 Hanyuma Yakobo aca asenga avuga ati: "Mana ya sogokuru Aburahamu na data Isaka; ewe Uhoraho, ni wewe wambwiye uti: ‘Subira mu gihugu cawe no mu ncuti zawe, nanje nzogukorera ivyiza.’ 10 Wanyeretse urukundo rwinshi n’ubwizigirwa jewe umusavyi wawe, kandi ntari ndabikwiye. Igihe nava iwacu nkajabuka uruzi Yorodani, nta co nari mfise uretse inkoni. None raba ngarutse mfise iyi migwi ibiri. 11 Ndakwinginze, Uhoraho, unkize ukuboko kwa mwene mama Esawu. Ikinteye ubwoba ni uko aje kuntera, yice abagore n’abana banje. 12 Wibuke ko wansezeraniye uti: ‘Nzogukorera ivyiza, kandi nzogwiza uruvyaro rwawe rungane n’umusenyi wo ku kiyaga. Bazoba benshi ku buryo badashobora guharurika!’ "
13 Nuko Yakobo arara aho yari ari. Atoranya mu vyo yari afise ingabire yo guha Esawu, mwene nyina: 14 impene zivyara amajana abiri, impfizi z’impene mirongo ibiri, intama zivyara amajana abiri n’impfizi z’intama mirongo ibiri, 15 ingamiya zivyara mirongo itatu hamwe n’inyana zazo, inka zivyara mirongo ine n’impfizi z’inka icumi, indogoba zivyara mirongo ibiri hamwe n’impfizi z’indogoba icumi. 16 Araheza agabura ivyo bitungwa mu mikuku, ayizeza abakozi batandukanye. Maze abwira abo bakozi ati: "Nimujane ibi bitungwa, mugendere imbere yacu, kandi hagati y’umukuku n’uwundi hasigare ikirere."
17 Yakobo abwira uwari arongoye umukuku wa mbere ati: "Mwene mama Esawu niyaza guhura namwe, araja kubabaza ati: ‘Muri abakozi ba nde? Mugiye he? Ibi bitungwa mushoreye ni ivya nde?’ 18 Umwishure uti: ‘Ni ivy’umusavyi wawe Yakobo, ni ingabire akurungikiye wewe nyakwubahwa Esawu. Kandi na we ari inyuma ariko araza.’ "
19 Yakobo abwira ayo majambo n’uwa kabiri hamwe n’uwa gatatu, n’abari bakurikiye imikuku bose ati: "Nimwahura na Esawu, uko abe ari ko mumubwira. 20 Kandi mumubwire muti: ‘Na databuja Yakobo ariko araza, ari inyuma yacu.’ " Yakobo yibwira ati: "Ninarungika ingabire imbere yanje, biraja guhwamika ishavu rya Esawu. Ninamushikira amaso mu yandi, arashobora kungirira ikigongwe." 21 Nuko arungika za ngabire imbere yiwe, ariko we asubira kurara hamwe bari bacumbitse.
22 Iryo joro, Yakobo aravyuka afata abagore biwe babiri, za ncoreke ziwe zibiri hamwe n’abana biwe icumi n’umwe, ajabuka umugezi Yaboki. 23 Amaze kubajabutsa, ajabutsa n’ivyo yari afise vyose. 24 Ariko Yakobo we asigara inyuma ari wenyene, maze haza umugabo agwana na we kugeza bukeye. 25 Uwo mugabo abonye ko bimunaniye kunesha Yakobo, amukubita ku mutsi wo kw’itako, bituma Yakobo atangura gucumbagira mu gihe yariko aragwana na we. 26 Wa mugabo aravuga ati: "Ndekura ngende kuko burakeye."
Yakobo aramwishura ati: "Sindakurekura, utampezagiye!"
27 Aramubaza ati: "Witwa nde?"
Yakobo aramwishura ati: "Nitwa Yakobo."
28 Wa mugabo aramubwira ati: "Ntugisubira kwitwa Yakobo. Kuva ubu uzokwitwa Isirayeli, kuko wagwanye n’Imana n’abantu ukanesha."
29 Yakobo aramubwira ati: "Ndakwinginze umbwire izina ryawe."
Wa mugabo aramwishura ati: "Umbariza iki izina ryanje?" Nuko aca amuhezagirira aho hantu.
30 Yakobo yita aho hantu Peniyeli, bisigura "mu maso h’Imana", kuko yavuga ati: "Nabonye Imana amaso mu yandi, ariko ndacari muzima!"
31 Izuba riserutse Yakobo ava i Peniyeli, agenda aracumbagira kuko yari yababaye ku mutsi wo kw’itako. 32 Ni co gituma n’uno musi Abisirayeli batarya umutsi wo kw’itako, kuko ari ho Yakobo yakubiswe.