Publicidade

Gênesis 49

Yakobo ahezagira abahungu biwe

1 Nuko Yakobo akoranya abahungu biwe aravuga ati: "Nimukoranire i ruhande yanje kugira ngo ndababwire ibizobashikira mu misi igiye kuza.

2 Nimwegere hafi mwumvirize, bahungu ba Yakobo;

nimwumvirize so Isirayeli.

3 Reyubeni, ni wewe mfura yanje,

inkomezi zanje, umwana wo mu buto bwanje,

urusha abandi iteka n’inkomezi.

4 Umeze nk’amazi atagira uburagamo, ariko ntukibaye uwa mbere,

kuko wuriye uburiri bwa so,

ugahumanya aho ndyama.

5 Simeyoni na Lewi baravukana;

ibigwanisho vyabo ni ivyo gukora ibara.

6 Sinze nigere nja mu nama zabo,

canke ngo nje aho bakoraniye,

kuko bishe abantu kubera ishavu,

banezerezwa no gukomeretsa impfizi.

7 Ishavu ryabo rirakavumwa, kuko ni iry’inkazi;

kandi ugushangashirwa kwabo ni ukw’abicanyi.

Nzobashwiragiriza mu ruvyaro rwa Yakobo,

ndabasabagirize muri Isirayeli.

8 Yuda, bene so bazogushimagiza;

kandi ukuboko kwawe kuzofata abansi bawe kw’izosi;

abahungu ba so bazokwunamira.

9 Yuda, mwana wanje, uri intambwe ikiri nto;

igarutse ihejeje kurya ico yishe.

Aravyuka, akicara nk’intambwe,

nk’intambwe y’ingore, ni nde yoyitegeka kuvyuka?

10 Icumu ry’ubugabe ntirizova mu muryango wa Yuda,

kandi inkoni yo kuganza ntizova mu ruvyaro rwiwe

kugeza aho nyeneyo azozira,

uwo ni we amahanga yose azokwumvira.

11 Azozirika indogoba yiwe ku muzabibu,

inyana y’indogoba yiwe ayizirike ku muzabibu uruta iyindi;

azomesa impuzu ziwe mu muvinyu,

amakanzu yiwe ayamese mu maraso y’inzabibu.

12 Amaso yiwe azokwakaka kubera umuvinyu,

amenyo yiwe yere kurusha amata.

13 Zebuloni azoba ku nkengera z’ibiyaga,

acike ikivuko c’amato;

imbibe ziwe zizoshika i Sidoni.

14 Isakari ni indogoba ikomeye cane

iryamye hagati y’impongore zibiri z’intama.

15 Abonye ingene ikibanza ciwe co kuruhukiramwo ari ciza,

n’ingene itongo ryiwe ari ryiza,

azotega ibitugu vyiwe vyikorere imitwaro,

akore ibikorwa vy’ubugurano.

16 Dani azotunganiriza abantu biwe,

nk’umwe mu miryango ya Isirayeli.

17 Dani azomera nk’inzoka i ruhande y’ibarabara,

nk’inkoma i ruhande y’inzira

ikomora amaguru y’ifarasi

kugira ngo uwuyigenderako agwe agaramye.

18 Uhoraho, nditeze agakiza kawe!

19 Gadi azoterwa n’umugwi w’abambuzi,

ariko azobivuna abatere bariko barahunga.

20 Asheri azogira ivyokurya vyinshi;

azotanga ivyokurya bikwiye umwami.

21 Nafutali ni ingeregere izituye,

avuga amajambo aryoshe cane.

22 Yosefu ni uruzabibu rwama cane,

ni uruzabibu rwama cane ruri hafi y’umugezi,

amashami yarwo arakura akarenga uruzitiro.

23 Abantu baramuteye bamurasa imyampi n’umururazi;

baramurashe n’urwanko rwinshi.

24 Ariko umuheto wiwe wagumanye ubukomezi bwawo,

amaboko yiwe akomezwa

n’ukuboko kw’inkomezi kw’Inyenkomezi ya Yakobo,

n’Umwungere, ari we Gitandara ca Isirayeli.

25 Imana ya so izogufasha,

Iyishoboravyose izoguhezagira

imihezagiro yo hejuru mw’ijuru,

imihezagiro yo mu mazi hasi,

n’imihezagiro y’ibere n’imbanyi.

26 Imihezagiro ya so ni mikuru

kurusha imihezagiro y’imisozi ya kera,

kurusha ivyiza vy’imitumba ya kera cane.

Ivyo vyose bibe ku mutwe wa Yosefu,

ku ruhanga rw’umuganwa muri bene se.

27 Benyamini ni ibingira ry’amarara;

mu gitondo arya igikoko yishe,

ku mugoroba akagabura ivyavuye mu ruhigi."

28 Iyo ni yo miryango icumi n’ibiri ya Isirayeli, kandi ivyo ni vyo yababwiye igihe yabahezagira, umwumwe wese akamuha umuhezagiro wiwe.

Urupfu rwa Yakobo

29 Hanyuma Yakobo abihanikiriza avuga ati: "Ngiye gupfa vuba, mpamvye ba sogokuruza. Muze mumpambe hambavu ya ba sogokuruza mw’isenga riri mw’itongo rya Efuroni Umuheti. 30 Ni rya senga riri mw’itongo rya Makapela, hafi y’i Mamure mu gihugu c’i Kanani, iryo Aburahamu yaguriye Efuroni, Umuheti nk’itongo ryo guhambamwo. 31 Aho ni ho bahamvye Aburahamu na Sara umugore wiwe, na Isaka na Rebeka umugore wiwe ni ho bahambwe, kandi ni ho nahamvye Leya. 32 Iryo tongo n’isenga riri muri ryo vyaguzwe ku Baheti."

33 Ahejeje kubwira abana biwe ayo majambo, Yakobo yuriza amaguru yiwe ku buriri, aracikana, ahamvya ba sekuruza.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-