1 Nuko Imana ihezagira Nowa n’abahungu biwe irababwira iti: "Nimurondoke mugwire mwuzure isi. 2 Ibikoko vyose vyo kw’isi, inyoni zose zo mu kirere, ibikoko bitobito vyikwega hasi, n’amafi yose yo mu biyaga bizobatinya bicike ivutu imbere yanyu. Vyose ndabishize musi y’ububasha bwanyu. 3 Ibintu vyose bigendagenda bibaho ndabibahaye kugira ngo bibabere ivyokurya, nk’uko nabahaye ibiterwa.
4 Ariko ntimuze mwigere murya inyama zikirimwo ubuzima, ari yo maraso. 5 Kandi uwuzosesa amaraso y’uwundi muntu nzobimuhanira; n’igikoko na co kizokwica umuntu gitegerezwa gupfa. Umuntu wese azokwica uwundi ategerezwa gupfa na we.
6 Uwuzosesa amaraso y’umuntu,
amaraso yiwe na we azoseswa n’uwundi muntu;
kuko mw’ishusho y’Imana,
ni ho umuntu yaremwe.
7 Mwebwe nimurondoke mugwire, mwuzure isi."
8 Imana yongera ibwira Nowa n’abahungu biwe iti: 9 "Ngira ngirane isezerano namwe hamwe n’uruvyaro rwanyu, 10 n’ivyaremwe vyose vyavanye namwe mu bwato: inyoni, ibikoko vy’ibitungwa, n’ibikoko vyose vyo mw’ishamba; muri make, ikintu cose kizima kiri kw’isi. 11 Nshizeho iri sezerano hagati yanje namwe, ko amazi y’umwuzure atazosubira kurandura ibifise ubuzima; ntihazosubira kubaho umwuzure ngo urandure isi."
12 Imana yongerako iti: "Iki ni co kimenyetso c’isezerano ngiranye namwe n’ikintu cose kizima kiri kumwe namwe, kandi rikaba ari n’isezerano ry’abazovuka hanyuma: 13 Nshizeho umunywamazi mu bicu; ni wo uzoba ikimenyetso c’isezerano ngiranye namwe n’isi yose. 14 Ninarungika ibicu hejuru y’isi, maze umunywamazi ukaboneka, 15 nzoca nibuka isezerano nagiranye namwe n’ivyaremwe vyose. Amazi y’umwuzure ntazosubira kurandura ivyaremwe vyose. 16 Umunywamazi niwaboneka mu bicu, nzowubona maze nibuke isezerano ridata igihe hagati y’Imana n’ivyaremwe vyose biri kw’isi."
17 Imana ibwira Nowa iti: "Iki ni co kimenyetso c’isezerano ngiraniye namwe hamwe n’ivyaremwe vyose biri kw’isi."
18 Abahungu ba Nowa bavanye na we mu bwato ni Shemu, Hamu na Yafeti. Hamu ni we sekuruza wa Kanani. 19 Aba ni bo bahungu batatu ba Nowa, kandi abantu bose bakwiragiye kw’isi bakomotse kuri bo.
20 Inyuma y’umwuzure, Nowa yabaye umurimyi maze atera uruzabibu. 21 Umusi umwe Nowa anywa umuvinyu yari yaganye, araborerwa maze aryama atambaye mw’ihema ryiwe. 22 Hamu, sekuruza wa Kanani, abonye ko se ari gusa, arasohoka abibwira abavukanyi biwe. 23 Nuko Shemu na Yafeti bafatira impuzu ku bitugu vyabo, bagenza umugongo binjira mw’ihema, bapfuka se. Binjiye bagenza umugongo kugira ngo ntibabone ubwambure bwa se.
24 Nowa yikanguye atakiborewe akamenya ivyo umuhererezi wiwe yakoze, 25 aravuga ati:
"Kanani aravumwe!
Azobera bene se
umugurano ari inyuma y’abandi."
26 Yongerako ati:
"Uhoraho Imana ya Shemu iragahezagirwa!
Kanani aze amubere umugurano.
27 Imana ize yagure amatongo ya Yafeti;
Yafeti aze yibere mu mahema ya Shemu,
Kanani aze amubere umugurano."
28 Inyuma y’umwuzure, Nowa yabayeho iyindi myaka amajana atatu na mirongo itanu. 29 Imyaka yose Nowa yabayeho ni amajana icenda na mirongo itanu, hanyuma arapfa.