1 Hanyuma y’ivyo Uhoraho avugana na Aburamu mu ndoto ati:
"Aburamu, ntugire ubwoba.
Ni jewe nzogukingira,
kandi ni jewe nzoguha impera ikomeye."
2 Ariko Aburamu arishura ati: "Uhoraho Nyeninganji, mbega imihezagiro yose wompa yomarira iki, ko ntagira umwana? Uwugiye kuragwa ivyanje vyose ni Eliyezeri umukozi wanje ava i Damasiko." 3 Aburamu yongerako ati: "Erega nta ruvyaro wampaye, ni co gituma umwe mu bakozi banje ari we agiye kuba samuragwa wanje."
4 Uhoraho aramwishura ati: "Oya, si umukozi wawe azokubera samuragwa, ahubwo umuhungu wawe bwite ni we azokubera samuragwa." 5 Maze Uhoraho ajana Aburamu hanze aramubwira ati: "Raba kw’ijuru uharure inyenyeri nimba wobishobora. Uko ni ko uruvyaro rwawe ruzongana!"
6 Nuko Aburamu yizera Uhoraho, bituma Uhoraho amwemera nk’umugororotsi.
7 Uhoraho aramubwira ati: "Ndi Uhoraho nagukuye muri Uri mu Bakaludaya kugira ngo ndaguhe iki gihugu kibe iragi ryawe."
8 Ariko Aburamu aramubaza ati: "Uhoraho Nyeninganji, ni igiki conyemeza ko iki gihugu kizoba icanje?"
9 Uhoraho aramwishura ati: "Nzanira ishashi y’inka, ishashi y’impene n’impfizi y’intama; vyose bimaze imyaka itatu; uzane n’intunguru hamwe n’inuma ikiri nto."
10 Aburamu azana vya bikoko, abihimburamwo kubiri, maze igihimba cose agitumberanya na kigenzi caco, ariko za nyoni ntiyazihimburamwo kubiri. 11 Nuko ibinyoni bikunda inyama biza aho ya mivyimba iri, ariko Aburamu akaguma avyirukana.
12 Izuba rigiye kurenga, Aburamu afatwa n’itiro ryinshi cane, maze umwijima w’umuzitanya uteye ubwoba uramuhwikira. 13 Uhoraho aca abwira Aburamu ati: "Umenye neza ko abagukomokako bazoba abanyamahanga mu gihugu kitari icabo. Bazoba abagurano muri ico gihugu imyaka amajana ane. 14 Ariko nzohana igihugu kizobagira abagurano, kandi mu nyuma bazokivamwo bafise ubutunzi bwinshi. 15 Ariko wewe uzoramba wipfire ushaje kandi mu mahoro, uhamvye ba sogokuruza. 16 Ku runganwe rugira kane, uruvyaro rwawe ruzogaruka muri kino gihugu, kuko ivyaha vy’Abamori ntibiraba vyinshi kugira ngo ndabirukane mu gihugu."
17 Izuba rimaze kurenga hakaza umwijima, haza inkono yo gucaniramwo ifumba umwotsi n’ikimuri caka bica hagati ya vya bihimba vy’imivyimba. 18 Uwo musi Uhoraho agirana isezerano na Aburamu avuga ati: "Iki gihugu ndagihaye uruvyaro rwawe, kuva ku ruzi rwa Egiputa gushika ku ruzi runini Efurate. 19 Ni igihugu c’Abakayini, Abakenizi, Abakadimoni, 20 Abaheti, Abaperizi, Abarefayimu, 21 Abamori, Abanyakanani, Abagirugashi n’Abayebusi."