Publicidade

Gênesis 3

Uko icaha caje mu bantu

1 Mu bikoko vyo mw’ishamba Uhoraho Imana yari yararemye, inzoka ni yo yarusha ibindi ubugunge. Umusi umwe ibaza wa mugore iti: "Ni ivy’ukuri ko Imana yababwiye iti: ‘Ntimukarye ku vyamwa vyo ku giti na kimwe co mw’itongo’?"

2 Wa mugore yishura ya nzoka iti: "Turashobora kurya ku vyamwa vyo ku biti vyo mw’itongo, 3 ariko Imana yavuze iti: ‘Ntimukarye ku vyamwa vy’igiti kiri hagati mw’itongo, ndetse ntimukagikoreko; kuko nimwabikora, muzopfa.’ "

4 Ya nzoka ibwira wa mugore iti: "Ni ukuri ntimuzopfa. 5 Imana irazi ko umusi mwariye ku vyamwa vyaco amaso yanyu azokwuguruka, mukamera nk’Imana ku bijanye no kumenya iciza n’ikibi."

6 Nuko wa mugore abona ko ivyamwa vya ca giti ari vyiza, ko bibereye kuribwa kandi ko bituma umuntu agira ubwenge. Aca afata bimwe mu vyamwa vyaco arabirya, yongera ahako n’umugabo wiwe, na we ararya. 7 Ubwo nyene amaso yabo bompi aruguruka, batahura ko bari gusa, baca batangura guterateranya amababi y’ibiti vy’imisukoni kugira ngo baronke ivyo bipfuka.

8 Ku mugoroba akayaga kariko karahuhuta, wa mugabo n’umugore wiwe bumva Uhoraho Imana agendagenda mw’itongo, baca barinyegeza mu biti kugira ngo ntababone. 9 Uhoraho Imana ahamagara wa mugabo, aramubaza ati: "Uri hehe?"

10 Na we arishura ati: "Numvise uriko uragendagenda mw’itongo ngira ubwoba nca ndinyegeza kuko ndi gusa."

11 Uhoraho Imana aramubaza ati: "Ni nde yakubwiye ko uri gusa? Woba wariye ku vyamwa vya ca giti kandi narabikubujije?"

12 Wa mugabo arishura ati: "Ni wa mugore wampa yampaye kuri ivyo vyamwa nca ndarya."

13 Uhoraho Imana abaza wa mugore ati: "Ni kuki wakoze ivyo?"

Wa mugore arishura ati: "Inzoka ni yo yampenze, ni co gituma nanje nariye kuri ico camwa."

14 Nuko Uhoraho Imana abwira ya nzoka ati: "Ko wubahutse gukora ivyo,

uravumwe kurusha ibikoko vyose vy’ibitungwa

n’ibikoko vyose vyo mw’ishamba.

Uzohora ugenda ukwega inda hasi

kandi uzorya umukungugu

ubuzima bwawe bwose.

15 Nzoshira urwanko

hagati yawe n’uwu umugore

no hagati y’uruvyaro rwawe n’uruvyaro rwiwe;

azokumena umutwe,

nawe uzomukomora ku gitsintsiri."

16 Abwira wa mugore na we ati:

"Nzogwiza ububabare bwawe mu gihe cawe co kuvyara;

uzovyara abana ubanje kubabara.

Uzohora wipfuza umugabo wawe,

na we azokuganza."

17 Abwira Adamu na we ati: "Ko wumviye umugore wawe, ukarya ku vyamwa vya ca giti kandi nari narakwihanikirije nti: ‘Ntiwemerewe kurya ku vyamwa vyaco,’

Isi iravumwe kubera wewe;

uzoronka ivyo urya ubanje kuyirima ukaruha

ubuzima bwawe bwose.

18 Izokumerera amahwa n’ibitovu,

kandi uzorya ibimeze kuri yo.

19 Kubira icuya mu ruhanga

ni kwo kuzotuma uronka ivyokurya

kugeza usubiye mw’ivu,

kuko ari ryo wavuyemwo.

Kuko uri umukungugu,

kandi uzosubira mu mukungugu."

20 Nuko Adamu yita umugore wiwe Eva, kuko ni we yari agiye kuba nyina w’abafise ubuzima bose.

21 Maze Uhoraho Imana akorera Adamu na Eva impuzu mu nsato z’ibikoko arabambika. 22 Uhoraho Imana aravuga ati: "Umuntu amaze kumera nkatwe mu bijanye no kumenya iciza n’ikibi. Hamwe yokwamura ivyamwa vyo ku giti c’ubugingo akabirya, yoca abaho ibihe bidashira." 23 Nuko Uhoraho Imana aca yirukana wa muntu muri rya tongo rya Edeni amurungika kurima isi yaremwemwo. 24 Amaze kwirukana wa muntu, aca ashira mu buseruko bw’itongo rya Edeni abakerubi hamwe n’inkota yaka umuriro iguma igenda igaruka kugira ngo irinde inzira ija ku giti c’ubugingo.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-