Publicidade

Gênesis 50

1 Maze Yosefu arambarara kuri se aramuririra amusomagura. 2 Hanyuma abwira abaganga bamukorera ngo bategure ikiziga ca se Isirayeli; nuko baragitegura. 3 Igikorwa co gutegura ikiziga ciwe cafashe imisi mirongo ine nk’uko vyari bisanzwe bigenzwa. Nuko Abanyegiputa bamugandarira imisi mirongo indwi.

4 Igihe co kugandara giheze, Yosefu yegera abahanuzi ba Farawo arababwira ati: "Nimba ngiriwe ubuntu mu maso yanyu, ndabinginze mumvugire kwa Farawo, 5 mumubwire ko data yandahije akambwira ati: ‘Urabona ko ngiye gupfa. Uze usubize ikiziga canje mu gihugu c’i Kanani, umpambe mu mva nateguye ko bazompambamwo.’ Nuko rero ndakwinginze unyemerere nje guhamba data. Mpejeje kumuhamba, nzoca ngaruka."

6 Farawo yemerera Yosefu ico amusavye, arishura ati: "Genda uhambe so, ubikore nk’uko yakurahije."

7 Nuko Yosefu aja guhamba se, aherekejwe n’abakozi bakurubakuru bakorera umwami, abajejwe ikirimba n’abubahwa bo mu gihugu ca Egiputa cose. 8 Yosefu yongera ajana abo mu rugo rwiwe bose, hamwe na bene se n’imiryango yabo. Abana bato n’amasho n’imikuku ni vyo basize i Gosheni gusa. 9 Yosefu aherekezwa n’imikogote myinshi n’abagendera ku mafarasi benshi.

10 Bashitse ku mbuga ya Atadi, hafi y’uruzi Yorodani, bagira ikigandaro gikomeye kandi c’akataraboneka. Yosefu ategurira se ikigandaro c’imisi indwi. 11 Abanyakanani baba aho hantu babonye ikigandaro kiriko kirabera ku mbuga ya Atadi, baravuga bati: "Abanyegiputa bagize ikigandaro kibababaje cane!" Ni co gituma aho hantu hafi y’uruzi Yorodani hitwa Abeli-Misirayimu, bisigura "ikigandaro c’Abanyegiputa".

12 Nuko abahungu ba Yakobo bakora vyose nk’uko yari yabibasavye. 13 Bajana ikiziga ciwe mu gihugu c’i Kanani, bamuhamba mw’isenga riri mw’itongo rya Makapela, hafi y’i Mamure, iryo Aburahamu yari yaraguriye Efuroni Umuheti nk’ikibanza co guhambamwo. 14 Ahejeje guhamba se, Yosefu asubira muri Egiputa hamwe na bene se n’abari bamuherekeje bose guhamba se.

Yosefu ahumuriza bene se

15 Abavukanyi ba Yosefu babonye ko se apfuye, baravuga bati: "Yosefu arashobora kutugirira urwanko akatwihora ku bibi twamukoreye." 16 Nuko barungika intumwa kwa Yosefu bati: "Imbere yo gupfa, so yasize avuze ati: 17 ‘Muze mubwire Yosefu muti: Aragusavye uze uharire bene so icaha n’ikibi kibishe bagukoreye, igihe bakugirira ibitagirwa.’ None turakwinginze uduharire icaha cacu twebwe abakozi b’Imana ya so." Yosefu yumvise ayo majambo, aca ararira.

18 Na bene se baca baraza barambarara imbere yiwe, baramubwira bati: "Turi abagurano bawe!"

19 Ariko Yosefu arababwira ati: "Ntimugire ubwoba, erega jewe sindi mu kibanza c’Imana. 20 Mwebwe mwashaka kunkorera ikibi, ariko Imana yahinduye ico kibi iciza. Yanshize muri kino kibanza kugira ngo ikize ubuzima bw’abantu benshi. 21 Nuko rero ntimusubire kugira ubwoba, nzobandanya ndabitaho mwebwe n’abana banyu." Uko ni ko yabaremesheje, ababwira amajambo meza.

Urupfu rwa Yosefu

22 Nuko Yosefu na bene se n’imiryango yabo babandanya baba muri Egiputa. Yosefu yamaze imyaka ijana na cumi, 23 yibonera abana b’umuhungu wiwe Efurayimu gushika ku runganwe rwa gatatu; yibonera n’abana ba Makiri, umuhungu wa Manase, bavukiye ku bibero vyiwe.

24 Umusi umwe Yosefu abwira bene se ati: "Jewe ngiye gupfa. Ariko Imana izobagendera ibatabare, ibakure muri iki gihugu, ibajane mu gihugu yarahiye ko izoha Aburahamu, Isaka na Yakobo." 25 Nuko Yosefu arahiza bene Isirayeli ati: "Imana niyabagendera ikabashoboza gusubira mu gihugu canyu, mundahire ko muzojana amagufa yanje mukayakura muri kino gihugu."

26 Nuko Yosefu apfa afise imyaka ijana na cumi, bategura umubiri wiwe n’amavuta amota kugira ngo ntiwononekare, bamushira mw’isandugu ikozwe mw’ibuye muri Egiputa.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-