1 Maze Yosefu bimunanira guhisha ibigumbagumba yari afise imbere y’abakozi biwe. Nuko abategeka gusohoka bose, asigarana na bene se gusa, maze arabimenyekanisha. 2 Nuko araturika ararira cane ku buryo Abanyegiputa bavyumva, maze inkuru ishika no ku kirimba kwa Farawo.
3 Yosefu abwira bene se ati: "Ni jewe Yosefu! Data yoba akiri muzima?" Bene se bumvise ayo majambo biranka ko bamwishura kubera ubwoba bwinshi.
4 Yosefu arababwira ati: "Nimunyegere!" Nuko baramwegera. Arabandanya ati: "Ndi Yosefu, umuvukanyi wanyu. Ni jewe mwagurishije nk’umugurano muri Egiputa. 5 Ubu rero ntimubabare kandi ntimwiteko ishavu ko mwangurishije muri kino gihugu. Imana ni yo yandungitse imbere yanyu, kugira ngo ikize ubuzima bwanyu mu gihe nk’iki. 6 Iyi nzara imaze imyaka ibiri, ariko haracasigaye iyindi itanu, ata kurima kandi ata kwimbura. 7 Imana yandungitse hano imbere yanyu kugira ngo mwebwe n’imiryango yanyu ntimuhone kandi kugira ngo harokoke abantu benshi.
8 Si mwebwe rero mwandungitse hano, ni Imana. Kandi ni yo yangize umuhanuzi mukuru wa Farawo. Yampaye kuganza ikirimba ciwe, angira n’umukuru w’igihugu cose ca Egiputa. 9 Mwihute muje kwa data mumubwire muti: ‘Umuhungu wawe Yosefu avuze ati: Imana yampaye kuganza igihugu cose ca Egiputa. Ingo iwanje udatevye. 10 Urashobora kwibera mu gihugu ca Gosheni, ukanyegera hafi wewe n’abana bawe n’abuzukuru bawe, intama zawe, impene zawe n’inka zawe, n’ibindi vyose utunze. 11 Uri i Gosheni, nzogutunga nguhe ivyo ukeneye, kuko hagisigaye imyaka itanu y’amapfa. Bitari uko wewe, umuryango wose n’ibikoko utunze muzokwicwa n’ubukene.’
12 Mwese, nawe murumunanje Benyamini, muribonera ko ari jewe Yosefu ndiko ndabavugisha! 13 Nimugende mubwire data icubahiro mfise muri Egiputa, mumusigurire ivyo mwabonye vyose, hanyuma mumuzane hano bidatevye."
14 Nuko agumbira Benyamini arizwa n’umunezero. Benyamini na we aririra ku rutugu rwiwe. 15 Yosefu agumbira bene se bose yongera arabasoma arira; na bo batangura kumuvugisha bidegemvya.
16 Maze inkuru imenyekana ku kirimba kwa Farawo ko abavukanyi ba Yosefu baje, ivyo binezereza Farawo n’abakorana na we. 17 Farawo abwira Yosefu ati: "Bwira bene so uti: ‘Nimushire imizigo yanyu ku ndogoba zanyu mwihute muje i Kanani; 18 hanyuma muzane so n’imiryango yanyu, maze mugaruke hano. Nzobaha amatongo meza aruta ayandi muri Egiputa, hanyuma barye ivyiza vyeze mu gihugu.’
19 Babwire kandi bajane imwe mu mikogote yo muri Egiputa, baje kuzana abagore babo, abana babo na se hano. 20 Ntibakwiye kwicuza ku vyabo bazosiga, kuko ivyiza vyo mu gihugu ca Egiputa ari ivyabo."
21 Nuko abahungu ba Isirayeli babigenza nk’uko babariwe. Yosefu abaha imikogote, nk’uko Farawo yari yavuze, hanyuma abaha n’ivyo bakeneye mu rugendo. 22 Umwe wese amuha impuzu nshasha ariko Benyamini we amuha zitanu na shekeli amajana atatu z’ifeza. 23 Yongera arungikira se indogoba icumi zikoreye ivyiza vyeze mu gihugu ca Egiputa, indogoba icumi z’ingore zikoreye ingano, imikate, n’ibindi vya nkenerwa mu rugendo rwiwe. 24 Nuko arungika bene se; bakigenda arababwira ati: "Ntimugende muratongana mu nzira!"
25 Nuko bava muri Egiputa basubira kwa se Yakobo i Kanani. 26 Bashitse baramubwira bati: "Yosefu aracariho! Mbere ni we aganza igihugu ca Egiputa!" Ariko Yakobo we amera nk’aho ata co yumvise, kuko atemera ivyo bamubwiye. 27 Ariko bamusubiriyemwo ivyo Yosefu yababwiye vyose, akabona n’imikogote yarungitse ngo imujane muri Egiputa, umutima wa Yakobo usubiramwo ubuzima. 28 Isirayeli aravuga ati: "Ivyo birakwiye. Umwana wanje Yosefu aracariho. Ndakwiye kugenda nkamubona imbere y’uko mpfa!"