Publicidade

Gênesis 12

Ihamagarwa rya Aburamu

1 Maze Uhoraho abwira Aburamu ati: "Va mu gihugu cawe, mu bwoko bwawe no mu muryango wa so, uje mu gihugu nzokwereka.

2 Nzokugira ihanga rikomeye

kandi nzoguhezagira;

izina ryawe nzorigira rurangiranwa,

kandi uzobera abandi umuhezagiro.

3 Abazoguhezagira nzobahezagira,

kandi abazokuvuma nzobavuma;

imiryango yose yo kw’isi

izohezagirwa biciye kuri wewe."

4 Nuko Aburamu aca aragenda nk’uko Uhoraho yamutegetse ajana n’umuhungwabo Loti. Igihe yava i Harani, Aburamu yari amaze imyaka mirongo indwi n’itanu. 5 Nuko agenda ajanye n’umugore wiwe Sarayi, n’umuhungwabo Loti, n’ibintu vyose bari batunze hamwe n’abantu bose bari baronkeye i Harani, maze berekeza mu gihugu c’i Kanani, baragenda bashikayo.

6 Aburamu aca muri ico gihugu ashika ahitwa i Shekemu, ku giti kinini ca More. Muri ico gihe, Abanyakanani ni bo baba muri ico gihugu. 7 Hanyuma Uhoraho yiyereka Aburamu, aramubwira ati: "Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu." Aburamu aca yubakira Uhoraho yamwiyeretse igicaniro aho hantu.

8 Inyuma y’aho, Aburahamu yerekeza mu bumanuko, ashinga amahema mu misozi yaho. Mu burengero hari Beteli, mu buseruko hakaba Hayi. Aho na ho ahubakira Uhoraho ikindi gicaniro, maze asenga Uhoraho.

9 Hanyuma Aburamu arabandanya aja mu bumanuko, agenda aracumbika, atumbereye i Negebu.

Aburamu aja kuba muri Egiputa

10 Hanyuma muri ico gihe hatera inzara ikomeye muri ico gihugu, bituma Aburamu aja kuba muri Egiputa ahamara igihe. 11 Bagira bashike muri Egiputa, Aburamu abwira umugore wiwe Sarayi ati: "Ndazi ko uri umugore mwiza cane. 12 Abanyegiputa nibakubona bazovuga bati: ‘Uwu ni umugore wiwe.’ Bazoca banyica, ariko wewe bakureke ubeho. 13 Ndagusavye rero uze ubabwire ko uri mushikanje; ivyo bizotuma bamfata neza ntibanyice kubera wewe."

14 Aburamu ashitse muri Egiputa, Abanyegiputa babona ko umugore wiwe ari mwiza cane. 15 Abaganwa ba Farawo bamubonye na bo babwira Farawo ubwiza bwiwe. Maze baca bajana Sarayi ku kirimba c’umwami. 16 Ivyo vyatumye umwami afata Aburamu neza amuha intama, impene, inka, indogoba z’ingabo n’ingore, abakozi b’abahungu n’abakobwa n’ingamiya, ku bwa Sarayi.

17 Ariko Uhoraho ateza Farawo n’umuryango wiwe ivyago bitandukanye kubera Sarayi, umugore wa Aburamu. 18 Nuko Farawo atumako Aburamu aramubaza ati: "Ibi wankoreye ni ibiki? Ni kuki utambwiye ko ari umugore wawe? 19 Ni kuki wavuze ngo ni mushikawe, bigatuma ndamugira umugore wanje? Ubu rero, ng’uwo umugore wawe. Mwakire muce muva aha mugende!" 20 Nuko Farawo ategeka bamwe mu bakozi biwe kwirukana Aburamu, bamurungikana n’umugore wiwe n’ivyo yari atunze vyose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-