Publicidade

Gênesis 34

Dina na Shekemu

1 Umusi umwe, Dina umukobwa Leya yavyaranye na Yakobo, aja kuramutsa abakobwa bamwe bo muri ico gihugu. 2 Shekemu mwene Hamori Umuhiwi, umukuru w’ico gihugu, abonye Dina, aramufata amusambanya ku nguvu. 3 Mu nyuma yumva akunze Dina, umukobwa wa Yakobo, agerageza kumukwegesha amajambo meza. 4 Maze Shekemu abwira se Hamori ati: "Nsabira uwu mukobwa, nshaka ko ambera umugore."

5 Mu nyuma, Yakobo yumva ko Shekemu yononye umukobwa wiwe Dina. Kubera ko abahungu biwe bari baragiye imikuku mu gahinga, arahora kugeza bagarutse.

6 Maze Hamori, se wa Shekemu, aja kwa Yakobo kugira ngo babivugane, 7 igihe abahungu ba Yakobo bari batashe bavuye mu gahinga. Bavyumvise barababara cane bashavuzwa cane n’ingene Shekemu yakoze ibidakorwa muri Isirayeli, agasambanya ku nguvu umukobwa wa Yakobo.

8 Hamori agerageza kuvugana na Yakobo n’abahungu biwe ati: "Umuhungu wanje Shekemu yakunze umukobwa wawe, ndakwinginze umumuhe amubere umugore. 9 Kandi twemerere tunywane. Muduhe abakobwa banyu barongorwe n’abahungu bacu; natwe tubahe abakobwa bacu barongorwe n’abahungu banyu. 10 Murashobora kugumana natwe, igihugu kiruguruye. Murashobora kuba aho mushaka hose, mukadandaza, mukagura n’amatongo."

11 Shekemu na we abwira se wa Dina na basazawe ati: "Ndasavye mungirire imbabazi, kandi ico munsaba cose ndagitanga. 12 Munsabe inkwano n’ingabire mushaka zose, ico munsaba cose ndagitanga; ariko mumumpe ambere umugore."

13 Kubera ko Shekemu yari yononye Dina mushiki wabo, abahungu ba Yakobo bishura Shekemu na se Hamori mu buryarya. 14 Barababwira bati: "Ntidushobora gutanga mushiki wacu ngo arongorwe n’umugabo atakebwe; ico ni ikintu c’iterasoni kuri twebwe. 15 Ivyo twovyemera twumvikanye ibi bikurikira: Mwemere kumera nk’uko tumeze, izina muhungu wese muri mwebwe akebwe. 16 Aho ni ho dushobora kubaha abakobwa bacu, natwe tukarongora abakobwa banyu. Tuzoheza tubane namwe, maze tube ihanga rimwe. 17 Ariko nimutatwumvira, ntimwemere gukebwa, duca twakira umukobwa wacu twigire."

18 Ayo majambo aryohera Hamori n’umuhungu wiwe Shekemu. 19 Shekemu ntiyatevye gukora ivyo bamusavye, kuko yari yakunze umukobwa wa Yakobo cane. Kandi yari yubashwe mu muryango wa se. 20 Hamori na Shekemu baja kw’irembo ry’igisagara cabo bavugana n’abagabo bo mu gisagara bati: 21 "Aba bantu ni abanyamahoro. Muze tubareke babane natwe muri iki gihugu, bahadandarize ata nkomanzi. Igihugu ni kinini cobakwira. Turashobora kurongora abakobwa babo, na bo bakarongora abakobwa bacu. 22 Ariko ikizotuma bagumana natwe tukaba ihanga rimwe, ni uko abahungu bacu bose bakebwa nka bo. 23 Ivyo tubikoze, imikuku yabo n’ibindi vyose batunze bizohinduka ivyacu. Muze twemere ivyo badusaba gusa, kugira ngo babane natwe."

24 Nuko abagabo bose basohokera muri iryo rembo bemera inama ya Hamori n’umuhungu wiwe Shekemu, maze izina muhungu wese wo muri ico gisagara arakebwa.

25 Haheze imisi itatu, ibikomere vyabo bikibababaza, babiri mu bahungu ba Yakobo, Simeyoni na Lewi, basaza ba Dina, bafata inkota zabo binjira muri ca gisagara ata nkomanzi, bica abagabo bose, 26 harimwo na Hamori na Shekemu umuhungu wiwe. Bose babicisha inkota, maze bakura Dina mu nzu kwa Shekemu baca barigira. 27 Abandi bahungu ba Yakobo baraza baca mu mivyimba basahura ivyari muri ico gisagara vyose, kugira ngo bihore ibara ryakorewe mushiki wabo. 28 Bafata intama, impene, inka n’indogoba vy’abantu b’i Sikemu; ivyo basanze mu gisagara n’ivyari mu gahinga, 29 batwara ubutunzi bwabo bwose, abana babo n’abagore babo, n’ivyari mu nzu zabo vyose.

30 Yakobo abwira Simeyoni na Lewi ati: "Munteje ivyago mu bantu bose baba muri iki gihugu! Kubera mwebwe, Abanyakanani n’Abaperizi bagiye kunyanka. Twebwe turi bake. Nibaja hamwe bakantera, bazonesha; umuryango wanje wose bawuherengeteze."

31 Baramwishura bati: "Ni kuki yafata mushiki wacu nka maraya?"

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-