Publicidade

Gênesis 11

Umunara wa Babeli

1 Muri ico gihe, abantu bose baba kw’isi bavuga ururimi rumwe, bagakoresha n’amajambo amwe. 2 Bamaze kwimukira mu buseruko, basanga ikiyaya mu gihugu ca Shinari, baca bagereraho.

3 Nuko baravugana bati: "Nimuze tubumbe amatafari tuyaturire neza." Muri ico gihugu bubakisha amatafari mu gishingo c’amabuye n’ikaburimbi mu gishingo c’isima n’umusenyi. 4 Baravuga bati: "Nimuze twiyubakire igisagara gifise umunara ushika mw’ijuru. Ivyo bitume tumenyekana cane kandi bitume tudashwiragira kw’isi yose."

5 Maze Uhoraho amanukanwa no kuraba ico gisagara n’umunara abo bantu bariko barubaka. 6 Aravuga ati: "Aba bantu bagiye hamwe kandi bavuga ururimi rumwe. Ko batanguye gukora ibi, nta kintu na kimwe bazoshaka gukora kizobananira. 7 Reka tumanuke dutume haba indimi nyinshi, maze bazazanirwe vyanke ko bumvikana."

8 Uko ni ko Uhoraho yabashwiragirije kw’isi yose, bituma batabandanya kwubaka ca gisagara. 9 Ni co gituma ico gisagara ciswe Babeli, kuko aho ni ho Uhoraho yateye abantu kuzazanirwa kubera indimi nyinshi, maze abashwiragiza kw’isi yose.

Kuva kuri Shemu gushika kuri Aburamu

10 Uru ni rwo rukurikirane rw’abagize umuryango wa Shemu.

Shemu amaze imyaka ijana, aca avyara Arupakisade; aho hari haheze imyaka ibiri inyuma y’umwuzure. 11 Arupakisade amaze kuvuka, Shemu yabayeho iyindi myaka amajana atanu, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.

12 Arupakisade amaze imyaka mirongo itatu n’itanu, yavyaye Shela. 13 Shela amaze kuvuka, Arupakisade yabayeho iyindi myaka amajana ane n’itatu, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.

14 Shela amaze imyaka mirongo itatu, yavyaye Eberi. 15 Eberi amaze kuvuka, Shela yabayeho iyindi myaka amajana ane n’itatu, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.

16 Eberi amaze imyaka mirongo itatu n’ine, yavyaye Pelegi. 17 Pelegi amaze kuvuka, Eberi yabayeho iyindi myaka amajana ane na mirongo itatu, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.

18 Pelegi amaze imyaka mirongo itatu, yavyaye Rewu. 19 Rewu amaze kuvuka, Pelegi yabayeho iyindi myaka amajana abiri n’icenda, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.

20 Rewu amaze imyaka mirongo itatu n’ibiri yavyaye Serugi. 21 Serugi amaze kuvuka, Rewu yabayeho iyindi myaka amajana abiri n’indwi, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.

22 Serugi amaze imyaka mirongo itatu, yavyaye Nahori. 23 Nahori amaze kuvuka, Serugi yabayeho iyindi myaka amajana abiri, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.

24 Nahori amaze imyaka mirongo ibiri n’icenda, yavyaye Tera. 25 Tera amaze kuvuka, Nahori yabayeho iyindi myaka ijana na cumi n’icenda, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.

26 Tera amaze imyaka mirongo indwi, yavyaye Aburamu, Nahori na Harani.

Uruvyaro rwa Tera

27 Uru ni rwo rukurikirane rw’abagize umuryango wa Tera.

Tera yavyaye Aburamu, Nahori na Harani. Harani na we yavyaye Loti. 28 Ariko Harani yapfiriye muri Uri mu Bakaludaya, mu gihugu ciwe c’amavukiro, se Tera akiriho. 29 Maze Aburamu na Nahori na bo bararongora. Umugore wa Aburamu yitwa Sarayi; umugore wa Nahori na we yitwa Milika, akaba yari umukobwa wa Harani, uwo Harani ni we yari se wa Isika kandi. 30 Sarayi yari ingumba, ntiyashobora kuronka umwana.

31 Umusi umwe Tera ava muri Uri mu Bakaludaya aja i Kanani ajanye na Aburamu umuhungu wiwe, n’umwuzukuru wiwe Loti, umuhungu wa Harani, hamwe n’umukazana wiwe Sarayi, umugore wa Aburamu. Ariko bashitse i Harani, baca bagereraho.

32 Tera yamaze imyaka amajana abiri n’itanu, hanyuma apfira i Harani.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-