Publicidade

Gênesis 29

Yakobo ashika i Padani-Aramu

1 Nuko Yakobo arabandanya urugendo rwiwe, ashika mu gihugu co mu buseruko. 2 Ahashitse abona iriba mu gahinga, n’imikuku itatu y’intama ziryamye hafi yaryo, kuko ari ho zari zisanzwe ziza kunywa amazi. Ariko iryo riba ryari ryugaje ikibuye kinini. 3 Imikuku yose imaze kwegerana, abungere baca bakorana bagatembagaza ca kibuye kikava ku munwa w’iriba, maze bagaha amazi intama. Mu nyuma baraheza bagasubiza ca kibuye ku munwa w’iriba.

4 Yakobo abaza ubungere ati: "Bavukanyi, mwebwe muva he?"

Baramwishura bati: "Tuva i Harani."

5 Arababaza ati: "Mwoba muzi Labani, umwuzukuru wa Nahori?"

Baramwishura bati: "Egome, turamuzi."

6 Yongera arababaza ati: "Arakomeye?"

Na bo bati: "Egome, arakomeye. Mbere ng’uriya n’umukobwa wiwe Rasheli arashitse n’intama ziwe."

7 Yakobo arababwira ati: "Murabona ko hakiri ku murango; ntiharagera kwegeranya imikuku y’intama. Nimuhe amazi izo ntama hanyuma muzisubize kurisha."

8 Baramwishura bati: "Ntidushobora kubikora ubu nyene imikuku y’intama yose itarashika, hanyuma ngo dutembagaze ikibuye cugaye iriba. Aho ni ho dushobora guha intama amazi."

9 Yakobo akiriko aravugana na bo, Rasheli arashika ashoreye intama za se, kuko uwo mukobwa yari umwungere. 10 Yakobo abonye Rasheli umukobwa wa Labani inarume, akabona n’intama za Labani, aca aja kuri rya riba, atembagaza ca kibuye kiryugaye, maze aha amazi intama za inarume. 11 Hanyuma Yakobo agumbira Rasheli, maze araturika ararira. 12 Abwira Rasheli ati: "Ndi incuti ya so, umuhungu wa Rebeka." Rasheli aca ariruka abibwira se.

13 Labani amaze kwumva ko Yakobo, umwana wa mushikiwe, yaje, ariruka aja kumusanganira. Aramugumbira, aramusoma, amujana i muhira iwe. Yakobo amaze kubwira Labani ivyamubayeko vyose, 14 Labani aramubwira ati: "Ni ivy’ukuri uri umubiri wanje n’amaraso yanje."

Yakobo arongora Leya na Rasheli

Yakobo ahamaze ukwezi, 15 Labani aramubwira ati: "Ntukwiye kunkorera kuri gusa ngo ni kubera ko turi incuti. Mbwira impembo ushaka."

16 Labani yari afise abakobwa abiri. Umukuru yitwa Leya, umutoya yitwa Rasheli. 17 Amaso ya Leya ntiyaraba neza, ariko Rasheli yari mwiza cane kandi yari ateye igomwe. 18 Kubera ko Yakobo yakunda Rasheli, abwira Labani ati: "Nzogukorera imyaka indwi niwemera kumpa Rasheli, umukobwa wawe mutoya, ngo twubakane."

19 Labani aramwishura ati: "Ndavyemeye! Nohitamwo kumuguha hako ndamuha uwundi muntu. Guma hano iwanje." 20 Nuko Yakobo akorera Labani imyaka indwi kugira ngo aronke Rasheli. Kuko yamukunda urukundo rwinshi, iyo myaka yamubereye nk’imisi mike cane.

21 Nuko Yakobo abarira Labani ati: "Igihe twavuganye kiraheze, mpa umugore nakoreye kugira ngo tubane."

22 Nuko Labani atumira abantu bo muri ako karere agira umusi mukuru. 23 Ariko hageze ku mugoroba, afata umukobwa wiwe Leya aba ari we aha Yakobo, maze Yakobo aryamana na we. 24 Labani aha umukobwa wiwe Leya incoreke yiwe Zilupa kugira ngo imukorere.

25 Yakobo avyutse mu gitondo, asanga yararanye na Leya. Abwira Labani ati: "Ibi wankoreye ni ibiki? Sinagukoreye imyaka indwi twumvikanye ko umpa Rasheli? Ni kuki wambeshe?"

26 Labani aramwishura ati: "Mu migenzo ya hano iwacu ntivyemewe gushingira umukobwa muto imbere y’umukobwa mukuru. 27 Rangiza iyi ndwi y’inkinga, hanyuma nzoheza ndaguhe Rasheli niwemera kunkorera iyindi myaka indwi."

28 Nuko Yakobo yemera gukora iyindi myaka indwi. Amaze imisi indwi arongoye Leya, Labani umushingira na Rasheli na we. 29 Labani atanga incoreke yiwe Biluha kugira ngo akorere umukobwa wiwe Rasheli. 30 Nuko Yakobo aryamana na Rasheli na we, kandi urukundo yamukunda rwaruta urwo yakunda Leya. Amara iyindi myaka indwi akorera Labani.

Abana ba Yakobo

31 Uhoraho abonye ko Leya adakundwa, amushoboza kuvyara abana, ariko Rasheli we aba ingumba. 32 Nuko Leya asama inda avyara umuhungu, amwita Reyubeni, kuko yavuga ati: "Uhoraho yabonye umubabaro wanje; ubu ho umugabo wanje azonkunda."

33 Yongera asama iyindi nda avyara umuhungu, maze amwita Simeyoni, kuko yavuga ati: "Uhoraho yabonye ko ntakundwa; ni co gituma ampaye uwundi muhungu."

34 Yongera asama inda igira gatatu, avyara uwundi muhungu. Amwita Lewi, kuko yavuga ati: "Ubu ho umugabo wanje azonkunda, kuko maze kumuvyarira abahungu batatu."

35 Leya yongera asama iyindi nda, avyara uwundi muhungu, amwita Yuda, kuko yavuga ati: "Ubu rero ngiye guhimbaza Uhoraho!" Hanyuma aca arahagarika kuvyara.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-