Pular para o conteúdo
Publicidade

Seguir a Jesus

Por Bíblia Online

Seguir a Jesus é o convite mais transformador da Bíblia. Jesus chamou pescadores, cobradores de impostos e pessoas comuns para deixar tudo e segui-lo. Esse chamado continua vivo hoje.

O chamado de Jesus

Jesus disse: 'Segue-me'. Esse convite simples e poderoso mudou a vida de pescadores, publicanos e pessoas comuns ao longo da história.

Yesu arababwira ati: "Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu." Ubwo nyene, baca basiga ngaho insenga zabo, baramukurikira.

Yesu ahamagara Matayo

Yesu avuye aho, abona umutozakori yitwa Matayo yicaye aho atoreza ikori, amubwira ati: "Nkurikira." Matayo aca ava hasi, aramukurikira.

Yesu ahamagara Filipo na Natanayeli

Ku musi ukurikira, Yesu afata ingingo yo kuja i Galilaya. Ariko aragenda, ahura na Filipo, amubwira ati: "Nkurikira!"

Gukurikira Yesu

Bari mu nzira bagenda, umuntu umwe araza abarira Yesu ati: "Nditeguye kugukurikira aho uja hose."

Yesu aramwishura ati: "Imbwebwe zirafise imyobo zibamwo n’inyoni zo mu kirere zirafise ivyari, ariko Umwana w’Umuntu ntagira n’aho akika umusaya."

Yesu aca abarira uwundi muntu ati: "Nkurikira."

Ariko wa muntu aramwishura ati: "Mwami, banza undeke ngende mpambe data."

Yesu aramubwira ati: "Reka abapfuye mu mpwemu bahambe abapfuye babo, ariko wewe genda uvuge ivy’Ubwami bw’Imana."

Hanyuma uwundi na we araza avuga ati: "Mwami, ndagukurikira, ariko reka mbanze ngende nsezere umuryango wanje."

Yesu aramwishura ati: "Nta muntu araba inyuma ariko ararimisha inka aba abereye Ubwami bw’Imana."

O custo do discipulado

Seguir a Jesus exige renúncia. É preciso tomar a cruz diariamente, deixar tudo para trás e amar a Cristo acima de qualquer outro vínculo.

Hanyuma Yesu abwira abigishwa biwe ati: "Umuntu wese agomba kuba umwigishwa wanje, ategerezwa kwiheba, akikorera umusaraba wiwe, akankurikira.

"Uwugomba kunkurikira ariko ntiyanke se, canke nyina, canke umugore wiwe, canke abana biwe, canke abo bavukana, ndetse n’ubuzima bwiwe na bwo nyene, ntashobora kuba umwigishwa wanje. Kandi uwutikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje.

Maze Petero aramubwira ati: "Twebwe twasize vyose turagukurikira!"

Yesu na we arabishura ati: "Ndababwire ukuri, nta muntu n’umwe yasize inzu, abavukanyi, se canke nyina, abana canke amatongo yiwe kubera Ubutumwa Bwiza, atazobishumbushwa incuro ijana muri iki gihe: inzu, abavukanyi, abavyeyi, abana n’amatongo, hamwe no guhamwa. Kandi mu gihe kizoza akazoronka ubugingo budashira. Ariko benshi mu bari imbere bazoba ab’inyuma, abari inyuma na bo bazoba ab’imbere."

Caminhar com Cristo

Quem segue a Jesus não anda em trevas, mas tem a luz da vida. Ele nos convida a crescer nele e a servir como Ele serviu.

Yesu ni umuco w’isi

Nuko Yesu abandanya yigisha ba bantu, ababwira ati: "Jewe ndi umuco w’isi. Uwunkurikira ntazogendera mu mwijima, ahubwo azoronka umuco w’ubugingo."

Nimba hariho umuntu ashaka kuba umwigishwa wanje ategerezwa kunkurikira, kuko umukozi wanje ategerezwa kuba aho ndi. Kandi Data azoha icubahiro umuntu wese ankorera.

Kuko, Imana yabahamagariye gukora ivyiza, mbere no mu gihe ivyo bishobora kubashikana mu mibabaro, nk’uko Kristo na we yababajwe ku bwanyu. Ni we citegererezo canyu kandi mutegerezwa kumwigana.

"Ntiyigeze acumura na rimwe,

kandi ntiyigeze abesha umuntu n’umwe."

Abamututse ntiyabihora, canke ngo ahige kwihora abamuteje imibabaro. Ivyo yabirekeye Imana yoyo ica imanza ziroranye.

Ahubwo, tuzovuga ukuri mu rukundo, dukure mu buryo bwose, kugeza dushike ku gusa na Kristo, we mutwe w’umubiri ari ryo shengero ryiwe.

Muze mwumvire ivyagezwe vyanje, mwitondere ivyo ndabategetse. Ndi Uhoraho Imana yanyu.

Seja o primeiro