Publicidade

Sonhos

Por Bíblia Online

Sonhos aparecem em toda a Bíblia como meio de revelação divina. Deus falou através de sonhos a patriarcas, profetas e servos, mas também alertou contra falsos sonhadores.

Sonhos como revelação divina

Deus usou sonhos para comunicar sua vontade a homens e mulheres ao longo da história bíblica, revelando caminhos e mistérios.

arababarira ati: "Nimwumve amajambo yanje:

Iyo hari uwuvugishwa nUhoraho muri mwebwe,

ndamwihishurira mu vyo yerekwa,

nkavugana na we mu ndoto.

Umusi w’Uhoraho

Kandi hanyuma y’ivyo,

nzosuka Mpwemu wanje ku bantu bose.

Abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovugishwa,

abatama banyu bazorota indoto,

n’abasore banyu bazobona ivyo beretswe.

Petero yigisha isinzi ry’abantu

Petero aca arahaguruka ari kumwe na bamwe cumi n’umwe, avuga n’ijwi rirenga abwira abari ngaho ati: "Bayuda benewacu, namwe mwese muri i Yerusalemu, nimuntege amatwi, mutahure neza ibibaye. Aba bantu ntibaborewe nk’uko bamwe muvyiyumvira. Raba haracari isaha zitatu z’igitondo. Ibi ni ivyari vyaravuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yoweli, aho yavuga ati:

Uku ni ko Imana ivuze, iti: Mu bihe vya nyuma

nzosuka Mpwemu wanje ku bantu bose;

abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovugishwa nanje,

n’abasore banyu bazobona ivyo beretswe,

abatama banyu bazorota inzozi.

Imana iha abo basore bane kumenya no gutahura inyandiko z’uburyo bwinshi kandi zitandukanye no kugira ubwenge. Daniyeli we yarashobora gutahura no gusobanura ivyahishuwe mw’iyerekwa n’indoto z’uburyo bwose.

Umwami abaza Daniyeli, uwo bise Beluteshaza, ati: "Ni ivy’ukuri ko ushobora kumbwira indoto narose n’ingene isobanurwa?"

Daniyeli yishura umwami ati: "Nta muntu n’umwe yaba kamenyi, umupfumu, umunyamareba canke uwuragura yoshobora kukumenyesha iryo banga; ariko hariho Imana iba mw’ijuru ishobora guhishura amabanga. Ni yo yahishuriye umwami Nebukadineza ibizoba muri kazoza. Indoto yawe hamwe n’ivyo weretswe vyaciye mu mutwe wawe igihe wari uryamye ku buriri bwawe ni izi:

Sonhos na história da Bíblia

De José no Egito a José pai de Jesus, Deus guiou a história da salvação através de sonhos, protegendo e dirigindo seu povo.

Baramwishura bati: "Twese twarose iri joro, ariko nta n’umwe ashobora kutubwira ico izo ndoto zisigura."

Yosefu arababwira ati: "Imana ni yo itanga ubwenge bwo gusigura indoto. Nimumbwire ivyo mwarose."

Nuko Farawo aramubwira ati: "Narose, ariko nta n’umwe yashoboye kunsigurira indoto narose. Ariko numvise ko wewe iyo wumvise indoto, ushobora gutanga insiguro yayo."

Yosefu yishura Farawo ati: "Nyakwubahwa, si jewe ndavyishoboza; ariko Imana irashobora kuguha insiguro ibereye y’iyo ndoto warose."

Ariko, akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana araza avugana na we mu ndoto amubwira ati: "Yosefu mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya, kuko inda afise yavuye kuri Mpwemu Yera. Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uze umwite Yesu, kuko ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo."

Pilato acicaye aho acira imanza, umugore wiwe amurungikira ubutumwa buvuga ngo: "Ntihagire ikintu na kimwe ugira uwo mugororotsi, kuko naraye mbabajwe cane mu ndoto kubera we."

Ni indirimbo yo mw’iduga.

Hamwe Uhoraho yagarukana i Siyoni abajanwe ari inyagano,

twari tumeze nk’abarota.

Sabedoria sobre sonhos

A Bíblia ensina discernimento: nem todo sonho vem de Deus. Devemos entregar nossos planos ao Senhor e confiar na direção dele.

Uze wegurire Uhoraho ivyo ukora vyose,

ni ho ivyawe bizogenda neza.

Umutima w’umuntu ugira imigambi myinshi,

ariko integuro zUhoraho ni zo zirama.

Ivyo gusenga ibigirwamana

Nihagira umuvugishwa canke umuntu asobanura indoto ahaguruka muri mwebwe akababwira ibizoba, agatanga ibimenyetso canke ibitangaza, hanyuma vya bitangaza bishitse akababwira ati: "Nimuze dukurikire izindi mana tuzikorere," ababwira imana mutari muzi, ntimuzokwumvirize amajambo y’uwo muvugishwa canke uwo murosi. Uhoraho Imana yanyu azoba ariko arabagerageza ngo arabe ko mumukunda n’imitima yanyu yose, n’imishaha yanyu yose. Uhoraho Imana yanyu ni we wenyene wo gukurikira, kandi ni we wo gutinywa bifatanije no kwubahwa. Mukurikize amabwirizwa yiwe, mwongere mumwubahe, mumukorere, mwongere mumwumireko.

"Numvise ivyo abavugishwa bavuga bavugishwa ibinyoma mw’izina ryanje. Bavuga bati: Narose! Narose!Ivyo bizobandanya gushika ryari mu mitima y’abo ba kamenyi babesha, bavugishwa ibitagira epfo na ruguru vyo mu bugunge bwabo?

Ni ivy’ukuri, nzogwanya abo berekwa inzozi z’ibinyoma," ni ko Uhoraho avuze. "Babibwira abantu banje bakabazimirisha ivyo binyoma vyabo, kandi ntabatumye canke ntabatoranije. Nta co bamariye aba bantu na mba," ni ko Uhoraho avuze.

Nk’uko inzozi ziza ku muntu yiganyira cane,

ni ko bigenda kw’ijambo ry’igipfu kivuga menshi.

Inzozi nyinshi n’amajambo menshi ni ubusa. Nuko rero tinya Imana.

Seja o primeiro
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-