Publicidade

Superação

Por Bíblia Online

Superar desafios, dificuldades e tentações faz parte da caminhada cristã. A Bíblia nos garante que, em Cristo, somos mais que vencedores em todas as circunstâncias.

Vitória em Cristo

Jesus já venceu o mundo. Nele temos coragem, paz e a certeza de que nenhuma adversidade poderá nos derrotar definitivamente.

Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi."

Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi."

Ariko naho bimeze uko, dufise intsinzi yuzuye ku bwa Kristo yadukunze.

Ariko Imana ishimwe, kuko iduha intsinzi muri Yesu Kristo.

Ariko Imana ishimwe, kuko iduha intsinzi muri Yesu Kristo.

kuko uwavyawe n’Imana wese anesha isi, kandi ikuduha iyo ntsinzi ni ukwizera kwacu.

Kuko gukunda Imana ni ukwitondera amabwirizwa yayo, kandi amabwirizwa yayo ntaremereye, kuko uwavyawe n’Imana wese anesha isi, kandi ikuduha iyo ntsinzi ni ukwizera kwacu. Nta muntu ashobora kunesha isi atizeye ko Yesu ari Umwana w’Imana.

Nta muntu ashobora kunesha isi atizeye ko Yesu ari Umwana w’Imana.

Bamuneshesheje

amaraso y’Umwagazi

hamwe n’ijambo ryo gushinga intahe.

Bemeye guheba ubuzima bwabo,

ntibatinya urupfu.

Superando o mal com o bem

O cristão vence o mal não com violência, mas com o bem. O amor, a fé e a perseverança são as armas da superação.

Ikibi ntikikakuneshe ngo abe ari co ukora, ariko ukinesheshe gukora iciza.

Ikibi ntikikakuneshe ngo abe ari co ukora, ariko ukinesheshe gukora iciza.

Umuco wakiye mu mwijima, ariko umwijima ntiwashoboye kuwuzimya.

Ariko Imana ishimwe, yo yatugize imbohe zayo, ikaguma iturongora ubudasiba mu rugendo rwo kwigina intsinzi ya Yesu, kandi ikaduha gukwiza hose ubumote bwiza bwa Kristo, n’ukuvuga kumumenyekanisha ahantu hose.

Uwo muntu mumuhariye, nanje nzoba ndamuhariye. Kandi igihe cose bikenewe ko ntanga imbabazi, ndabikora ku bwanyu ndi imbere ya Kristo, kugira ngo Satani ntaronke aho adufatira, kuko tutayobewe urwenge rwiwe.

Uwuzonesha nzomuha kwicarana nanje ku ntebe y’inganji, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe y’inganji yiwe.

Uwuzonesha nzomuha kwicarana nanje ku ntebe y’inganji, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe y’inganji yiwe.

Uwuzonesha nzomwambika imyambaro yera. Sinzokwigera mpanagura izina ryiwe mu gitabu c’ubugingo, ahubwo nzorivuga imbere ya Data n’abamarayika biwe.

Força e coragem divina

Deus é nosso escudo e fortaleza. Quando o medo tenta nos paralisar, a presença do Senhor nos fortalece e nos encoraja a prosseguir.

Ni iya Dawidi.

Uhoraho ni we muco wanje n’agakiza kanje;

none notinya nde?

Uhoraho ni igihome kinkingira;

none ni nde yontera ubwoba?

Ariko wewe Uhoraho, uri inkinzo inkingira impande zose,

uri icubahiro canje, uwutuma mpagarara nemye.

Sinizigira umuheto wanje,

inkota yanje si yo impa kunesha;

ariko ni wewe uduha kunesha abansi bacu,

utuma abatugwanya bamaramara.

Twirata Imana bukarinda bwira,

kandi tuzoguhimbaza ibihe vyose.

Uhoraho we, dukize!

Uhoraho we, duhe intsinzi!

Harahezagiwe uwuje mw’izina ryUhoraho.

Turabahezagiye turi mu Ngoro yUhoraho.

None ehe raba Uhoraho Imana yanyu abahaye iki gihugu. Nimuduge mucegukire nk’uko Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza, yabibabwiye. Ntimutinye, ntimucike intege."

Kuko Uhoraho Imana yanyu ari we azojana namwe kugwanya abo bansi banyu, akabaha intsinzi."

Uzozigamira mu mahoro yuzuye

abo bose bashira ivyiyumviro vyabo kuri wewe,

kuko bakwizigiye!

Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi.

Ariko mwebwe, bana nkunda, muva ku Mana kandi mwaranesheje abo bavugishwa b’ibinyoma, kuko Mpwemu aba muri mwebwe aruta impwemu iri mu b’isi.

Ariko mwebwe, bana nkunda, muva ku Mana kandi mwaranesheje abo bavugishwa b’ibinyoma, kuko Mpwemu aba muri mwebwe aruta impwemu iri mu b’isi.

Resistindo a tentação

A armadura de Deus nos protege contra as investidas do mal. Resistir ao diabo, vigiar e orar são essenciais para a superação espiritual.

Ukwambara ibigwanisho vy’Imana

Ijambo rya nyuma: mukomere mu Mwami wacu no mu bushobozi bwiwe bwinshi. Mwambare ibigwanisho vyose Imana itanga, kugira ngo mushobore guhangana n’ubugunge bwose bwa wa mubi. Kuko mu ntambara yacu ntituriko tugwana n’abafise umubiri n’amaraso, ariko tugwana n’abatware babi, n’abafise ububasha b’ahantu tutabona, n’abanyabushobozi bo mw’isi y’umwijima hamwe rero n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru. Nuko rero mwambare ibigwanisho vyose vy’Imana, kugira ngo ku musi ikibi caje, muze mushobore guhagarara mudatsinzwe kandi mumaze gukora vyose, mukomeze guhagarara mushikamye. Nuko mushikame, mukenyeje umukanda w’ukuri, mwambaye icuma gikingira igikiriza ari kwo kugororoka, ku birenge vyanyu mwambare ibirato ari kwo kwitegurira kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’amahoro. Icongeye kuri ivyo vyose, mwitwaze inkinzo y’ukwizera, iyo mushobora kuzimisha imyampi yose yaka umuriro ya wa mubi. Mwambare n’inkofero y’agakiza, mwitwaze n’inkota ya Mpwemu, ari ryo jambo ry’Imana.

Ku bijanye n’ingeso zanyu za kera, mwarigishijwe kwiyambura kamere k’icaha ari we muntu wanyu wa kera, abozwa n’ivyipfuzo vyiwe vy’uruhendo; ngo mugirwe bashasha na Mpwemu mu vyiyumviro vyanyu no mu myifato; hanyuma mwambare umuntu mushasha, yaremwe ngo ase n’Imana mu bugororotsi bw’ukuri no mu kwezwa.

"Ugushavura kwanyu ntikubakoreshe icaha," kandi izuba ntirirenge mugishavuye, kuko ishavu riha akaryo wa mubi.

Nuko, mwicishe bugufi imbere y’Imana. Mugwanye wa mubi, na we azobahunga. Mwegere Imana na yo izobegera. Yemwe banyavyaha, nimukarabe; namwe abatiyeguriye Imana mu mitima, nimwiyeze.

Mwicishe bugufi imbere y’Umwami, na we azobashira hejuru.

Hahiriwe umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko inyuma y’ukugeragezwa, niyarama azohabwa urugori rw’ubugingo Imana yasezeraniye abayikunda.

Iyo muntu ageragejwe, ntakwiye kuvuga ngo: "Imana iriko irangerageza." Kuko Imana itageragezwa n’ikibi, kandi ntigerageza umuntu n’umwe. Ariko, umuntu wese ageragezwa n’ivyipfuzo vyiwe bibi, hanyuma bikamusunikira mu mutego. Ivyo vyipfuzo bimaze gutwara inda, bivyara icaha. Icaha na co kimaze gukura, kikavyara urupfu.

Nta kibagerageza cabashikiye kidashikira abandi. Kandi Imana ni iyo kwizigirwa, ntizobareka ngo mugeragezwe n’ivyo mudashobora kwihanganira. Mu gihe co kugeragezwa, izobacira inzira kugira ngo mushobore kuvyihanganira.

Ugwane intambara y’ukwizera. Uzigame cane ubugingo budashira wahamagariwe, igihe wagira ukwatura kwiza imbere y’ivyabona vyinshi.

Abafise inyota nyinshi yo gutunga barageragezwa hanyuma bakagwa mu mitego y’ivyipfuzo vy’ubupfu kandi bibabaza, bibatwara mu kwononekara no guhona.

Perseverança até o fim

A corrida da fé exige perseverança. Devemos lançar fora todo peso e olhar para Jesus, o autor e consumador da nossa fé.

Ni co gituma, ko dukikijwe n’isinzi ry’ivyabona bingana gutyo, dukwiye twiyambura ibituboha vyose bikatubuza kubandanya, hamwe n’icaha kitwizingirako vyoroshe, maze twiruke n’umwete mu rugendo Imana yashize imbere yacu.

Mwiyumvire ingene yagwanijwe n’abanyavyaha, kugira ngo ntimucike intege mu mitima yanyu.

Ni co gituma ashobora kudufasha iyo tugeragezwa, kuko na we yageragejwe n’imibabaro yaciyemwo.

Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa. Mumugwanye mushikamye mu kwizera, kuko muzi yuko bene So benshi bariko baraca mu mibabaro nk’iyo mw’isi yose.

Kandi Imana nyene ubuntu, yabahamagariye ubwiza bwayo muri Yesu Kristo, mumaze kubabazwa igihe gito, izobiyegereza ibakomeze, ibaremeshe.

Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa.

Ni nde yodutandukanya n’urukundo rwa Kristo? Mbega ni ivyago, canke ni imibabaro, canke ni uguhamwa, canke ni inzara, canke ni ubukene, canke ni kuba mw’irinde, canke ni urupfu?

Turazi ko muri vyose Imana ikora ishakira ineza abayikunda, abo yahamagaye nk’uko biri mu mugambi wayo.

Umwami Imana azonkiza ibitero vy’umwansi vyose, kandi azontahukana amahoro mu bwami bwiwe bwo mw’ijuru. Icubahiro kibe iciwe ibihe vyose, Amen.

Ariko Umwami ni umwizigirwa, azobakomeza yongere abarinde wa mubi.

Descanso e renovação

Jesus convida os cansados e sobrecarregados a descansar nele. Sua graça é suficiente para nos renovar em meio às tribulações.

Nimuze kuri jewe mwese abarushe n’abaremerewe n’imitwaro, ndabaruhura.

Ntimugakunde amahera mu kubaho kwanyu, ahubwo mubumbwe n’ivyo mufise. Kuko Imana yavuze iti:

"Sinzokwigera ndaguta;

sinzokwigera ndaguheba."

kuko ata jambo Imana ivuze ribura ububasha."

Arababaza ati: "Ni kuki musinziriye? Nimuvyuke, musenge kugira ngo ntimutsindwe n’ibibagerageza."

Bashitseho, Yesu arababwira ati: "Nimusenge kugira ngo ntimutsindwe n’ibibagerageza."

Raba, narabahaye ububasha bwo kunesha ubushobozi bwose bw’umwansi: muzohonyora inzoka na sikoropiyo muzimene imitwe, kandi nta na kimwe kizogira ico kibagira.

Nimube maso musenge kugira ngo ntimutsindwe n’ibibagerageza. Umutima urabikunze, ariko umubiri ufise intege nke."

Ukuza kw’Umwami w’i Siyoni

Nezerwa cane Mukobwa w’i Siyoni!

Ushire ijwi ryawe hejuru, Mukobwa w’i Yerusalemu!

Raba, umwami wawe arakugendeye,

ni umugororotsi kandi afise intsinzi,

yicishije bugufi kandi agendera ku ndogoba,

mbere aje ku nyana yayo.

Umuntu wese abandanya akora ivyaha ni uwa wa mubi, kuko uwo mubi yamye akora ivyaha kuva mu ntango. Ariko Umwana w’Imana yaje gusambura igikorwa ca wa mubi.

Igitumye Yohana yandika

Ndabandikiye mwebwe bana bato,

kuko mwahariwe ivyaha vyanyu ku bw’izina rya Yesu Kristo.

Ndabandikiye, mwebwe bavyeyi,

kuko muzi Kristo, yamyeho kuva mu ntango.

Ndabandikiye mwebwe rwaruka,

kuko mwanesheje wa mubi.

Ndabandikiye mwebwe bana bato,

kuko muzi Data.

Ndabandikiye mwebwe bavyeyi,

kuko muzi Kristo yamyeho kuva mu ntango.

Ndabandikiye mwebwe rwaruka,

kuko mufise inkomezi,

kandi ijambo ry’Imana rikaba mu mitima yanyu,

ndetse mwaranesheje wa mubi.

Ntimugakunde isi

Ntimugakunde isi canke ikintu cose kiri mw’isi. Iyo umuntu akunze isi, ugukunda Data ntikuba kuri muri we.

Mbega ntimuzi ko imibiri yanyu ari ibihimba vy’umubiri wa Kristo? None nubahuke mfate ibihimba vy’umubiri wa Kristo, ndabifatanye n’umumaraya? Ntibikabe! Mbega ntimuzi ko uwifatanije n’umumaraya aba abaye umubiri umwe na we? Kuko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: "Uko ari babiri bazoba babaye umubiri umwe." Ariko uwifatanije n’Umwami Imana aba abaye umwe na we mu buryo bw’impwemu.

Mwirinde ubusambanyi. Nta kindi caha gifise ingaruka ku mubiri kunganya ico. Uwusambana aba acumuye no ku mubiri wiwe na wo. Mbega ntimuzi ko imibiri yanyu ari insengero za Mpwemu Yera aba muri mwebwe, uwo mwahawe n’Imana? Erega ntimuciganza kuko mwaguzwe igiciro kinini. Nuko rero mwubahishe Imana imibiri yanyu.

Ndababwira nti: Murongorwe na Mpwemu Yera ni ho mutazoshitsa ivyo kamere k’icaha kanyu kipfuza. Kuko kamere k’icaha kipfuza ibinyuranye n’ivyo Mpwemu agomba, kandi ivyo Mpwemu yipfuza binyuranye n’ivyo kamere k’icaha kipfuza. Vyompi bigwanira muri mwebwe mugasanga ntimushobora gukora ivyo mushaka.

Seja o primeiro
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-28_14-13-17-