Temor do Senhor
O temor do Senhor é o princípio da sabedoria. Não se trata de medo, mas de reverência profunda, respeito e admiração diante da santidade e grandeza de Deus.
O princípio da sabedoria
A Escritura afirma que temer ao Senhor é o primeiro passo para a verdadeira sabedoria. Quem teme a Deus discerne o certo e aprende a viver com prudência.
Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubwenge;
kandi abitondera ivyo yihanikirije bafise ugutahura gushitse.
Uguhimbazwa kube ukwiwe ibihe vyose.
Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubwenge,
kandi kumenya Uwera ni kwo gutahura.
Ukwubaha Uhoraho kwigisha ubwenge,
kandi ukwicisha ubugufi ni kwo gutangurira icubahiro.
Maze ibwira abantu iti:
"Ukwubaha Imana ni bwo bwenge,
kandi ukuva mu vyaha ni kwo gutahura."
Kwubaha Uhoraho biratunganye,
guhoraho ibihe vyose.
Ivyo Uhoraho yategetse birashikamye,
kandi vyose biragororotse.
Bifise agaciro kurusha inzahabu,
kurusha inzahabu iramuye;
bisosa kurusha ubuki,
kurusha ubuki buvuye mu kimamara.
Muri vyo ni ho umusavyi wawe aburirwa;
kuvyitondera bifise impera nyinshi.
Bênçãos do temor
Quem teme ao Senhor encontra vida longa, provisão e proteção. O temor de Deus nos guarda do mal e nos conduz à humildade.
Ukwicisha bugufi n’ukwubaha Uhoraho
bizana ubutunzi n’ukuramba.
Ukwubaha Uhoraho vyongereza imyaka yo kubaho,
ariko imyaka y’umunyakibi izogabanywa.
Ukwubaha Uhoraho ni isoko y’ubuzima,
kugarura umuntu ngo ntagwe mu mitego y’urupfu.
Ahari urukundo n’ubwizigirwa, icaha kiraharirwa.
Ariko iyo hari ukwubaha Uhoraho, abantu birinda ikibi.
Hahiriwe umuntu yama ahindira agashitsi imbere y’Uhoraho,
ariko abakomantaza imitima bazogwa mu vyago.
Nimwumvirize mumenye ko Uhoraho ari mwiza;
hahiriwe uwumuhungirako.
Nimwubahe Uhoraho, yemwe abera biwe,
kuko abamwubaha batazogira ico bakena.
Vivendo no temor do Senhor
Temer ao Senhor é obedecer seus mandamentos, andar em seus caminhos e amá-lo de todo coração. Essa reverência se expressa em justiça e integridade.
Uhoraho Imana yanyu ni we wenyene wo gukurikira, kandi ni we wo gutinywa bifatanije no kwubahwa. Mukurikize amabwirizwa yiwe, mwongere mumwubahe, mumukorere, mwongere mumwumireko.
Mukurikize amabwirizwa y’Uhoraho Imana yanyu, mugendere mu nzira ziwe, mumutinye bifatanije no kumwubaha.
Mukorere Uhoraho muhinda agashitsi,
munezerererwe ibikorwa vyiwe muhinda agashitsi.
Nimuze bana banje, munyumvirize;
nanje ndabigishe ukwubaha Uhoraho.
Umuntu wese akunda ubugingo
akipfuza kubona imisi myiza myinshi,
aze arinde ururimi rwiwe ikibi
n’iminwa yiwe ayirinde ivyo kubesha.
Itandukanye n’ikibi, ukore ivyiza;
rondera amahoro uyakurikire.
Nuko rero nimwubahe Uhoraho. Mwitonde mu guca imanza, kuko k’Uhoraho Imana yacu nta kurenganya canke guca iza ngondagonde, canke kurya ibiturire."
Ntuze uvume igipfamatwi canke ngo ushire igitsitaza imbere y’impumyi: wubahe Imana yawe. Ndi Uhoraho.
Ntihaze hagire uwurenganya uwundi, ariko muze mutinye Imana yanyu. Ndi Uhoraho Imana yanyu.
Umuntu wo mu bwoko bwanyu niyakena ntashobore kuronka ikimutunga kimubeshaho, muze mumufashe nk’uko mwobikorera umunyamahanga canke inyambukira iri muri mwebwe, kugira ngo ashobore kubaho muri mwebwe. Ntimuze murondere kumuronkako inyungu iyo ari yo yose, ariko muze mwubahe Imana yanyu, kugira ngo uwo muntu wo mu bwoko bwanyu ashishikare kuba muri mwebwe.
Bagenzi banje, umve ndababwire: ntimugatinye abica umubiri ariko inyuma y’ivyo ata kindi bashobora kubagira. Ariko ngira ndababwire uwo mukwiye gutinya: mutinye Imana yo ishobora kwica umubiri, ikagira n’ububasha bwo kuwuta mu muriro wa Gehinomu. Ndababwiye ukuri, abe ari yo mutinya.