Publicidade

Vida nova

Por Bíblia Online

Em Cristo, toda pessoa é transformada em uma nova criação. O velho passa e tudo se faz novo. A vida nova é o resultado da obra redentora de Jesus em nosso coração.

Morte e ressurreição com Cristo

O batismo simboliza nossa morte para o pecado e ressurreição para uma nova vida. Fomos sepultados com Cristo e ressuscitamos com Ele.

Mbega ntimuzi yuko twebwe ababatirijwe kuba umwe na Kristo Yesu, twafatanijwe na we no mu rupfu rwiwe? Ivyo bivuga ko twapfuye hanyuma tugahambanwa na we mu kubatizwa, kugira ngo, nk’uko yazuwe mu bapfuye n’ubushobozi bw’ubwiza bwa Data, abe ari ko natwe tubaho mu bugingo bushasha.

Kandi nimba twagizwe umwe na Kristo mu rupfu rwiwe, natwe tuzozurwa nk’uko na we yazuwe. Turazi neza ko kamere muntu ka kera, gakunda icaha kabambanywe na Kristo, kugira ngo inkomezi z’icaha zishire mu mibiri yacu, ntituze dusubire kuba abagurano b’icaha. Kuko iyo umuntu apfuye aba atandukanye no gukora ivyaha.

None rero, namwe nimufate ko mwapfuye, ko icaha kitakibafiseko ubushobozi, kandi ko muriho muri ab’Imana muri Kristo Yesu.

Nova criação

Quando aceitamos Jesus, nascemos de novo. A velha natureza dá lugar a uma identidade renovada pelo Espírito Santo.

Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.

si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.

Aha ntihaba hakiri Umugiriki canke Umuyuda, uwakebwe canke uwutakebwe, uwateye imbere canke uwutaratera imbere, umugurano canke uwidegemvya, ariko ni Kristo ari vyose kandi ari muri bose.

Despir o velho, vestir o novo

A vida nova se manifesta em abandonar os velhos hábitos e revestir-se do novo homem, criado segundo a vontade de Deus.

Ku bijanye n’ingeso zanyu za kera, mwarigishijwe kwiyambura kamere k’icaha ari we muntu wanyu wa kera, abozwa n’ivyipfuzo vyiwe vy’uruhendo; ngo mugirwe bashasha na Mpwemu mu vyiyumviro vyanyu no mu myifato; hanyuma mwambare umuntu mushasha, yaremwe ngo ase n’Imana mu bugororotsi bw’ukuri no mu kwezwa.

Ariko ubu mukwiye kwiyambura ibintu vyose bisa n’ibi: uburake, kujingitwa, ububi bwose, kuvuga abandi nabi, kandi ntihagire amajambo ateye isoni asohoka ava mu kanwa kanyu. Ntimukabeshane kuko mwiyambuye wa muntu wa kera n’ibikorwa vyiwe, mukambara umuntu mushasha. Uwo na we yama ahinduka mu gutahura, akama arondera gusa n’Umuremyi wiwe.

Imana ni iyo kwizigirwa kandi iragororotse. Iyo twatuye ivyaha vyacu, irabiduharira ikatweza ibibi vyose.

Renovação interior

Deus promete dar um coração novo e um espírito novo. A transformação nasce do arrependimento e da purificação divina.

Ureme muri jewe umutima utunganye, ewe Mana,

umpe umutima ushikamye.

Ntunyirukane mu nyonga hawe

canke ngo unkureko Mpwemu Yera wawe.

Nsubiza umunezero w’agakiza kawe

umpe umutima ufise ishaka ryo kukwumvira.

Nzobamijako amazi meza, namwe muzokwezwa; nzobakurako imyanda yose, ndabakuremwo n’ibigirwamana vyanyu vyose. Nzobaha umutima mushasha, ndabashiremwo n’impwemu nshasha; nzobakuramwo umutima w’ibuye, ndabahe umutima w’inyama. Nzobashiramwo impwemu nshasha, ntume mukurikiza ivyo nashinze, mwitondere n’ivyagezwe vyanje.

Natwe kera twigenza nka bo, twakurikira ivy’imibiri yacu yipfuza, tugakora ivyo iyi mibiri n’imitima vyacu bishaka. Kandi muri kamere muntu kacu twari abo gucibwa urubanza n’Imana nk’abandi bose. Ariko kubera urukundo rwinshi Imana, yo mutunzi w’imbabazi, yadukunze, yatugiranye bazima na Kristo igihe twari tugipfuye twishwe n’ibicumuro vyacu. Ubuntu bw’Imana ni bwo bwabakijije.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_12-11-46-