12 mushima Data yabashoboje gusangira n’abera biwe umugabane wo mu bwami bw’umuco. 13 Yaradukijije adukura mu bubasha bw’umwijima, adushira mu bwami bw’Umwana wiwe akunda. 14 Muri we ni ho twaherewe ugucungurwa, ari kwo guharirwa ivyaha.
Kristo arengeye vyose
15 Kristo ni we shusho iboneka y’Imana itaboneka, imfura irengeye ivyaremwe vyose, 16 kuko vyose vyaremwe biciye muri we: ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka, zaba intebe z’ubwami, ubukuru, ubutware, ubutegetsi; vyose vyaremwe biciye muri we, kandi biremerwa kuba ivyiwe. 17 We yabayeho vyose bitarabaho, kandi muri we ni ho vyose bifatanirizwa.