Publicidade

Efésios 5

28 Muri iyo nzira nyene, abagabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe abayikunda. 29 Kandi murazi ko ata muntu yoshobora kwanka umubiri wiwe, ariko arawugaburira akawitwararika, nk’uko Kristo abikora kw’ishengero, 30 kuko turi ingingo z’umubiri wiwe. 31 "Ku bw’ivyo, nk’uko Ivyanditswe bivuga, umugabo azosiga se na nyina abane n’umugore wiwe ubutakivana, maze babe umubiri umwe." 32 Iri ni ibanga rihambaye; ariko ni ishusho nziza yerekana ivya Kristo n’ishengero. 33 Rero, umwe wese muri mwebwe akunde umugore wiwe nk’uko yikunda, kandi umugore na we yubahe umugabo wiwe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-28_14-13-17-