Publicidade

Malaquias 3

1 "Ehe raba ngira ntume intumwa yanje imbere, kugira ngo integurire inzira. Maze ako kanya Uhoraho muriko murarondera azoheza aze mu Ngoro yiwe, umuvugishwa w’isezerano, uwo mwipfuje, agiye kuza," ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.

2 Ariko none ni nde azokwihanganira umusi w’ukuza kwiwe? Ni nde azoshobora guhagarara imbere yiwe niyaseruka? Kuko azoba ameze nk’umuriro w’umucuzi, canke nk’isabune y’uwumesura impuzu. 3 Azokwicara nk’uwutyorora ifeza, yeze Abalewi nk’uwukura imyanda ku nzahabu n’ifeza. Uko ni ko Uhoraho azokwironkera abamushikanira mu bugororotsi ibimazi vyemerwa mu nyonga ziwe, 4 kandi ibimazi vy’Abayuda n’ivy’ab’i Yerusalemu bizosubira vyemerwe n’Uhoraho, nk’uko yavyemera mu gihe caheze.

5 "Maze ico gihe nzobacira urubanza. Nzihutira kwagiriza abarozi, abasambanyi hamwe n’ababeshi, abagunga abakozi impembo zabo, abacinyiza abapfakazi, n’impfuvyi, bakabuza inyambukira gutunganirizwa, kandi ntibantinye," ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.

Ukuva mw’isezerano mu kudatanga ibigiracumi

6 "Ndi Uhoraho kandi simpindagurika. Ni co gutuma mwebwe urvyaro rwa Yakobo mutararandurwa. 7 Uhereye kuva kuri ba sogokuruza, mwamye muta ivyagezwe vyanje, ntimubigenderemwo. Ehe nimungarukeko, nanje nzobagarukako," ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.

"Ariko muribaza muti: ‘Mbega twokugarukako dute kandi tutigeze tukuvako?’

8 Mbega hari uwokwiba Imana? Ariko mwebwe mwaranyivye.

Kandi muribaza muti: ‘Twakwivye gute?’ Mwanyivye ibigiracumi n’amashikanwa.

9 Muri musi y’umuvumo mwe n’ihanga ryanyu ryose, kuko munyiba. 10 Nimuzane ikigiracumi gikwiye mu bubiko bwanje, kugira ngo mu nzu yanje habemwo ivyokurya. Ehe nimubingeragereshe, jewe Uhoraho Mushoboravyose, murabe ko ntugurura imiryango yo mw’ijuru, nkabacuncuburirako imigisha mukabura n’aho muyikwiza. 11 Nzozitira inzige n’ingwara ntibitere imirima yanyu, kandi inzabibu zanyu ntizizohunguruka ziteze," ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. 12 "Ni ho amahanga yose azobita abahirwe, kuko muzoba igihugu kimpimbara," ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.

Ubwibone bwa Isirayeli

13 "Mwamvuzeko amajambo mabi," ni ko Uhoraho avuze. "Ariko murabaza muti: ‘Ni igiki twakuvuzeko kibi?’

14 Mwavuze muti: ‘Gukorera Imana nta kamaro bifise. Mbega gukurikiza ivyo idutegeka no mu kwama tuza imbere y’Uhoraho Mushoboravyose tumeze nk’abagandaye, bitumariye iki?’ 15 Muravuga ngo kuva ubu rero tuzovuga ko abishira hejuru ari bo bahiriwe, ko inkozi z’ibibi ari zo zitera imbere, kandi ko bagerageza Imana ariko ntibagire ico baba."

Amasigarira y’abizigirwa

16 Maze abubaha Uhoraho baraganira, Uhoraho na we yumviriza ivyo bavuga. Igitabu c’icibutso gica candikirwa imbere yiwe, candikwamwo amazina y’abo bose bubaha Uhoraho, bagahesha icubahiro izina ryiwe.

17 "Kuri wa musi, nzocirako imanza," ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze, "bazoba ari ubutunzi niharije kandi budasanzwe. Nzobazigamira mu mbabazi zanje nk’uko umuvyeyi agirira impuhwe akazigama umwana wiwe amwubaha. 18 Kandi muzobona ubudasa hagati y’abagororotsi n’abanyakibi, no hagati y’abakorera Imana n’abatayikorera," ni ko Uhoraho avuze.

Veja também

Publicidade
Malaquias
Ver todos os capítulos de Malaquias
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-