Publicidade

Malaquias 4

Urubanza n’ugusezerana gushasha

1 "Nta nkeka uwo musi uraje, kandi uje waka nk’itanure. Abibona n’inkozi z’ibibi bazoba nk’ubwatsi bwumye, kandi uwo musi uje uzobatongora," ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. "Nta kimeze nk’umuzi canke ishami kizosigara kuri bo. 2 Ariko mwebwe muhindira agashitsi imbere y’izina ryanje, izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mishwarara yaryo. Maze muzosohoka mwishire mwizane, mutamba mwiginagura nk’uko inyana ziginagura iyo zisohowe ziva mu ruhongore. 3 Kandi ku musi nzokorerako ivyo, muzohonyanga inkozi z’ibibi, babe nk’umukungugu musi y’ibirenge vyanyu," ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.

4 Nimwibuke Ivyagezwe vy’umusavyi wanje Mose, amabwirizwa n’ivyagezwe namugereye i Horebu kubw’Abisirayeli bose.

5 "Raba nzobarungikira Eliya uwuvugishwa n’Imana, imbere y’uko uwo musi w’Uhoraho uteye ubwoba ushika. 6 Ubutumwa bwiwe buzosubiza imitima y’abavyeyi ku bana babo, n’imitima y’abana ku bavyeyi babo. Ahandi ho nzoza ndanduze isi umuvumo."

Veja também

Publicidade
Malaquias
Ver todos os capítulos de Malaquias
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-