Pawulo atangarira Imana
33 Mbega ubwinshi bw’ubwenge n’ubumenyi vy’Imana!
Ingingo ifata ntizitahurika
kandi inzira zayo ntizimenyekana.
34 "Ni nde yigeze amenya ivyiyumviro vy’Uhoraho?
Canke ni nde yayibereye umujenama?"11:34 Yesaya 40:13
35 "Hari uwoba yarigeze kugurana Imana
kugira ngo ize imwishure?"11:35 Yobu 41:11
36 Vyose ni yo ibitanga, bibeshejweho n’ubushobozi bwayo
kandi biriho kugira ngo biyiheshe icubahiro.
Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose! Amen.