Aceitar Jesus
Aceitar Jesus é a decisão mais importante da vida. Quem o recebe como Senhor e Salvador recebe vida eterna, perdão completo e a presença permanente do Espírito Santo.
Ariko abamwakiriye bose, bakizera izina ryiwe, yabahaye uburenganzira bwo guhinduka abana b’Imana.
Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntazoranduke, ahubwo aronke ubugingo budashira.
Yesu aramwishura ati: "Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.
Niwaturisha akanwa kawe ko Yesu ari Umwami, ukizera mu mutima wawe ko Imana yamuzuye mu bapfuye, uzokizwa.
Kuko impembo y’icaha ni urupfu, ariko ingabire Imana itanga ku buntu ni ubugingo budashira duheshwa no kwizera Kristo Yesu, Umwami wacu.
Kandi umuntu wese
azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.’
Petero arabishura ati: "Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.
Nta wundi agakiza karonkerwamwo, atari we, kuko ata rindi zina twahawe musi y’ijuru ryo gukirizwamwo."
Baramwishura bati: "Izere Umwami Yesu, urakizwa, wewe n’abo mu nzu yawe."
Imana ni iyo kwizigirwa kandi iragororotse. Iyo twatuye ivyaha vyacu, irabiduharira ikatweza ibibi vyose.
Ehe mpagaze ku muryango ndiko ndadodora. Uwumva ijwi ryanje akugurura umuryango, ndinjira iwe dusangire.