Agradecimento a Deus
Agradecer a Deus é louvor, adoração e reconhecimento da sua soberania. Dai graças ao Senhor porque Ele é bom — a sua misericórdia dura para sempre!
Tuze mu nyonga hiwe tumushima
tumuririmbire tuvugira ibicurarangisho.
Mwinjire mu marembo y’Ingoro yiwe mushima,
mu birimba vyiwe muhimbaza;
mumushime kandi muhimbaze izina ryiwe.
Haleluya.
Nimushime Uhoraho kuko ari mwiza;
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira.
Uri Imana yanje, nanje nzoguhimbaza;
uri Imana yanje, nanje nzogushira hejuru.
Nimuririmbire Uhoraho indirimbo yo gushima;
nimucurarangire inanga Imana yacu.
Nzohimbaza izina ry’Imana mu ndirimbo
ndamuhe icubahiro mu mashimwe.
Uhoraho ni we nkomezi zanje n’inkinzo yanje;
umutima wanje uramwizigira, na we akantabara.
Umutima wanje witerera hejuru kubera umunezero,
nanje nzomushimisha indirimbo yanje.
None rero, Mana yacu, turagukengurukiye,
kandi duhimbaje izina ryawe ry’ubwiza.
Ntimukiganyire ku kintu na kimwe, ariko ivyo mukeneye vyose mubimenyeshe Imana mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka.
Nama nshima Imana igihe cose ndabibutse.
Kandi ivyo mukora vyose, mu mvugo no mu ngiro, mubikore mw’izina ry’Umwami wacu Yesu, mushima Imana Data wa twese ku bwiwe.
Twama dushima Imana ku bwanyu, kandi tubasengera ubudahumeka. Iyo tubasengera ku Mana ari yo Data, twama twibuka ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, ibikorwa vyanyu bisunitswe n’urukundo, hamwe rero n’ukwihangana kuva mu vyizigiro mufise mu Mwami wacu Yesu Kristo.
Nama nshima Imana ku bwanyu ku bw’ingabire y’ubuntu mwaherewe muri Kristo Yesu.
Ariko Imana ishimwe, kuko iduha intsinzi muri Yesu Kristo.
Ariko Imana ishimwe, yo yatugize imbohe zayo, ikaguma iturongora ubudasiba mu rugendo rwo kwigina intsinzi ya Yesu, kandi ikaduha gukwiza hose ubumote bwiza bwa Kristo, n’ukuvuga kumumenyekanisha ahantu hose.
None rero uwuha imbuto umurimyi akamuha n’ivyokurya, azobuzuriza imbuto mu bigega, yongere agwize umwimbu w’ukugororoka kwanyu. Muzotungishwa mu buryo bwose kugira ngo muronke ico mutanga aho bizoba bikenewe hose, kandi imfashanyo muduha zizotuma abazironka bahimbaza Imana.
mubwirane amazaburi n’indirimbo zo guhimbaza ziva kuri Mpwemu. Muririmbe kandi mucurarangire Umwami bivuye mu mitima yanyu, mushimira vyose Imana Data imisi yose, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo.
Umwe wese agamburukire mugenziwe abitewe no kwubaha Kristo.
Yesu afata ya mikate itanu na za fi zibiri, araba mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma amanyagura ya mikate, ayihereza abigishwa ngo bayigaburire abantu. Abagaburira na za fi bose uko bangana. Nuko bose bararya kandi barahaga. Hanyuma abigishwa begeranya ibiseke cumi na bibiri vy’ivyasigaye kuri ya mikate na za fi.