Agradecimento pela vida
Agradecer pela vida é reconhecer que cada respiração é dom de Deus. Toda criatura que tem fôlego louve ao Senhor — porque Ele nos formou e nos sustenta com amor.
Ibihumeka vyose nibihimbaze Uhoraho.
Haleluya.
Haleluya.
Mutima wanje, himbaza Uhoraho.
Nzohimbaza Uhoraho ubuzima bwanje bwose;
nzoririmba izo guhimbaza Imana yanje nkiriho.
Kuko ari wewe waremye ibimbamwo vyose;
wanteranirije mu nda ya mama;
Ndaguhimbaza kuko naremwe mu buryo buteye ubwoba kandi butangaje;
ivyo ukora biratangaje,
ivyo ndabizi neza.
Igikankara canje nticari gihishijwe inyonga zawe
igihe naremerwa mw’ibanga,
igihe nateranirizwa i bwina mw’isi.
Amaso yawe yarabona umubiri wanje ukiri amazi;
imisi wanshingiye yari yanditswe mu gitabu cawe
imbere yuko habaho n’umwe.
Nzoririmbira Uhoraho ubuzima bwanje bwose;
nzoririmba ishimwe ry’Imana yanje imisi yose nzoba nkiriho.
Icompa ukurimbura kwanje kugahimbara Uhoraho,
kuko nezererwa muri we.
Mumenye ko Uhoraho ari we Mana.
Ni we yaturemye, natwe turi abiwe,
turi abantu biwe, intama zo mu buragiro bwiwe.
Mwinjire mu marembo y’Ingoro yiwe mushima,
mu birimba vyiwe muhimbaza;
mumushime kandi muhimbaze izina ryiwe.
Ese ukuntu urukundo rwawe rudashira ari akaburarugero, ewe Mana!
Abantu bahungira musi y’igitutu c’amababa yawe.
Bagira umusi mukuru mu bihinda vyo mu nzu yawe;
ubaha ivyo kunywa biva ku ruzi rwawe rw’ibiryoshe.
Kuko kuri wewe ari ho hari isoko y’ubugingo;
mu nyonga hawe ni ho tubonera umuco.
Nzogushira hejuru, Uhoraho,
kuko wanshize hejuru unkuye mu kinogo kirekire,
ntiwandeka ngo abansi banje banshinyagurire.
Uhoraho Mana yanje, naragutakambiye,
na we urankiza.
Ni wewe, Uhoraho, wankuye ahantu h’abapfuye;
warandinze ngo simanuke nja muri rwa rwobo.
Nzogushima, Uhoraho, n’umutima wanje wose;
nzokwamamaza ibihambaye wakoze.
Nzonezerwa mpimbarirwe muri wewe;
nzoririmba amatazirano y’izina ryawe, ewe Iyisumbavyose.
mushimira vyose Imana Data imisi yose, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo.
Imihezagiro yo mu buryo bw’Impwemu muri Kristo
Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo iragahezagirwa, yo yaduhezagiriye ahantu ho mw’ijuru imihezagiro y’impwemu yo mu buryo bwose muri Kristo.
Imana ishimwe ku bw’iyi ngabire yayo y’akaburarugero!
mushima Data yabashoboje gusangira n’abera biwe umugabane wo mu bwami bw’umuco. Yaradukijije adukura mu bubasha bw’umwijima, adushira mu bwami bw’Umwana wiwe akunda. Muri we ni ho twaherewe ugucungurwa, ari kwo guharirwa ivyaha.
Kristo arengeye vyose
Kristo ni we shusho iboneka y’Imana itaboneka, imfura irengeye ivyaremwe vyose, kuko vyose vyaremwe biciye muri we: ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka, zaba intebe z’ubwami, ubukuru, ubutware, ubutegetsi; vyose vyaremwe biciye muri we, kandi biremerwa kuba ivyiwe. We yabayeho vyose bitarabaho, kandi muri we ni ho vyose bifatanirizwa.
Nimwamara kurya mugahaga, muzoshime Uhoraho Imana yanyu yabahaye igihugu ciza nk’ico.
Ewe Mana, wafashe mu minwe urubanza rwanje;
wacunguye ubugingo bwanje.
Naranyitse nshikira intango y’imisozi,
aho isi yanyugaraniye ubutakivayo.
Ariko wewe, Uhoraho Mana yanje,
waduganye ubuzima bwanje ubukuye mu cobo.
Igihe ubuzima bwanje bwariko burakabirana,
nibutse wewe Uhoraho,
ugusenga kwanje kuraduga kuragushikira,
mu rusengero rwawe rwera.