Alimento
O alimento é provisão de Deus para o corpo e a alma. Jesus disse: Eu sou o pão da vida. A Bíblia ensina a receber com gratidão, partilhar com generosidade e confiar no Provedor.
O pão da vida
Jesus disse: Eu sou o pão da vida. Quem vem a mim nunca terá fome. O alimento espiritual sacia plenamente.
Yesu arabishura ati: "Ni jewe mukate w’ubugingo. Uwuza aho ndi ntazosubira gusonza, kandi uwunyizera ntazosubira kunyoterwa.
Ntimugakorere ivyokurya bibora, ahubwo nimukorere ivyokurya bihoraho kandi bitanga ubugingo budashira, ivyo Umwana w’Umuntu azobaha, kuko Imana Data ari we yahaye ububasha bwo gukora ivyo."
Yesu aramwishura ati: "Handitswe ngo: ‘Umuntu ntabeshwaho n’ivyokurya gusa, ariko atungwa n’ijambo ryose rivuye mu kanwa k’Imana.’"
Hahiriwe abafise inzara n’inyota vyo kugororoka,
kuko bazohazwa.
Ahubwo, nimubanze mwitwararike Ubwami bw’Imana no kugororoka kwayo, hanyuma ivyo na vyo izobibaha nk’inyongera.
Ni co gituma ndababwira nti: ntimukiganyire kubera ivyo mukeneye kugira ngo mubeho; vyaba ivyokurya, ivyo kunywa, canke ivyo kwambara. Mbega ubuzima ntiburuta cane ivyokurya kandi umubiri nturuta cane ivyambarwa?
Mumere nk’abana bato b’inzoya, mwipfuze kandi murondere kunywa amata y’impwemu atavanze, kugira ngo abakuze mu gakiza,
Provisão divina
Deus provê alimento em abundância. Ele multiplica pães e peixes, enche os famintos e supre toda necessidade.
Aca afata ya mikate itanu na za fi zibiri, araba mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma arabimanyagura, abihereza abigishwa ngo bagaburire abantu. Bose bararya kandi barahaga. Hanyuma abigishwa begeranya ibiseke cumi na bibiri vyuzuye utumanyu twasigaye.
kuko amara inyota abanyotewe
agahaza ivyiza abashonje.
Nimuzane ikigiracumi gikwiye mu bubiko bwanje, kugira ngo mu nzu yanje habemwo ivyokurya. Ehe nimubingeragereshe, jewe Uhoraho Mushoboravyose, murabe ko ntugurura imiryango yo mw’ijuru, nkabacuncuburirako imigisha mukabura n’aho muyikwiza.
None rero uwuha imbuto umurimyi akamuha n’ivyokurya, azobuzuriza imbuto mu bigega, yongere agwize umwimbu w’ukugororoka kwanyu.
Uwutanga aratunga,
kandi uwuhembura abandi na we azohemburwa.
Amajambo meza ameze nk’ikimamara c’ubuki,
aryohera umutima, akavura amagufa.
Nehemiya aravuga ati: "Nimugende murye ibiryoshe munywe n’ibinyobwa bisosa, kandi murungikire n’abatateguye na kimwe. Uwu musi ni uwera k’Uhoraho Imana yacu. Ntimubabare, kuko umunezero w’Uhoraho ari wo nkomezi zanyu."
Gratidão e moderação
Nada trouxemos para o mundo e nada levaremos. Tudo o que fizerdes, fazei para a glória de Deus — inclusive comer e beber.
Kukaba nka ko, nta co twazanye kw’isi kandi nta co tuzojana tuyivuyeko. Iyo turonse ivyo turya n’ivyo twambara, biba bidukwiye.
Nuko rero iyo murya canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mubikore muhesha Imana icubahiro.
Imisi yose bama bakoranira mu rusengero, bakamanyagurira imikate mu mihana yabo, bakongera bagasangirira hamwe bafise imitima ihuye kandi banezerewe. Bama bashima Imana ibihe vyose kandi na bo bagashimwa n’abantu bose, maze Umwami Imana na we akama abongerereza igitigiri c’abakizwa.
Ehe mpagaze ku muryango ndiko ndadodora. Uwumva ijwi ryanje akugurura umuryango, ndinjira iwe dusangire.
Uwushobora kurya indya zose, ntakwiye gukengera uwutarya zose, kandi uwutarya indya zose, ntakwiye gukengera uwurya zose, kuko na we nyene Imana yaramwakiriye.
Nuko rero ntimwemere ko hagira umuntu n’umwe abacira urubanza ku vyo murya canke munywa, canke ku misi mikuru y’idini, iy’ukwezi guserutse canke umusi w’Isabato. Ivyo vyari igitutu c’ivyari bigiye kuzoza; ariko ishusho y’ukuri yari umubiri wa Kristo ubwiwe.
Yabacishije bugufi mu kubareka ngo musonze, hanyuma ibagaburira manu, iyo mutari bwigere mumenya, yaba mwebwe canke ba sogokuruza banyu, kugira ngo ibigishe ko umuntu adatungwa n’indya gusa, ariko ko ashobora gutungwa n’ijambo ryose rivuye mu kanwa k’Uhoraho.
Mu biba mu mazi vyose, mwemerewe kurya ibifise amababa n’ibigaragamba. Ibidafise amababa n’ibigaragamba ntimuze mubirye, birahumanye kuri mwebwe.
Maze Imana iravuga iti: "Ndabahaye ibiterwa vyose bifise imbuto hamwe n’ibiti vyama ivyamwa bifise imbuto muri vyo biri kw’isi yose. Bizobabera ivyokurya.
Ibintu vyose bigendagenda bibaho ndabibahaye kugira ngo bibabere ivyokurya, nk’uko nabahaye ibiterwa.
Ariko ntimuze mwigere murya inyama zikirimwo ubuzima, ari yo maraso.
Nta vyokurya vyiza canke inyama nafungura, nta n’umuvinyu nanywa kandi nta n’amavuta nisiga mu maso canke mu mutwe kugeza ayo mayinga atatu aheze.