Pular para o conteúdo
Publicidade

Amor próprio

Por Bíblia Online

O amor próprio saudável reconhece o valor que Deus nos deu. Fomos criados à imagem de Deus, maravilhosamente formados. Aceitar-se é honrar o Criador.

Ndaguhimbaza kuko naremwe mu buryo buteye ubwoba kandi butangaje;

ivyo ukora biratangaje,

ivyo ndabizi neza.

Ese ukungene ivyiyumviro vyawe ari ivy’igiciro, ewe Mana!

Ese ukungene ari vyinshi!

Nobiharura,

vyoruta umusenyi;

iyo nikanguye, nsanga nkiri kumwe na we.

Iyo niyumviriye ku majuru yawe,

igikorwa c’intoke zawe,

ukwezi n’inyenyeri,

ivyo wewe washizeho,

mbega umuntu ni iki kugira ngo umwibuke,

canke umwana w’umuntu ni iki kugira ngo umwiteho?

Habuze gato ngo umunganye n’abamarayika;

kandi wamwambitse ubwiza n’icubahiro.

Akura umugorwa mu mukungugu,

ashira hejuru umukene, amukuye mu mwavu;

akabicarikana n’abakomeye,

abakomeye bo mu bantu biwe.

Ariko Uhoraho aramubwira ati: "Nturabe akaranga n’uburebure, uwo namwanse. Uhoraho ntaraba ku vyo abantu baraba. Abantu baraba ku biboneka, ariko Uhoraho araba mu mutima."

Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe, abaherezi b’Umwami, ihanga ryejejwe Imana yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ryayo, yo yabahamagaye ikabakura mu mwijima, ikabazana mu muco wayo utangaje.

Mbega utunyoni dutanu ntitugurwa ubusa bw’amahera? Ariko Imana ntiyibagira na kamwe muri two. Mbere n’imishatsi yo ku mitwe yanyu yaraharuwe yose. Nuko rero ntimutinye, kuko musumvya agaciro utunyoni twinshi.

Uko bikwiye kumera mu mubiri wa Kristo

Nisunze ubuntu nahawe n’Imana, ndahanuye umuntu wese muri mwebwe ngo ntiyifate uko atari mu kwiyumvira ko ari uwuhambaye, ariko yicishe bugufi mu kwifata uko ari, yisunze urugero rwo kwizera Imana yamuhaye.

Seja o primeiro