1 Ni co gituma nafashe ingingo yo kudasubira kubagendera kugira ngo sinongere kubazanira umubabaro. 2 Kuko nimba narabateye umubabaro, none ni ba nde bandi basigaye bo kuntera umunezero atari mwebwe nababaje? 3 Nabandikiye kurya kugira ngo ninaza sinzobabazwe n’abari kuntera umunezero. Ndizera neza ko iyo nezerewe munezeranwa nanje. 4 Nabandikiye mfise agahinda n’umubabaro mwinshi bivanze n’amarira, atari kugira ngo ndabatere imibabaro, ariko nipfuza ko mumenya urukundo rwinshi ndabakunda.
5 Nimba hariho uwabateye umubabaro, si jewe yabikoreye, ni mwebwe mwese yabikoreye, canke bamwe muri mwebwe, kandi aha sindengeje urugero. 6 Abenshi muri mwebwe mwaramugwanije kandi ico gihano yahawe kiramaze. 7 Ni co gituma ubu hageze ko mumuharira, mukamwirura, ahandi ho umubabaro womuca intege. 8 Ndabinginga rero ngo musubire mumwereke urukundo. 9 Ikindi catumye ndabandikira kwari ukubageza ngo ndabe ko mukurikiza ivyo nababwiye vyose. 10 Uwo muntu mumuhariye, nanje nzoba ndamuhariye. Kandi igihe cose bikenewe ko ntanga imbabazi, ndabikora ku bwanyu ndi imbere ya Kristo, 11 kugira ngo Satani ntaronke aho adufatira, kuko tutayobewe urwenge rwiwe.
12 Igihe naja i Tirowa kuvuga Ubutumwa Bwiza bwa Kristo, nasanze Imana yanyugururiyeyo imiryango. 13 Ariko nagumanye umutima uhagaze kuko ntasanzeyo mwene Data Tito. Ni co gituma naciye ndabasezera nkaja i Makedoniya.
14 Ariko Imana ishimwe, yo yatugize imbohe zayo, ikaguma iturongora ubudasiba mu rugendo rwo kwigina intsinzi ya Yesu, kandi ikaduha gukwiza hose ubumote bwiza bwa Kristo, n’ukuvuga kumumenyekanisha ahantu hose. 15 Kuko ku Mana turi ubumote bwiza bwa Kristo, buduga kuri Yo, bumotera abariko barakizwa n’abariko barahona. 16 Ku bariko baja mu mahonero turi umunuko w’urupfu no gutikizwa. Ariko ku bariko barakizwa turi akamoto keza k’ubuzima. Mbega ni nde abereye gukora igikorwa nk’iki? 17 Twebwe ntituvuga ijambo ry’Imana turondera inyungu nk’uko benshi babigira. Ahubwo muri Kristo tuvuga ukuri kwo mu mitima yacu turi imbere y’Imana, nk’abatumwe na yo.