1 Mbega ubu dusubiriye gutangura kwimenyekanisha? Canke dukeneye amakete yo kutumenyekanisha mwandikirwa nk’uko biba ku bandi canke bakabasaba ngo muyandike Ku bwabo? 2 Ni mwebwe nyene makete yacu yanditswe mu mitima yacu, ayo bose basoma bagatahura. 3 Muragaragaza ko muri ikete ryanditswe na Kristo, ryavuye mu gikorwa cacu, ritanditswe n’irangi ry’ikaramu, ariko ryanditswe na Mpwemu w’Imana nzima, atari ku bisate vy’amabuye ariko ku bisate vy’imitima y’abantu.
4 Ivyo turabizi neza kubera ukwizigira Imana guhambaye dufise muri Kristo. 5 Ntitwibaza ko dushoboye gukora ikintu na kimwe ku bw’inkomezi zacu, ariko Imana ni yo idushoboza gukora vyose. 6 Ni yo yatugize abakozi b’isezerano rishasha, isezerano ritavuye ku vyagezwe ariko rivuye kuri Mpwemu; kuko ivyagezwe birica ariko Mpwemu atanga ubugingo.
7 Igihe ivyagezwe vyandikwa ku bisate vy’amabuye indome ku yindi, vyandikanywe ubwiza bw’Imana, ku buryo Abisirayeli batashobora kuraba mu maso ha Mose kubera ukwo gukayangana, n’aho kwari ukw’akanya gato, 8 mbega igikorwa ca Mpwemu Yera ntikizorushiriza kugira ubwiza burengeje? 9 Nimba igikorwa catuma dutsindwa cari cisakaye ubwiza nk’ubwo, mbega igikorwa kituzanira ukugororoka ntikizorushiriza kwambara ubwiza buhebuje? 10 Mbere twovuga n’uko ubwo bwiza bwa mbere atari n’ubwiza ubugereranije n’ubw’ino nzira nshasha. 11 Kandi nimba ivyo vya kera bihera vyari vyuzuye ubwiza, mbega ibishasha bizohoraho ntibizorushiriza kugira ubwiza burengeje?
12 Ko dufise ivyo vyizigiro, dufise ugushira amanga. 13 Ntitumeze nka Mose yahisha mu maso hiwe n’igitambara kugira ngo Abisirayeli ntibabone ukwo gukayangana, kandi kwari ukw’akanya gato. 14 Ariko ubwenge bwabo bwarimwo umwijima, kuko gushika n’ubu ico gitambara kibagumako iyo basoma ivy’Isezerano rya Kera. Nticigeze kibakurwako, kuko muri Kristo ari ho gikurirwaho. 15 No gushika uno musi, iyo basomye ivyanditswe na Mose, ico gitambara kiguma gipfutse imitima yabo, bigatuma badatahura. 16 Ariko iyo umuntu ahindukiriye Umwami Yesu, ca gitambara gica kimuvako. 17 Umwami ni we Mpwemu, kandi aho Mpwemu w’Imana ari haba umwidegemvyo. 18 Natwe abakuweko ico gitambara, tugaragaza ubwiza bw’Umwami wacu, kandi tukaba turiko turahindurwa ngo duse na we, tuva mu bwiza tuja mu bundi, na bwo bukaba buva ku Mwami wacu, na we akaba ari Mpwemu.