1 Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu; yabihawe n’ugushaka kw’Imana, hamwe na mwene Data Timoteyo,
Turabandikiye mwebwe ishengero ry’Imana ry’i Korinto, hamwe n’abera bose bo muri Akaya:
2 Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibe muri mwebwe.
3 Nihashimwe Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, Data w’impuhwe n’ukwirura kwose, 4 we aduha ukwirurwa mu bihe vy’imibabaro kugira ngo natwe twiruze abandi ukwirurwa twahawe n’Imana. 5 Kuko nk’uko turushirizaho gusangira imibabaro na Kristo, ni na ko tuzorushiriza gusangira ukwirurwa na we. 6 Kandi nimba turiko turaca mu mibabaro, ni ukugira ngo mwirurwe mwongere muronke agakiza; nimba twiruwe, ni ukugira ngo namwe mwirurwe maze mushobore kwihanganira imibabaro isa n’iyo turiko turacamwo. 7 Ivyizigiro vyacu ku bwanyu birahamye, kuko turazi ko mufatanya natwe mu mibabaro yacu, kandi ko muzokwiruranwa natwe.
8 Bene Data, twibaza ko mukwiye kumenya imibabaro twabayemwo muri Aziya. Twaciye mu makuba arengeye ayo twashobora kwihanganira, dutakaza ivyizigiro, gushika aho twibaza ko tutakirokotse. 9 Mu vy’ukuri, twumva ko twaciriwe urubanza rwo gupfa. Ariko ivyo vyabaye kugira ngo tureke kwizigira inkomezi zacu, ahubwo twizere Imana izura n’abapfuye. 10 Ni yo yadukijije ayo makuba yari kutwica, kandi ni yo izokwama idutabara. Muri yo ni ho twashize ivyizigiro vyacu kandi twizera ko izokwama idutabara. 11 Kandi namwe muzodushigikira mu masengesho, kugira ngo benshi bashime Imana ku bwacu, ku ngabire y’ubuntu yatugiriye mu kwishura amasengesho ya benshi.
12 Iki ni co twokwirata: n’uko imitima yacu ibishingira intahe, ko twigenjeje neza mw’isi, no mu migenderanire yo hagati yacu na mwebwe, ko twabanye twiyeza kandi turi mu kuri kuva ku Mana. Muri ivyo vyose, twari turongowe n’ubuntu bw’Imana, atari ubwenge bw’abantu. 13 Kuko mu makete yacu tubandikira, tubabwira ivyo mushobora gusoma no gutahura gusa. Ariko nizera ko 14 kubera mumaze kudutahura bukebuke, noneho muzodutahura rwose ku buryo mutwirata, nk’uko natwe tuzobirata ku musi Umwami wacu Yesu azogarukirako.
15 Kuko nari nzi neza ko mudutahura kandi mukatwizera, nari nateguye kubagendera ku buryo muhezagirwe incuro zibiri. 16 Nari nateguye ubwa mbere guca iwanyu ngiye i Makedoniya, ubwa kabiri nkongera nkahaca ngaruka. Maze namwe mugaca mumfashe mu bikenewe ku rugendo rwanje rwo kuja i Yudaya. 17 Mbega nkibitegura sinari navyiyumviriyeko? Mbega nabaye nk’ab’isi bavuga "Egome" ariko mu mitima yabo ari "Oya"?
18 Ariko nk’uko Imana ari umwizigirwa, nimumenye ko amajambo yacu atari "Egome" na "Oya." 19 Mu Mwana w’Imana Yesu Kristo, uwo twe na Silasi na Timoteyo twabigishije, ntiharimwo "Egome" na "Oya", muri we ni "Egome" gusa. 20 Kuko amasezerano Imana yatanze yose ni "Egome" muri Kristo Yesu. Kandi muri we ijambo "Amen" tuvuga risigura ngo "Egome" riraduga rigahesha Imana icubahiro. 21 Imana ni yo iduha gukomerana namwe muri Kristo, kandi ni yo yadusize amavuta, 22 idushirako ikimenyetso c’uko turi abayo, ishira Mpwemu wayo mu mitima yacu nk’ingwati yemeza ko tuzoronka ivyo yadusezeraniye vyose.
23 Imana ni yo ntanzeko icabona, mu kubarahira ko ivyo ndababwira ari ukuri. Igituma ntagarutse i Korinto, kwari kugira ngo sindabateko ishavu. 24 Ariko ibi ntibisigura ko tugomba kubaremera tubabwira ngo mushire ukwizera kwanyu mu ngiro. Dushaka gukorera hamwe namwe kugira ngo umunezero wanyu wuzuzwe, kuko ukwizera kwanyu ni kwo kuzotuma mushikama.