Publicidade

2 Coríntios 8

Ugufasha abera b’Imana

1 Bene Data, turashaka ko mumenya ubuntu Imana yagiriye amashengero y’i Makedoniya. 2 Bageragejwe n’ivyago vyinshi kandi bafise ubworo bw’akaburarugero. Ariko bafise umunezero usagutse, wagaragariye mu gutanga kwabo. 3 Ndabishingira intahe ko batanze uko bashoboye, ndetse n’ibirengeye uko bashoboye. Kandi batanze bavyishakiye bo nyene. 4 Baratwinginze kenshi ngo tubagirire ubuntu ngo bagire ico bakoze mu gutanga imfashanyo igenewe abera b’i Yerusalemu. 5 Bakoze ibirengeye ivyo twari twiteze, kanatsinda babanje kwitanga ubwabo, biha Umwami bongera baratwiha nk’uko Imana yabigomvye. 6 Ni co gituma twinginze Tito, uwabateye intege zo gutanga mu ntango, ngo agaruke abandanye ico gikorwa c’ubuntu akirangize. 7 Ariko nk’uko muri agakura mu kwizera, mu mvugo, mu bumenyi, mu mwete mwinshi no mu rukundo mudufitiye, mube agakura muri ubwo buntu bwo gutanga.

8 Ibi sindabibabwira nk’itegeko, ariko nshaka kumenya ko urukundo rwanyu atari uruheyiheyi tugereranije n’umwete ayandi mashengero afise. 9 Kuko muzi ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, ko n’aho yari umutunzi wa vyose, yigize umukene ku bwanyu kugira ngo mu bukene bwiwe mube abatunzi.

10 Iyi ni yo nama yanje y’uko bikwiye kugenda: mu mwaka uheze mwabaye ab’imbere mu gushaka gutanga, ndetse muba n’ab’imbere mu kubikora. 11 None rero nimurangize ico gikorwa mwatanguye, kugira ngo rirya shaka mwerekanye mu ntango ribonekere mu kubishira mu ngiro. Mutange bivanye n’uko mushoboye. 12 Kuko iyo umuntu atanga n’umutima ubikunze, ico atanze cemerwa n’Imana uko nyene, ntimutegeka gutanga ico adafise.

13 Ico twipfuza si uko bamwe boroherwa n’ubuzima namwe musigaye mu bukene, ariko ni uko mwogira ibingana. 14 Ubu mufise umusesekara, kandi murashoboye gufasha abakenye. Ikindi gihe kizoza aho na bo bazoba bafise umusesekara, bakabafasha mukenye. Aho ni ho hazoba hari ukungana. 15 Nk’uko Ivyanditswe bivuga: "Abegeranije vyinshi basanze bitarenze ivyo bakeneye, abegeranije bike na bo basanze bitari musi y’ivyo bari bakeneye."

Tito arungikwa kwakira imfashanyo

16 Ndashima Imana yashize mu mutima wa Tito umwitwarariko nk’uwanje ku bwanyu. 17 Kuko yakiranye umutima mwiza ugutera intege kwacu, kandi akaba afise inyota yo kugaruka iwanyu avyishakiye. 18 Tumurungikanye n’uwundi mwene Data ashimwa n’amashengero yose ku bw’ibikorwa vyiwe vy’Ubutumwa Bwiza. 19 Kandi ishengero ni ryo ryamugenye ngo aduherekeze dutwaye imfashanyo i Yerusalemu, ico ni igikorwa c’ubuntu gihesha Imana icubahiro, kikerekana umwete dufise mu gufasha abatishoboye. 20 Dushaka ko ata wodutora utunenge mu buryo dutanga izo mfashanyo. 21 Kuko twipfuza kubikora neza mu bwizigirwa, atari imbere y’Imana, ariko no mu maso y’abantu.

22 Tubarungikanye kandi n’uwundi mwene Data twabonyemwo ishaka muri vyinshi. Noneho iryo shaka ryabaye ryinshi ku bw’ivyizigiro afise muri mwebwe. 23 Nayo Tito we, ni umugenzi dufatanije igikorwa muri mwebwe; abo bandi bene Data na bo, ni intumwa z’amashengero, kandi bubaha Kristo. 24 Nuko rero nimubereke, imbere y’amashengero, icemeza ko urukundo mubafitiye ari urw’ukuri kandi ko dufise imvo ituma tubanezerererwa.

Veja também

Publicidade
2 Coríntios
Ver todos os capítulos de 2 Coríntios
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-