Publicidade

2 Coríntios 11

Abigira intumwa kandi atari zo

1 Nizera ko muzokwihanganira ubupfu bwanje. Ndabinginze munyihanganire. 2 Mfise ipfuhe ryinshi riva ku Mana ku bwanyu. Nabateguye ngo mube umugeni azogira ubukwe n’umugabo umwe gusa, ari we Yesu Kristo, ngo nze ndabashikane imbere yiwe mumeze nk’inkumi itunganye rwose. 3 Ariko ndatinya ko nk’uko Eva yahenzwe n’ubugunge bw’inzoka, namwe Satani ashobora kuzimiza ubwenge bwanyu akabahubisha mukava muri kwa kwiyegurira Kristo kwuzuye kwanyu. 4 Kuko iyo hagize uwubigisha Yesu atari umwe twabigisha, canke mukaronka iyindi mpwemu itandukanye n’iyo mwakiriye ubwa mbere, canke mukaronka ubutumwa butandukanye n’ubwo mwemeye ubwa mbere, muravyihanganira.

5 Nibaza ko abo mwibaza ko ari intumwa zikomeye ata co bansumvya. 6 Nshobora kuba ntari imvuzi ariko simbuze ubumenyi, kandi ivyo twarabiberetse neza mu buryo bwose. 7 Mbega nakoze icaha aho nicisha bugufi kugira ngo ndabakuze mu kubabwira Ubutumwa Bwiza bw’Imana ata co ndabasavye? 8 Meze nk’aho nasahuye ayandi mashengero mu kwemera imfashanyo yayo kugira nshobore kubakorera ata co ndabasavye. 9 Kandi igihe nari kumwe namwe ngakena, nta we nigeze ndemera, kuko bene Data baje bava i Makedoniya bamfashishije ivyo nari nkeneye vyose. Namye nirinda kuremera umuntu n’umwe mu kintu na kimwe, kandi nzokwama ukwo. 10 Ndababwije ukuri kwa Kristo aba muri jewe: nta muntu n’umwe wo mu ntara ya Akaya yombuza kwirata ivyo. 11 Kubera iki mvuze uko? Mbega ni kubera ntabakunda? Haba na mba, n’Imana irabizi.

12 Nzobandanya nkora igikorwa canje muri mwebwe kugira ngo nime icitwazo abarondera ivyitwazo vyo kwirata ko bangana natwe mu vyo dukora. 13 Kuko abo bantu si intumwa z’ukuri, ni ababeshi bigira intumwa za Kristo. 14 Ariko nta gitangaje kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco. 15 Nta gitangaje rero, n’abakozi biwe bashobora kwigira abakozi b’abagororotsi. Ku muhero wa vyose bazoronka impera ihwanye n’ibikorwa bakora.

Pawulo yishimira imibabaro yiwe

16 Ndabisubiyemwo, ntihagire uwibaza ko ndi imburabwenge. Ariko nimba mwibaza ko ndi imburabwenge, nimunyumvirize nk’aho mwoba muriko mwumviriza imburabwenge, kugira ngo nanje nirate na gato. 17 Mu kwirata gutya sindiko mvuga nk’uko Umwami Yesu yovuga, ahubwo mvuze nk’igipfu. 18 Kandi kubera abandi bafise ivyo birata ivyo bakoze hano kw’isi nanje nogira ico nirata. 19 Muri vyose mwibaza ko muri incabwenge kandi muryoherwa no kwakira imburabwenge. 20 Ndetse mwihanganira n’ababagira abagurano, bakabarenganya bakabanyaga utwanyu, bakishira hejuru, bakabakubita urushi. 21 Numva mfise isoni zo kubabwira ko umenga twagize intege nke muri mwebwe, kubona tutigenjeje gutyo!

Ariko nimba hari uwufise ico yokwubahuka kwirata, nanje ndagifise, ndabivugishijwe n’ubupfu. 22 Ni Abaheburayo? Nanje ndi we. Ni Abisirayeli? Nanje ndi we. Ni abana ba Aburahamu? Nanje ndi we. 23 Mbega ni abakozi ba Kristo? (Nataye ubwenge kubona ndiko mvuga uku.) Ndabaruta. Nakoze cane kubasumvya, nashizwe mw’ibohero kenshi, nakubiswe kenshi katoharurwa, nahatswe gupfa kenshi. 24 Nakubiswe n’Abayuda incuro zitanu ibimoko mirongo ine ukuyemwo kimwe, 25 nakubiswe inkoni incuro zitatu, rimwe naratewe amabuye, namenekanywe n’ubwato incuro zitatu, namaze umusi n’ijoro mu kiyaga, 26 nagenze ingendo nyinshi kandi ndende. Narahatswe gutwarwa n’inzuzi, narahatswe kugirirwa nabi b’ibisuma, narahatswe kwicwa n’abo mu bwoko bwanje, narahatswe kwicwa n’Abanyamahanga, narahatswe kwicirwa mu bisagara, narahatswe kwicirwa mu misozi, narahatswe gupfira mu kiyaga, narahatswe kwicwa n’abigira bene Data. 27 Narakoze cane ndaruha, rimwe na rimwe nkarara maso. Narashonje ndanyoterwa, mfata ingendo ntagira imfungurwa, nicwa n’imbeho, ngenda gusa. 28 Ikirengeye ivyo, namana umwitwarariko ku bw’amashengero yose. 29 Iyo hagize uwuja mu ntege nke, nanje numva intege nke. Iyo hagize uwusubira mu vyaha numva umubabaro utovugwa.

30 Nimba nokwirata, nzokwirata kubw’ibingaragaza nk’umunyantegenke. 31 Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, we akwiye gushimwa ibihe vyose, arazi ko mvuga ukuri. 32 Igihe nari i Damasiko, uwatwarira umwami Areta yategetse ko igisagara ca Damasiko kirindwa kugira ngo mfatwe. 33 Ariko bene Data banshira mu giseke banyururutsa bancishije mw’idirisha ry’uruzitiro, ndamukira gutyo.

Veja também

Publicidade
2 Coríntios
Ver todos os capítulos de 2 Coríntios
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-