Publicidade

Arca da aliança

Por Bíblia Online

A Arca da Aliança era o símbolo mais sagrado de Israel — representava a presença de Deus no meio do seu povo. Sobre ela brilhava a glória do Senhor entre os querubins.

Uko isandugu izoba imeze

Ubabwire bankorere isandugu mu giti c’ikasiya, ifise ingero z’igice c’ukuboko zibiri n’igice z’uburebure, ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice y’ubwaguke, hamwe n’ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice y’igihagararo. Bazoyisige inzahabu itavanze imbere n’inyuma, kandi bazoyikorere urubiga rw’inzahabu ruyikikuje. Bazoyicurire ibigombo bine mu nzahabu babimadike ku mfuruka zine zayo; bibiri ku ruhande rumwe, ibindi bibiri ku rundi. Bategure n’imyamba ibiri miremire igororotse mu giti c’ikasiya, bayomekeko inzahabu. Bazokwinjize iyo myamba muri ivyo bigombo bine biri ku mpande zibiri za ya sandugu kugira ngo ibe iyo kurerura iyo sandugu. Iyo myamba ibiri ize yame muri ivyo bigombo ntize yigere ivamwo. Muri iyo sandugu uzoshiremwo vya bisate vy’amabuye biriko amabwirizwa nzoguha.

Bazoyicurire umupfundikizo wo guhongerako mu nzahabu itavanze, ufise ingero z’igice c’ukuboko zibiri n’igice z’uburebure n’ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice y’ubwaguke. Baze bacure abakerubi babiri mu nzahabu ihondaguye n’inyundo, bazobatere ku mpera zibiri z’uwo mupfundikizo. Umukerubi umwe azoje ku mutwe umwe w’umupfundikizo, uwundi aje ku wundi mutwe, hanyuma vyose bizofatanywe bigirwe nk’ikintu kimwe. Abakerubi bazobe bashanje amababa yabo araba hejuru, bayapfutse wa mupfundikizo wose. Bazobe barabana, bunamye baraba ku mupfundikizo w’isandugu. Uwo mupfundikizo uzoshirwe kuri ya sandugu, muri iyo sandugu na ho muzoshireyo vya bisate vy’amabuye biriko amabwirizwa nzoguha.

Aho ni ho tuzobonanira, nkabavugisha ndi hejuru y’uwo mupfundikizo, hagati y’abakerubi babiri bacuzwe mu nzahabu, bapfutse Isandugu y’Isezerano. Aho ni ho tuzobonanira hanyuma ndabahe ivyagezwe Abisirayeli bazokurikiza.

Bakora Isandugu y’Isezezerano

Bezaleli abaza isandugu mu giti c’ikasiya ifise ingero z’igice c’ukuboko zibiri n’igice z’uburebure, ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice y’ubwaguke n’ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice y’igihagararo.

Ihema ry’ibonaniro ryubakwa

Uhoraho abarira Mose ati: "Ku musi wa mbere w’ukwezi, uzoshinge iryo hema, ari ryo Hema ry’Ibonaniro. Uzoryinjizemwo Isandugu y’Isezerano, urikingirize ca gitambara.

Afata vya bisate vy’amabuye vy’ivyagezwe abishira mw’isandugu, ayishirako na ya myamba, afata na wa mupfundikizo wo guhongerako awutereka kuri yo. Aca yinjiza ya sandugu mw’Ihema, amanika na ca gitambara co kuyihisha nk’uko Uhoraho yabimutegetse.

Mose amaze kwinjira mw’Ihema ry’Ibonaniro kugira ngo avugane nUhoraho, yumva ijwi rivugana na we rivuye hagati ya ba bakerubi babiri bari ku mupfundikizo w’impongano w’Isandugu y’Isezerano. Na we araheza avugana na we.

Nuko bava ku musozi wUhoraho bagenda imisi itatu. Isandugu y’Isezerano yUhoraho yagendera imbere yabo muri iyo misi itatu kugira ngo abaronkere aho kuruhukira. Ca gicu cUhoraho cari hejuru yabo ku murango igihe bava aho bari bacumbitse.

Igihe cose iyo isandugu igiye, Mose yavuga ati:

"Haguruka, yewe Uhoraho!

Abansi bawe nibasanzare;

abakwanka nibahunge mu nyonga hawe."

Igihe cose ihagaze, yavuga ati:

"Garuka, Yewe Uhoraho,

mu bihumbi n’ibihumbi vy’Abisirayeli."

Inkoni ya Aroni ishurika

Uhoraho abarira Mose ati: "Bwira Abisirayeli bazane inkoni icumi na zibiri, imwimwe ku muryango wose ivuye ku mukuru aserukira uwo muryango. Uze wandike izina rya nyene inkoni ku nkoni yiwe. Ku nkoni ya Lewi uze wandike izina rya Aroni, kuko hategerezwa kuba inkoni imwe ku mukuru w’umuryango wose. Muze muzishire mw’Ihema ry’Ibonaniro imbere y’Isandugu y’Isezerano, aho mbonanira namwe. Inkoni y’uwo nzoba ntoranije izoshurika, gutyo nzoba nikuriyeho imyidogo Abisirayeli bama bakwidogera."

Nuko Mose avugana n’Abisirayeli, maze abakuru babo bazana inkoni zabo icumi na zibiri, imwimwe ku mukuru w’umuryango wose, n’inkoni ya Aroni yarimwo. Mose ashira za nkoni imbere yUhoraho mw’Ihema ry’ibishingantahe.

Bukeye Mose yinjira mw’Ihema ry’ibishingantahe aca asanga inkoni ya Aroni yaserukira umuryango wa Lewi, ntiyatutuje amababi gusa ahubwo yashuritse yongera yama na alumonde zihiye. Nuko Mose asohora za nkoni azikura imbere yUhoraho azizanira Abisirayeli bose. Baziravye, umwe wese atora iyiwe.

Uhoraho abarira Mose ati: "Subiza ya nkoni ya Aroni imbere y’Isandugu y’ibishingantahe, kugira ngo ibe ikimenyetso c’abagumutse. Ivyo bizokuraho imyidodombo banyidodombera, kugira ngo ntibapfe." Mose aca akora nk’uko Uhoraho yamutegetse nyene.

Nuko abantu bose bamaze kuzinga amahema yabo kugira ngo bajabuke Yorodani, abaherezi baca barerura Isandugu y’Isezerano, babaja imbere. Ico gihe hari mu gihe c’iyimbura, kandi Yorodani rwari rwarengeye inkombe zarwo. Ariko ba baherezi bari bareruye Isandugu y’Isezerano bamaze guhonyoza ibirenge mu mazi yo ku nkengera y’urwo ruzi, amazi yo haruguru aca arahagarara ntiyasubira gutemba. Yiyegeraniriza hamwe kure y’aho bari, mu gisagara ca Adamu, hafi y’i Zaretani, ayo hepfo na yo abandanya amanuka aja mu kiyaga ca Araba, ari co Kiyaga c’Umunyu gushika akamye. Nuko abantu baca barajabuka hakurya bashika ahegereye Yeriko. Ico gihe abaherezi bari bareruye Isandugu y’Isezerano yUhoraho bari bahagaze bemye kw’isi yumye hagati muri Yorodani, Abisirayeli na bo bariko barajabuka gushika ihanga ryose rijabutse rica kw’isi yumutse.

Ba baherezi bava muri Yorodani bareruye ya Sandugu y’Isezerano yUhoraho.

Kandi ico gihe, igisagara c’i Yeriko cari cugawe bikomeye kubera gutinya Abisirayeli. Nta muntu yasohoka canke ngo yinjire.

Maze Uhoraho abarira Yosuwa ati: "Ehe raba nshize Yeriko mu maboko yanyu, hamwe n’umwami waho n’abasoda baho bahambaye. Mwe n’ingabo zawe nimuzunguruke igisagara rimwe gusa ku musi, muzobikore imisi itandatu. Muzojane n’abaherezi indwi bitwaje inzamba zikozwe mu mahembe y’intama, bagendere imbere y’Isandugu. Ku musi ugira indwi, muzozunguruke ico gisagara incuro indwi, abo baherezi bariko baravuza izo nzamba. Nimwumva abaherezi bavugije inzamba n’ijwi rirengera, abasoda bose bazoce na bo bashira ijwi hejuru basemerere cane, inzitiro z’igisagara zizoca zisenyuka, abantu bose bazoce binjira, umwe wese yinjirire aho azoba atumbereye."

Nuko Yosuwa mwene Nuni aca akoranya abaherezi, ababwira ati: "Nimurerure Isandugu y’Isezerano yUhoraho, abaherezi indwi bo muri mwebwe batware inzamba bagendere imbere yayo." Aca ategeka abasoda ati: "Genda! Nimuzunguruke igisagara, kandi habeho ingabo zigendera imbere y’Isandugu y’Isezerano yUhoraho."

Inzamba ivuze, abantu baca bakoma akaruru n’inkomezi zabo zose. Ubwo nyene inzitiro z’i Yeriko zica zirasenyagurika, umusoda wese aca yinjirana aho yari atumbereye, bafata ico gisagara,

Abafilisitiya bakoranya ingabo zabo zose kugira ngo baje gutera Abisirayeli. Intambara irakomera cane, maze Abisirayeli baneshwa n’Abafilisitiya, babicamwo abantu ibihumbi bine ku rugamba. Abasoda bagarutse aho bari bacumbitse, abakuru b’Abisirayeli barabaza bati: "Ni kuki Uhoraho yatumye tuneshwa uwu musi imbere y’Abafilisitiya? Nimuze tuzane Isandugu y’Isezerano yUhoraho iri i Shilo, kugira ngo ajane natwe adukize ukuboko kw’abansi bacu."

Nuko abantu batuma intumwa i Shilo, baragenda bazana ya Sandugu y’Isezerano yUhoraho Mushoboravyose, avyagiye ku ntebe y’ubwami hagati y’Abakerubi. Abahungu ba Eli babiri, Hofuni na Finehasi, bari kumwe n’Isandugu y’Isezerano y’Imana.

Ya Sandugu y’Isezerano yUhoraho ishitse aho bacumbitse, Abisirayeli bose barahaguruka biha akamo gakomeye kugeza aho isi inyiganyiga. Abafilisitiya bumvise ako kamo, barabazanya bati: "Mbega ako kamo ko mu Baheburayo kavuye ku ki?"

Bamaze kumenya ko ari kubera Isandugu yUhoraho ishitse aho bacumbitse, Abafilisitiya bagira ubwoba. Baravuga bati: "Imana yaje hagati muri bo. Turashize! Nta kintu nk’ico cari bwigere kibaho! Turashize! Ni nde yodukiza ukuboko kw’izo mana zikomeye z’Abisirayeli? Izo ni zo zateje ivyago bikomeye cane Abanyegiputa igihe Abisirayeli bari mu bugaragwa. Yemwe Bafilisitiya nimushikame! Mube abagabo, atari aho na ho muca muba abagurano b’Abaheburayo, nk’uko na bo bahora ari abagurano bacu. Nimube abagabo, mugwane!"

Nuko Abafilisitiya baragwana, hanyuma Abisirayeli baraneshwa, umuntu wese ahungira mw’ihema ryiwe. Abishwe bari benshi cane; uwo musi mu Bisirayeli hapfa abasoda ibihumbi mirongo itatu. Isandugu y’Imana irafatwa, na Hofuni na Finehasi bene Eli barapfa.

Ukuboko kwUhoraho kwari guhanamiye abantu b’i Ashidodi n’imihana ihakikije; kuko kwabateza ivyago n’ibihute. Abantu b’i Ashidodi babonye ibibaye, baravuga bati: "Isandugu y’Imana y’Abisirayeli ntishobora kuguma hano muri twebwe, kuko ukuboko kwayo kugomba kuturandura twebwe n’imana yacu Dagoni." Nuko batumako abatware bose b’Abafilisitiya barababaza bati: "Iyi Sandugu y’Imana y’Abisirayeli tuyigire dute?"

Na bo barabishura bati: "Iyo Sandugu y’Imana y’Abisirayeli nimuyimurire i Gati." Nuko barayimura.

Ariko bamaze kuyimura, ukuboko kwUhoraho kubangamira abantu b’ico gisagara, bituma bacika ivutu rwose. Abantu b’ico gisagara, uhereye ku bakiri bato ukageza ku bashaje, bose baterwa n’ibihute. Nuko baca barungika iyo Sandugu y’Imana i Ekuroni.

Ya sandugu igiseruka i Ekuroni, abantu baho bose bakoma induru bati: "Bazanye ya Sandugu y’Imana y’Abisirayeli muri twebwe kugira ngo itwicane n’abacu." Nuko baca batumako abatware bose b’Abafilisitiya baravuga bati: "Nimwirukane iyo Sandugu y’Imana y’Abisirayeli; muyisubize aho yahora, bitari uko na ho izotumara twebwe n’abantu bacu." Abantu bo muri ico gisagara bari bacitse ivutu rwose, kubera ubwoba, batinya gupfa; kuko ukuboko kw’Imana kwari kubangamiye ico gisagara.

Isandugu igaruka muri Isirayeli

Iyo Sandugu yUhoraho imaze mu gihugu c’Abafilisitiya amezi indwi, Abafilisitiya bahamagara abaherezi n’abapfumu barababaza bati: "Iyi Sandugu yUhoraho tuyigire dute? Tubwire uko twoyirungika igasubira iyo yaje iva."

Barabishura bati: "Nimwasubiza iyo Sandugu y’Imana y’Abisirayeli, ntimuyirungike igaragara, ariko muyirungikane n’ikimazi co kwisaba, kugira ngo mukire ivyo vyago. Nimwakira, muzoca mumenya ko ivyo vyago mwabiterwa n’ukuboko kwayo."

Nuko bakora uko nyene. Bafata za nka baziboherako wa mukogote baca basubiza inyana zazo mu ruhongore. Bashira ya Sandugu yUhoraho ku mukogote hamwe na ka gasandugu karimwo za mbeba zicuzwe mu nzahabu na vya bimenyetso vy’ibihute. Nuko za nka zigenda zerekeye i Beti-Shemeshi, zitumbereye inzira kandi zigenda zabira inzira yose; ntizahindukira i buryo canke i bubamfu. Abatware b’Abafilisitiya barazikurikira gushika zigeze ku rubibe rw’i Beti-Shemeshi.

Abantu b’i Beti-Shemeshi bariko barimbura ingano mu kiyaya, bunamutse babona ya Sandugu yUhoraho, banezerezwa cane no kuyibona. Uwo mukogote uraza ushika mu murima wa Yosuwa w’i Beti-Shemeshi, uhagararaho i ruhande y’igitandara kinini. Abantu baca basatagura ibiti bigize wa mukogote baca batanga za nka kw’ikimazi co guturirwa bagishikanira Uhoraho. Abalewi bururutsa ya Sandugu yUhoraho, na ka gasandugu karimwo vya bintu bicuzwe mu nzahabu, babirambika kuri ca gitandara kinini. Kuri uwo musi abantu b’i Beti-Shemeshi bashikanira Uhoraho amashikanwa aturiwe n’ibimazi.

Nuko abantu b’i Kiriyati-Yeyarimu badugana iyo Sandugu yUhoraho, bayijana mu rugo kwa Abinadabu rwari ku gasozi, baca barobanura Eliyezeri umuhungu wiwe kugira ngo yiteho iyo Sandugu yUhoraho.

Samweli atsindira Abafilisitiya i Misipa

Iyo Sandugu yUhoraho imara igihe kirekire kingana n’imyaka mirongo ibiri yose, ikiri i Kiriyati-Yeyarimu.

Muri ico gihe, Abisirayeli bose batakambira Uhoraho bababaye kuko bumva umenga Uhoraho yarabahevye.

Maze babarira umwami Dawidi bati: "Uhoraho yarahezagiye abo mu nzu kwa Obedi-Edomu n’ivyo atunze vyose, kubera ya Sandugu yUhoraho." Nuko Dawidi aramanuka aja kudugana iyo Sandugu y’Imana ayikura mu nzu kwa Obedi-Edomu ayijana mu Gisagara ca Dawidi bari mu munezero mwinshi. Abareruye iyo Sandugu yUhoraho bamaze kugira intambuko zitandatu, yaca atanga ikimazi c’ishuri n’inyana ivyibushe. Dawidi yari yambaye efodi yera, atambira imbere yUhoraho n’inkomezi ziwe zose. Nuko Dawidi n’Abisirayeli bose, badugana Isandugu yUhoraho batera akamo k’umunezero, bavuza n’inzamba.

Isandugu y’Isezerano yinjizwa mu Ngoro

Nuko umwami Salomo aca atumako abakuru b’Abisirayeli, abatware b’imiryango bose n’abaserukira amazu y’Abisirayeli, bakoranira i Yerusalemu kugira ngo bazane Isandugu y’Isezerano yUhoraho, bayikure aho yari iri i Siyoni mu Gisagara ca Dawidi, bayijane mu kibanza gishasha kiri muri iyo Ngoro. Abisirayeli bose bakoranira imbere y’umwami Salomo ku musi mukuru w’insago, hari mu kwezi kw’indwi ari kwo Etanimu.

Abakuru bose b’Abisirayeli bamaze gushika, abaherezi baterura ya sandugu barayidugana, badugana Isandugu yUhoraho n’Ihema ry’Ibonaniro, badugana n’ibikoresho vyose vyakoreshwa muri ryo. Umwami Salomo n’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bari bakoraniye hamwe na we bari imbere y’iyo sandugu, batanga ibimazi vyinshi vy’intama n’inka bitashoboye kwandikwa canke ngo biharurwe.

Abo baherezi baca bajana iyo Sandugu y’Isezerano yUhoraho aho yateguriwe mu gice c’imbere mu Ngoro, ari ho hitwa Ahera Cane, baca bayishira musi y’amababa ya ba bakerubi. Abo bakerubi bari bashanje amababa hejuru y’aho iyo sandugu yari iri, agapfuka isandugu hamwe n’imyamba bayireruza. Iyo myamba yari miremire ku buryo umuntu ari Ahera yashobora kubona aho igarukira. Ariko umuntu atarashika Ahera, ntivyashoboka ko ayibona; kandi iracariho gushika n’uwu musi. Nta kindi kintu cari muri iyo sandugu kiretse vya bisate vy’amabuye Mose yashiramwo ari i Horebu, aho Uhoraho yagiraniye isezerano n’Abisirayeli bamaze kuva muri Egiputa.

Abaherezi bamaze gusohoka bakava muri ico cumba c’Ahera, igicu cakaka kiraza cuzura mu Ngoro yUhoraho. Abaherezi ntibaba bagishobora gukora igikorwa cabo kubera ico gicu, kuko ubwiza bwUhoraho bwari bwuzuye Ingoro y’Uhoraho.

"Nimungarukeko, mwa bana batizigirwa," ni ko Uhoraho avuze, "kuko ndi shobuja. Nzobatoranya, ndabakure iyo mwasabagiriye, umwe ndamukure mu gisagara kimwe na babiri mu muryango umwe, maze ndabazane i Siyoni. Hanyuma nzobaha abungere bahuye n’uko umutima wanje ugomba, bazobarongora mu kumenya no mu gutahura. Muri iyo misi, ibitigiri vyanyu nivyamara kwongerekana cane mu gihugu," ni ko Uhoraho avuze, "abantu ntibazosubira kuvuga ivy’Isandugu y’Isezerano ryUhoraho. Ntizosubira na rimwe kwinjira mu bwenge bwabo; ntizokwibukwa, kandi ntizosubirizwa.

Gusengera mw’ihema ryo kw’isi

Isezerano rya mbere ryari rifise ibisabwa bijanye no gusenga hamwe n’ikibanza co gusengeramwo hano kw’isi. Hari ibibanza bibiri mw’ihema. Mu kibanza ca mbere harimwo igiterekwako amatara, imeza hamwe n’imikate yashikaniwe Imana. Ico kibanza citwa Ahera. Hanyuma haca haza igitambara gikinze, inyuma yaco ni ho hari ihema ryitwa Ahera Cane, Ico kibanza carimwo igicaniro gikozwe mu nzahabu baturirirako ibimota neza hamwe n’Isandugu y’Isezerano, yari yometseko inzahabu impande zose. Muri iyo Sandugu harimwo ibakure ry’inzahabu ririmwo manu, ya nkoni ya Aroni yatutuzako amababi hamwe na vya bisate vy’amabuye vyari vyanditseko amajambo y’isezerano. Hejuru y’iyo Sandugu hari abakerubi b’ubwiza, amababa yabo yari ashanje hejuru y’Isandugu y’Isezerano, ari co kibanza ivyaha vyaharirirwamwo. Ariko ibi ntidushobora kubivuga ido n’ido muri aka kanya.

Maze urusengero rw’Imana mw’ijuru ruca ruruguruka, kandi muri rwo habonekamwo Isandugu y’Isezerano. Nuko haca haba imiravyo, humvikana urwamo n’imituragaro, haba nyamugigima n’imvura y’urubura ikomeye.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_12-11-46-