Arrependimento
O arrependimento é a porta da graça. A Bíblia declara que Deus não deseja a morte do ímpio, mas que se converta e viva. Arrependei-vos, pois o Reino dos Céus está próximo.
Chamado ao arrependimento
Arrependei-vos, porque o Reino dos Céus está próximo. Quem se arrepende e confessa encontra restauração e perdão.
Kuva ico gihe Yesu aca atangura kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha, ati: "Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi."
Nimukore ibikorwa vyerekana ko mwihanye,
Nimugende mwige iri jambo ico rivuga: ‘Nshaka ko mugira imbabazi kuruta kumpa ibimazi.’ Kuko sinaje kurondera abagororotsi, ahubwo naje kurondera abanyavyaha."
ati: "Igihe kirashitse, Ubwami bw’Imana buri hafi. Nimwihane mwizere Ubutumwa Bwiza."
Haba na mba! Ariko nimutihana namwe muzohona nka bo.
Sinaje kurondera abagororotsi, ahubwo naje kurondera abanyavyaha, kugira ngo bihane."
Petero arabishura ati: "Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.
Nuko rero nimwihane, muhindukire, kugira ngo ivyaha vyanyu bihanagurwe, ngo ibihe vy’impemburo bibone ingene biza, bivuye imbere y’Umwami Imana,
Ibihe abantu batari bwamenye Imana, iyo Mana nta co ibibagirizako, ariko ubu ihamagarira abantu bose aho bari hose kwihana,
A graça do arrependimento
Os que eu amo, eu repreendo e disciplino. Arrepende-te! Deus não quer que nenhum se perca — mas que todos cheguem ao arrependimento.
Uwo nkunda ndamukankamira, nkanamuhana. None rero, gira umwete, wihane.
Imana ntitebeje gushitsa isezerano ryayo, nk’uko bamwe biyumvira ko iritebeje. Yihanganira mwebwe, kuko idashaka ko hari n’umwe aranduka, ariko ishaka ko bose bashika ku kwihana.
Sinezerezwa n’urupfu rw’umuntu n’umwe, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze. Nimwihane, mubone kubaho!
abantu banje, bitirirwa izina ryanje, nibicisha bugufi bagasenga barondera mu nyonga hanje, bakava mu nzira zabo mbi, nanje nzobumva ndi mw’ijuru, mparire ivyaha vyabo, nkize n’igihugu cabo.
Hezekiya atumako Abisirayeli bose n’Abayuda, kandi yandikira amakete Abefurayimu n’Abamanase, abaha ubutumire ngo baze mu Ngoro y’Uhoraho i Yerusalemu guhimbaza Pasika y’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli. Umwami n’abaganwa biwe n’ikoraniro ryose bari i Yerusalemu bari biyemeje guhimbaza Pasika mu kwezi kwa kabiri. Ntibari bwashobore kuyihimbaza mu bihe vyategekanijwe kuko ata baherezi bakwiye bari bwarobanurwe, kandi abantu ntibari bwigere bakoranira i Yerusalemu. Iyo nteguro yo guhimbaza Pasika yabonetse ko ari nziza ku mwami no ku bantu bose. Baca bafata ingingo yo gutuma intumwa mu Bwisirayeli hose, uhereye i Berisheba mu bumanuko ugashika i Dani mu buraruko, bahamagara abantu ngo baze i Yerusalemu guhimbaza Pasika y’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli. Ntibari bwayihimbaze ari benshi nk’uko vyari vyaranditswe.
Kw’itegeko ry’umwami, intumwa zikwira hose mu Bwisirayeli n’i Buyuda zitwaye amakete avuye ku mwami no ku baganwa biwe, avuga ngo:
"Yemwe Bisirayeli mwese, nimugaruke k’Uhoraho, Imana ya Aburahamu, na Isaka na Isirayeli, kugira ngo na we abagarukeko mwebwe abasigaye, mutahitanywe n’agatikizo k’abami b’i Ashuri. Ntimube nka ba sogokuruza na benewanyu, babaye ibigaba imbere y’Uhoraho Imana ya ba sekuruza, ari co catumye ibahindura akajoreza nk’uko mubibona. Ntimukomantaze imitima nk’uko ba sogokuruza banyu bayikomantaje; mwumvire Uhoraho. Muze mu Ngoro yiwe, iyo yejeje akayitoranya ibihe bidashira. Mukorere Uhoraho Imana yanyu, kugira ngo uburake bwiwe bw’inkazi bubaveko. Nimwahindukirira Uhoraho, benewanyu n’abana banyu bazogirirwa akagongwe n’ababajanye nk’inyagano maze bagaruke muri iki gihugu, kuko Uhoraho Imana yanyu ari inyembabazi kandi igira ikigongwe cinshi. Nimwamuhindukirira, ntazobakurako inyonga ziwe."
Za ntumwa ziragenda, ziva mu gisagara zija mu kindi, mu Befurayimu no mu Bamanase, gushika mu Bazebuloni; ariko abantu baritwengera, barabakengera. Yamara abantu bamwe bo mu Basheri, Abamanase n’Abazebuloni bicisha bugufi baja i Yerusalemu. No mu Buyuda, ukuboko kw’Imana kuba ku bantu baho, abaha kugira umutima umwe wo gukora ivyo umwami n’abaganwa biwe bari bategetse, bivuye mw’ijambo ry’Uhoraho.
Nuko mu kwezi kwa kabiri, abantu benshi bakoranira i Yerusalemu ngo bahimbaze Umusi Mukuru w’imikate itarimwo umwambiro. Bakuraho ibicaniro vyari i Yerusalemu, basambura n’ibicaniro batangirako ibimota neza, babita mu mwonga wa Kidironi.
Maze ku musi ugira cumi na kane w’ukwezi kwa kabiri, bakerera umwagazi wa Pasika. Abaherezi n’Abalewi bari buzuye ibimaramare, baca barihumanura maze bazana ibimazi vyo guturirwa mu Ngoro y’Uhoraho. Maze baca baja mu bibanza vyabo nk’uko vyanditswe mu Vyagezwe vya Mose umuntu w’Imana. Abaherezi bamija ku gicaniro amaraso baherejwe n’Abalewi. Kubera ko mw’ikoraniro harimwo abantu benshi batari bihumanuye, Abalewi ni bo bahavuye bakerera imyagazi y’intama ya Pasika y’abantu bose bari bahumanye, kuko batashobora gushikiriza iyo myagazi yabo Uhoraho. Kandi naho abantu benshi mu bari bavuye mu Befurayimu, mu Bamanase, mu Bisakari no mu Bazebuloni batari bihumanuye, barariye Pasika, banyuranya n’uko vyanditswe. Ariko, Hezekiya arabasengera, avuga ati: "Icompa Uhoraho, kuko ari mwiza, akababarira umuntu wese yashize umutima wiwe ku kurondera Uhoraho, Imana ya ba sekuruza naho ahumanye ku bw’amategeko y’Ahera." Maze Uhoraho yumva ugusenga kwa Hezekiya, akiza abantu.
Abisirayeli bari i Yerusalemu bahimbaza Umusi Mukuru w’imikate itarimwo umwambiro, bamara imisi indwi banezerewe cane, mu gihe Abalewi n’abaherezi baguma bararirimbira Uhoraho ku musi ku musi, bakoresheje ibicurarangisho bisamirana, vyeguriwe Uhoraho.
Hezekiya avuga amajambo yo gutera intege Abalewi bose bari berekanye ko batahura neza igikorwa c’Imana. Muri iyo misi indwi bariye umugabane wabo batanga n’ibimazi vy’ishimwe barongera bahimbaza Uhoraho Imana ya ba sekuruza.
Maze ikoraniro ryose rica ryemeranya kwongerako iyindi misi indwi, bayimara bahimbaza Imana kandi banezerewe. Hezekiya umwami w’i Buyuda ategura amashuri y’inka igihumbi n’intama n’impene ibihumbi indwi ku bw’iryo koraniro, n’abaganwa na bo batanga amashuri y’inka igihumbi n’intama n’impene ibihumbi cumi. Igitigiri kinini c’abaherezi barihumanura. Ikoraniro ryose ry’Abayuda riranezerwa, hamwe n’abaherezi n’Abalewi n’abari bakoraniye hamwe na bo bavuye mu Bisirayeli, harimwo n’abanyamahanga bari baje bava mu Bwisirayeli n’ababa i Buyuda. Hari umunezero mwinshi cane i Yerusalemu, kuko kuva mu misi ya Salomo mwene Dawidi umwami w’Abisirayeli hatari bwabe ikintu nk’ico i Yerusalemu. Abaherezi n’Abalewi barahaguruka ngo bahezagire abantu, maze Imana irabumva, kuko isengesho ryabo ryashitse mw’ijuru, ahera hayo, aho iba.
Imitima yanyu nibe ari yo mutabura
mureke impuzu zanyu.
Nimugaruke k’Uhoraho Imana yanyu,
kuko ari umunyabuntu agira imbabazi,
ateba kuraka kandi agira urukundo rwinshi,
kandi arigarura ngo ntarungike ivyago.
Mu kwezi kugira umunani kw’umwaka ugira kabiri Dariyusi ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryaje ku wavugishwa n’Imana Zakariya mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido, rivuga riti:
"Uhoraho yarashavuriye cane ba sogokuruza banyu. Nuko rero, bwira abantu uti: Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Nimungarukeko,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze, ‘nanje nzobagarukako,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. Ntimumere nka ba sogokuruza banyu, abo abavugishwa banje ba kera babwiye bati: Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: Nimuhindukire muve mu nzira zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi, ariko ntibanyumvire canke ngo banshireko n’umutima, ni ko Uhoraho avuze. None ba sogokuruza banyu ubu bari he? Mbega abavugishwa n’Imana bamaho ibihe vyose? Mbega none amajambo yanje n’ivyo nashinze nkabishikiriza abasavyi banje navugisha ntivyashitse kuri ba sogokuruza banyu?
Maze barihana bavuga bati: ‘Uhoraho Mushoboravyose yadukoreye ibikwiranye n’ingeso zacu n’ibikorwa vyacu, nk’uko yari yagabiye kubitugirira.’ "
Ku musi ugira mirongo ibiri na kane w’ukwezi kw’indwi, mu kwezi kwa Shebati, mu mwaka ugira kabiri Dariyusi ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryongera kuza ku wavugishwa n’Imana Zakariya mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido.
Mw’ijoro nabonye ivyo neretswe, maze imbere yanje hari umugabo yari yicaye kw’ifarasi ifise ibara rigomba gutukura kandi na yo yari ihagaze mu biti vyitwa mirite, ahantu h’umwonga. Inyuma yiwe hari ayandi mafarasi na yo nyene y’akagajo, ayagomba kwera hamwe n’ayera.
Ndabaza nti: "Izo farasi zisigura iki, ga Mwami wanje?"
Umumarayika yariko aravugana nanje aranyishura ati: "Ndakwereka ivyo ari vyo."
Maze wa mugabo yari ahagaze muri vya biti vyitwa mirite, aransigurira ati: "Ni abo Uhoraho arungitse kugendura isi yose."
Maze baha icegeranyo wa mumarayika w’Uhoraho yari ahagaze musi y’ivyo biti bati: "Twagenduye isi yose kandi twasanze isi yose itekanye iri mu mahoro."
Maze wa mumarayika w’Uhoraho arishura ati: "Uhoraho Mushoboravyose, uzogeza ryari kutagirira imbabazi Yerusalemu n’ibisagara vy’i Buyuda, ivyo warakiye kumara iyi myaka mirongo indwi yose?" Maze Uhoraho abwira amajambo meza kandi aremesha wa mumarayika yavugana nanje.
Nuko wa mumarayika yariko aravugana nanje ambwira ati: "Semerera ubu butumwa ubwire abantu bose uti: Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Ngize ipfuhe ku bwa Yerusalemu na Siyoni, kandi ndashavuriye cane amahanga yibereye mu mutekano no mu mahoro. Nari narashavuriye gatoya abantu banje, ariko ayo mahanga yabahaye igihano kirengeje.’
Nuko rero uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Nzohindukirira Yerusalemu mfise imbabazi, kandi aho ni ho Ingoro yanje izosubira kwubakwa. Kandi umugozi wo gupima uzosubira kugororwa i Yerusalemu,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
Semerera umenyeshe abantu uti: Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Ibisagara vyanje bizosubira kwuzura bisesekare ivyiza, kandi Uhoraho azosubira kuremesha Siyoni no gutoranya Yerusalemu.’ "
Maze ndavye hejuru, mbona imbere yanje amahembe ane. Mbaza wa mumarayika yariko aravugana nanje nti: "Ibi ni ibiki?"
Anyishura ati: "Ayo mahembe aserukira amahanga ane yashwiragije Abayuda n’Abisirayeli n’ab’i Yerusalemu."
Nuko Uhoraho anyereka abacuzi bane. Ndabaza nti: "Abo baje gukora iki?"
Aranyishura ati: "Wabonye ya mahembe ane ari yo mahanga yashwiragije Abayuda kugira ngo ntihagire uwuzokwongera kuvyura umutwe. Aba bacuzi bazanywe no gutera ubwoba ayo mahanga no guca ayo mahembe yayo yadugije ngo agwanye Abayuda no gusanzaza abantu baho."
Uwuhisha ivyaha vyiwe nta mahirwe agira,
ariko uwuvyatura akabiheba agirirwa ubuntu.
Nimuze mwumvirize ukwihaniza kwanje,
ndababwire ikiri ku mutima wanje,
maze ntume muba abanyabwenge.
Confissão e restauração
Se confessarmos, Ele é fiel e justo. Há alegria no céu por um pecador que se arrepende — o arrependimento abre o caminho da vida.
Imana ni iyo kwizigirwa kandi iragororotse. Iyo twatuye ivyaha vyacu, irabiduharira ikatweza ibibi vyose.
Ndababwire ukuri, no mw’ijuru haba umunezero mwinshi iyo umunyavyaha umwe yihanye gusumba uwo bagirira abagororotsi mirongo icenda n’icenda badakeneye kwihana.
Ni ko n’abamarayika b’Imana bagira umunezero iyo umunyavyaha umwe yihanye."
Mwegere Imana na yo izobegera. Yemwe banyavyaha, nimukarabe; namwe abatiyeguriye Imana mu mitima, nimwiyeze.