Publicidade

Autocontrole

Por Bíblia Online

O autocontrole é fruto do Espírito e virtude indispensável. A graça de Deus nos ensina a renunciar à impiedade e a viver com sobriedade, domínio próprio e piedade no mundo presente.

Fruto e virtude

O domínio próprio é fruto do Espírito. Acrescentai ao conhecimento o autocontrole. A disciplina interior produz maturidade.

Ariko ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ibi: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ingeso nziza, kugira neza, ubwizigirwa, ubugwaneza, n’ukwirinda. Ibi nta cagezwe kibibuza.

Kubera iyo mvo nyene, mugire umwete kugira ngo ku kwizera kwanyu mwongereko ingeso nziza, ku ngeso nziza mwongereko ubumenyi; ku bumenyi mwongereko ukwirinda; ku kwirinda mwongereko ugushishikara; ku gushishikara mwongereko kwubaha Imana; ku kwubaha Imana mwongereko kugiriranira igishika; kugiriranira igishika mukwongereko urukundo.

Ubuntu bw’Imana buzana agakiza bwarahishuwe ku bantu bose. Ni bwo butwigisha kwiyambura ukutubaha Imana n’ibihimbaro vy’isi, no kubaho tuganza ingeso zacu, tugororotse kandi twubaha Imana muri kino gihe,

Kuko Imana itaduhaye Mpwemu w’ubwoba, ariko yaduhaye Mpwemu w’ububasha, w’urukundo kandi wo kuganza ingeso zacu.

Ntoza indero umubiri wanje, nkawugira umuja wanje, kugira ngo maze kuvuga Ubutumwa Bwiza sinsange narushijwe mw’ihiganwa, nkabura impera.

Abaja mw’ihiganwa bose bagira imyiteguro ikomeye. Bayigira kugira bazoronke impera ihera, ariko twebwe tugira imyiteguro kugira tuzoronke impera ihoraho.

Nta kibagerageza cabashikiye kidashikira abandi. Kandi Imana ni iyo kwizigirwa, ntizobareka ngo mugeragezwe n’ivyo mudashobora kwihanganira. Mu gihe co kugeragezwa, izobacira inzira kugira ngo mushobore kuvyihanganira.

Dominar a si mesmo

Melhor é quem domina o seu espírito do que quem toma uma cidade. A cidade sem muros é quem não tem autocontrole.

Uwitonda aruta intwari ku rugamba,

kandi uwuganza ishavu ryiwe aruta uwigarurira igisagara.

Umuntu adashobora kwirinda ishavu

ameze nk’igisagara gifise inzitiro zasenyutse.

Igipfu cirata uburake bwaco,

ariko umunyabwenge arabuhwamika.

Ntukebereze i buryo canke i bubamfu,

urinde ibirenge vyawe vyoye gukurikira ikibi.

Igipfu cihutira kugaragaza ishavu ryaco,

ariko umunyamakenga yirengagiza igitutsi.

Ururimi rufise ububasha bwo kwica no gukiza,

kandi abakunda kuvuga bazorya ivyamwa vyarwo.

Ntimukigane inyifato n’imigenzo vy’isi ya kino gihe, ariko mureke Imana ibahindure rwose mu kubaha ukwiyumvira gushasha. Aho ni ho muzoshobora gutahura ivyo Imana ibagombako, kuko ni vyo vyiza, ni vyo biyihimbara kandi ni vyo bitunganye rwose.

Kwumva ijambo no kurishira mu ngiro

Bene Data bakundwa, mumenye iki: umuntu wese yihute kwumva, yitonde mu kuvuga, atebe kuraka,

Kuko mu ntambara yacu ntituriko tugwana n’abafise umubiri n’amaraso, ariko tugwana n’abatware babi, n’abafise ububasha b’ahantu tutabona, n’abanyabushobozi bo mw’isi y’umwijima hamwe rero n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru.

Ni co gituma tudakwiye kwifata nk’abandi basinziriye. Twame turi maso, twirinde akaborerwe.

Nagiraniye isezerano n’amaso yanje,

ryo kutazorabana ukwipfuza umwigeme.

Mwirinde kugira ngo ntimutakaze ico twakoreye, ahubwo mushishikare kugira ngo muze muhabwe impembo ikwiye.

Seja o primeiro
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-