Batismo
O batismo é mandamento de Jesus e proclamação pública de fé. É símbolo de morte para o pecado, sepultamento com Cristo e ressurreição para uma vida nova no Espírito.
O mandamento de Jesus
Ide e fazei discípulos, batizando-os em nome do Pai, do Filho e do Espírito Santo. O batismo é porta de entrada na comunidade cristã.
Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa: mubabatize mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera, mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi."
Maze Yesu arabegera, ababwira ati: "Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi. Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa: mubabatize mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera, mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi."
Maze Yesu ava i Galilaya aja kuri Yorodani ngo abatizwe na Yohana.
Uwizera wese akabatizwa azokizwa, ariko uwutizera azocirwa urubanza.
Arababwira ati: "Nimugende mw’isi yose, mubwire Ubutumwa Bwiza abaremwe bose. Uwizera wese akabatizwa azokizwa, ariko uwutizera azocirwa urubanza.
Muri ico gihe, Yesu ava i Nazareti mu ntara y’i Galilaya, aja ku ruzi Yorodani, abatizwa na Yohana. Akiva mu mazi, abona ijuru ryugurutse, Mpwemu Yera amuzako asa n’inuma.
Morrer e ressuscitar
Fomos sepultados com Cristo pelo batismo na morte para que andemos em novidade de vida. O batismo é renascimento pelo Espírito.
Mbega ntimuzi yuko twebwe ababatirijwe kuba umwe na Kristo Yesu, twafatanijwe na we no mu rupfu rwiwe? Ivyo bivuga ko twapfuye hanyuma tugahambanwa na we mu kubatizwa, kugira ngo, nk’uko yazuwe mu bapfuye n’ubushobozi bw’ubwiza bwa Data, abe ari ko natwe tubaho mu bugingo bushasha.
Mbega ntimuzi yuko twebwe ababatirijwe kuba umwe na Kristo Yesu, twafatanijwe na we no mu rupfu rwiwe?
Ntibikabe! Abapfuye ku caha twoba tukikibamwo dute? Mbega ntimuzi yuko twebwe ababatirijwe kuba umwe na Kristo Yesu, twafatanijwe na we no mu rupfu rwiwe? Ivyo bivuga ko twapfuye hanyuma tugahambanwa na we mu kubatizwa, kugira ngo, nk’uko yazuwe mu bapfuye n’ubushobozi bw’ubwiza bwa Data, abe ari ko natwe tubaho mu bugingo bushasha.
Kandi nimba twagizwe umwe na Kristo mu rupfu rwiwe, natwe tuzozurwa nk’uko na we yazuwe. Turazi neza ko kamere muntu ka kera, gakunda icaha kabambanywe na Kristo, kugira ngo inkomezi z’icaha zishire mu mibiri yacu, ntituze dusubire kuba abagurano b’icaha. Kuko iyo umuntu apfuye aba atandukanye no gukora ivyaha.
Kuko igihe mwabatizwa mwahambanywe na we hanyuma muzukana na we kugira ngo mubeho ubuzima bushasha mwaronse biciye mu kwizera ubushobozi bw’Imana, yamuzuye imukuye mu bapfuye.
Mwese muri abana b’Imana kubera kwizera Kristo Yesu, kuko ababatijwe muri Kristo mwese mwambaye Kristo.
Yesu aramwishura ati: "Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana atavyawe n’amazi na Mpwemu.
Yesu aramwishura ati: "Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana atavyawe n’amazi na Mpwemu.
yaradukijije, atari kubera twakoze ibigororotse, ariko kubera imbabazi zayo. Yadukijije mu kutwoza ivyaha vyacu biciye mu kuvuka ubwa kabiri, no mu buzima bushasha bwo muri Mpwemu Yera.
Kandi uwo mwuzure ni ishusho y’umubatizo, ubakiza namwe uno musi. Si mu buryo bwo kubakurako imvyiro zo ku mubiri, ahubwo ni mu buryo bwo kwitaba umuhamagaro w’Imana n’umutima ukeye. Ivyo bishoboka kuko Yesu Kristo yazutse mu bapfuye.
Batismo e Espírito
Arrependei-vos e cada um seja batizado. O batismo no Espírito Santo é poder para vida e testemunho.
Petero arabishura ati: "Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.
Petero arabishura ati: "Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.
Nuko abizeye ayo majambo ya Petero barabatizwa, abashika ibihumbi bitatu biyongera ku gitigiri c’abizera.
Ariko bamaze kwizera Ubutumwa Bwiza babwiwe na Filipo ku vyerekeye Ubwami bw’Imana n’izina rya Yesu Kristo, abagabo n’abagore benshi barabatizwa. Na Simoni na we arabatizwa, aca aguma akurikira Filipo aho yaja hose, atangarira ibimenyetso n’ibitangaza Filipo akora.
Bakiri mu nzira bagenda, bashika ahantu hari amazi, ya nkone iravuga iti: "Ko hano hari amazi, ni igiki combuza kubatizwa?"
[ Filipo aramwishura ati: "Niwaba wizeye n’umutima wawe wose, urashobora kubatizwa."
Na we arishura ati: "Ndizeye ko Yesu Kristo ari Umwana w’Imana."] Nuko aca ategeka ko bahagarika umukogote, barururuka baja mu mazi, Filipo aca aramubatiza. Bavuye mu mazi, Mpwemu w’Imana aca ajana Filipo, ya nkone ntiyasubira kumubona, ariko aca abandanya urugendo anezerewe cane.
"Mbega hari uwobuza aba bantu kubatizwa mu mazi, kandi baronse Mpwemu Yera nk’uko natwe twamuronse?" Nuko asaba ko bababatiza mw’Izina rya Yesu Kristo. Baca binginga Petero ngo amarane na bo imisi na mikeya.
"Mbega hari uwobuza aba bantu kubatizwa mu mazi, kandi baronse Mpwemu Yera nk’uko natwe twamuronse?"
Pawulo arababwira ati: "Umubatizo wa Yohana wari uwo kwihana. Yahamagarira abantu kwizera uwagira aze inyuma yiwe, uwo na we ni Yesu."
Bavyumvise, baca babatizwa mw’izina ry’Umwami Yesu. Pawulo abarambitseko ibiganza, Mpwemu Yera aca abazako, batangura kuvuga izindi ndimi no kuvugishwa n’Imana.
Bavyumvise, baca babatizwa mw’izina ry’Umwami Yesu.
Pawulo abarambitseko ibiganza, Mpwemu Yera aca abazako, batangura kuvuga izindi ndimi no kuvugishwa n’Imana.
None ni igiki kigutebeje? Va hasi ubatizwe, wambaze izina ryiwe, ubone kwozwa ivyaha vyawe.’
Yohana yabatiza mu mazi, ariko mu gihe gito, mwebwe muzobatizwa muri Mpwemu Yera."
Ariko mwebwe muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera niyabazako; maze muzonshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya n’i Samariya hose, no gushika ku mpera z’isi."
Bahejeje gusenga, aho bari bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, baca bigisha ijambo ry’Imana bashize amanga rwose.
Mu gihe abantu bose bariko barabatizwa, Yesu na we yabatijwe hamwe na bo. Ariko arasenga, ijuru riruguruka, Mpwemu Yera amanuka kuri we mw’ishusho y’inuma. Maze ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: "Uri umwana wanje nkunda akampimbara."
Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha Mpwemu Yera abamumusavye?"
Um batismo
Em um Espírito fomos todos batizados em um só corpo. O batismo é um só, assim como um só é o Senhor e uma só é a fé.
Twese twabatijwe na Mpwemu umwe mu mubiri umwe: Abayuda, Abagiriki, abagurano, n’abidegemvya, kandi twese twahawe Mpwemu umwe.
Twese twabatijwe na Mpwemu umwe mu mubiri umwe: Abayuda, Abagiriki, abagurano, n’abidegemvya, kandi twese twahawe Mpwemu umwe.
Mbega Kristo agabuwemwo ibice? Mbega Pawulo yarababambiwe? Mbega mwabatijwe mw’izina rya Pawulo? Ndashimira Imana ko ata n’umwe nabatije muri mwebwe kiretse Kirisipo na Gayo, nta n’umwe rero ashobora kuvuga ko yabatijwe mw’izina ryanje. (Egome narabatije n’abo mu muryago wa Setefana, ariko atari abo, sinibuka ko hari uwundi muntu n’umwe noba narabatije.) Kuko Kristo ntiyantumye kubatiza, ariko yantumye kuvuga Ubutumwa Bwiza, ntakoresheje amajambo y’ubwenge bw’abantu, kugira ngo simpindure ubusa ubushobozi bw’umusaraba wa Kristo.
Nanje ubwanje sinari ndamuzi, ariko uwantumye kubatiza mu mazi ni we yambwiye ati: ‘Uwo uzobona Mpwemu yururukirako akamugumako, ni we azobatiza abantu muri Mpwemu Yera.’
Nanje ubwanje sinari ndamuzi, ariko uwantumye kubatiza mu mazi ni we yambwiye ati: ‘Uwo uzobona Mpwemu yururukirako akamugumako, ni we azobatiza abantu muri Mpwemu Yera.’