Publicidade

Casa de Deus

Por Bíblia Online

A casa de Deus é lugar de adoração, refúgio e encontro com o Sagrado. A Bíblia exalta o tabernáculo, o templo e a igreja como morada do Altíssimo entre seu povo.

A presença de Deus

Quão amáveis são os teus tabernáculos! Uma coisa pedi ao Senhor: habitar na casa do Senhor todos os dias da minha vida.

Kumara umusi umwe mu birimba vyawe

biruta kumara imisi igihumbi ahandi;

nopfuma mba umurinzi w’irembo ry’inzu y’Imana yanje

hako mba mu mahema y’abanyakibi.

Ico nsaba Uhoraho ni kimwe,

kandi ni co conyene ndondera:

ni ukuba mu Ngoro yUhoraho

imisi yose yo kubaho kwanje,

ngo nihweze ubwiza bwUhoraho,

ndamurondera mu rusengero rwiwe.

Hahiriwe abantu utoranya

ukabiyegereza ngo babe mu rugo rw’Ingoro yawe.

Duhagijwe n’ivyiza vyo mu nzu yawe,

vyo mu Ngoro yawe yera.

Ni indirimbo yo mw’iduga. Ni iya Dawidi.

Naranezerewe igihe bambwira bati:

"Tuje mu nzu yUhoraho."

Ni ukuri ukugira neza kwawe n’urukundo rwawe bizonkurikirana

imisi yose y’ukubaho kwanje,

nanje nzoba mu Ngoro yUhoraho

ibihe vyose.

Ariko jeho ndi nk’igiti c’umwelayo

gishurikira mu nzu y’Imana;

nzokwizigira urukundo rw’Imana rudashira

ibihe vyose.

kuko ishaka mfitiye inzu yawe ryaka muri jewe nk’umuriro,

kandi ibitutsi vy’abagutuka vyaguye kuri jewe.

O templo

Minha casa será chamada casa de oração. O zelo da tua casa me consumiu. O verdadeiro templo é o corpo do cristão.

Yesu yinjira mu rusengero

Maze Yesu yinjira mu rusengero, yirukana abadandaza n’abariko barabagurira bose. Ahenagura imeza z’abavunja amahera hamwe n’intebe z’abadandaza inuma. Arababwira ati: "Handitswe ngo: Inzu yanje izoba iyo gusengeramwo, ariko mweho mwayihinduye ubwihisho bw’ibisuma!"

Yesu yirukana abadandariza mu rusengero

Imisi mikuru ya Pasika y’Abayuda yegereje, Yesu aduga i Yerusalemu. Ashitse mu rusengero, ahasanga abantu bariko baradandaza inka, intama n’inuma; n’abandi bicaye bariko baravunja amahera ku meza. Yesu atora imigozi arayitsiba imera nk’inkoni, yirukana abantu bose mu rusengero, asohora n’intama n’inka, asanzaza ibiceri vy’abavunja amahera, atembagariza n’imeza zabo hasi. Abariko baragurisha inuma arababwira ati: "Sohora ibi bintu! Reka guhindura inzu ya Data isoko!" Abigishwa biwe baca baribuka ijambo ryo mu Vyanditswe Vyera rivuga ngo: "Ishaka mfitiye inzu yawe ryaka muri jewe nk’umuriro."

Mbega ntimuzi ko imibiri yanyu ari insengero za Mpwemu Yera aba muri mwebwe, uwo mwahawe n’Imana? Erega ntimuciganza

bishitse ngateba, abantu babe baramenya uko bakwiye kwigenza mu nzu y’Imana, aho Ishengero ry’Imana nzima rikoranira. Ni ryo nkingi n’urufatiro bishigikiye ukuri.

Ariko Kristo ni umwizigirwa nk’Umwana yahawe kuganza inzu y’Imana. Kandi iyo nzu ni twebwe, niyo twagumya ugushira amanga n’ivyizigiro dufise muri Kristo.

Ba sogokuruza bacu bari bafise ihema ry’isezerano bagendana mu bugaragwa. Ryari ryubatswe nk’uko Imana yari yategetse Mose, hakurikijwe ishusho yari yeretswe. Bamaze guhabwa iryo hema, ba sogokuruza, barongowe na Yosuwa, baje barizanye igihe bafata iki gihugu, Imana imaze kucirukanamwo amahanga yakibamwo imbere yabo. Iryo hema ryagumye mu gihugu gushika mu gihe c’umwami Dawidi. Dawidi na we agirirwa ubuntu bwinshi n’Imana, bituma asaba kwubakira ihema Imana ya Yakobo. Ariko Salomo ni we yahavuye ayubakira inzu.

Yamara, Iyisumbavyose ntiba mu nzu zubatswe n’amaboko y’abantu, nk’uko uwavugishwa n’Imana yavuze ati:

Ijuru ni intebe yanje y’ubwami,

isi na yo ni indava y’ibirenge vyanje.

Canke mwonyubakira inzu nyabaki?

Ni ko Uhoraho abaza.

Canke ikibanza canje co kuruhukiramwo coba hehe?

Mbega ukuboko kwanje si kwo kwaremye ivyo vyose?

Urubanza n’ivyizigiro

Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Ijuru ni intebe yanje y’ubwami,

isi na yo ni indava y’ibirenge vyanje.

Mbega mwonyubakira inzu nyabaki?

Canke ikibanza canje co kuruhukiramwo coba hehe?

Mbega ukuboko kwanje si kwo kwaremye ivyo vyose

hanyuma bikabaho?"

ni ko Uhoraho abaza.

"Ariko abo ndaba ryiza

ni abicisha bugufi, bafise imitima imenetse,

kandi bahindira agashitsi ijambo ryanje.

Nuko Yakobo arikangura, avuga ati: "Ni ukuri Uhoraho ari hano hantu, kandi sinari ndabizi!" Maze afatwa n’ubwoba avuga ati: "Aha hantu hateye ubwoba! Mu vy’ukuri ni inzu y’Imana kandi ni irembo ry’ijuru!"

Seja o primeiro
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-