Coração quebrantado
Deus está perto dos que têm o coração quebrantado. A Bíblia consola os aflitos: o sacrifício que Deus aceita é o espírito quebrantado e um coração contrito — jamais desprezará.
Uhoraho ari hafi y’abafise imitima imenetse
kandi akiza abajanjaguritse imitima.
Ikimazi ngushikaniye, Mana, ni umutima umenetse;
umutima umenetse kandi ujanjaguritse
wewe, Mana, ntuzowukengera.
Akiza abafise imitima imenetse
agapfuka inguma zabo.
Umubiri wanje n’umutima wanje bishobora kugira intege nke,
ariko Imana ni yo nkomezi z’umutima wanje,
ni yo mugabane wanje ibihe bidashira.
Kuko uwushizwe hejuru cane, aravuze
uwuhoraho ibihe vyose, akitwa uwera:
avuze ati: "Mba hejuru, kandi hera,
ariko kandi mbana n’uwufise umutima umenetse,
yicishije bugufi,
kugira ngo mpembure imitima iciye bugufi,
n’imitima imenetse.
Mbega ukuboko kwanje si kwo kwaremye ivyo vyose
hanyuma bikabaho?"
ni ko Uhoraho abaza.
"Ariko abo ndaba ryiza
ni abicisha bugufi, bafise imitima imenetse,
kandi bahindira agashitsi ijambo ryanje.
Mpwemu w’Uhoraho Nyeninganji, ari kuri jewe,
kuko Uhoraho yansize amavuta
ngo mbwire aboro ubutumwa bwiza.
Yantumye kwunga imitima isanzaye,
kumenyesha inyagano ko zibohowe,
no guha imbohe umwidegemvyo.
Yantumye kumenyesha umwaka wo kugirirwa ubuntu n’Uhoraho,
n’umusi wo kwihora kw’Imana yacu,
no kuremesha abagandaye bose,
nshirireho no kuri abo b’i Siyoni bagandaye,
urugori rw’ubwiza
mu gishingo c’iminyota,
amavuta y’akanyamuneza
mu gishingo c’ikigandaro,
n’umwambaro w’amashimwe
mu gishingo c’umutima wihebuye.
Bazokwitwa igiti c’ukugororoka,
catewe n’Uhoraho,
ngo cerekane ubwiza bwiwe.
"Hahiriwe abumva ko bakenye mu buryo bw’impwemu,
kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.
Hahiriwe abarira,
kuko ari bo bazohozwa.
Hahiriwe abaciye bugufi,
kuko bazoragwa isi.
Umubabaro uvuye ku Mana utera ukwihana, ukwihana na kwo gushikana ku gakiza, kandi ntutera ukwicuza. Ariko umubabaro wo muri iyi si ujana mu rupfu. Nimurabe ico uwo mubabaro uvuye ku Mana wakoze muri mwebwe: wabateye umwete mwinshi, ishaka ryinshi ryo kugaragaza ko ata co mwagirizwa, kubabazwa n’akarenganyo, gutinya, inkumbu, ishaka, umwitwaririko wo kubona icaha gihanwa. Muri ivyo vyose mwarerekanye ko mwejejwe.
ariko anyishura ati: "Ubuntu bwanje buraguhaje, kuko ubushobozi bwanje bukorera muri wewe cane iyo uri mu ntege nke." Ivyo ni vyo bituma nirata cane intege nke zanje, kugira ngo ubushobozi bwa Kristo bugume kuri jewe.